Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibisigarira vy’abantu birenga 250 vyazuwe ahahoze isoko ya Kamenge vyarerekanywe n’umurwi CVR

mafafaUmurwi w’igihugu ushinzwe gutohoza ukuri no kunywanisha  Abarundi  CVR waruguruye imiryango ku bantu bose bipfuza kumenya no  kuraba ivyavuye mu gikorwa c’uyo murwi co kuzura ibisigarira vy’abantu bahambwe mu buryo bunyuranye n’imico n’imigenzo y’abarundi yo gushingurana iteka umuntu yitavye Imana. Ico gikorwa cabereye ahahoze isoko ya  Kamenge ku wa 13 Nzero 2020, aho abantu batari bake baba muri yo micungararo, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abandi bari baje kwirabira ahegeranirijwe ivyo bisigarira vy’abahambwe  muri ico kibanza.Umurwi w’igihugu ushinzwe gutohoza ukuri no kunywanisha  Abarundi  CVR waruguruye imiryango ku bantu bose bipfuza kumenya no  kuraba ivyavuye mu gikorwa c’uyo murwi co kuzura ibisigarira vy’abantu bahambwe mu buryo bunyuranye n’imico n’imigenzo y’abarundi yo gushingurana iteka umuntu yitavye Imana. Ico gikorwa cabereye ahahoze isoko ya  Kamenge ku wa 13 Nzero 2020, aho abantu batari bake baba muri yo micungararo, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abandi bari baje kwirabira ahegeranirijwe ivyo bisigarira vy’abahambwe  muri ico kibanza.Nkuko icegera c’uwurongoye umurwi CVR,Clément Noah Ninziza yabimenyesheje, ngo ico kibanza nticari kizwi mu bibanza vyari bigenewe guhambwamwo abantu ariko cabayeho bitumwe n’intambara yo kuva mu mwaka w’1993 yabaye mu Burundi aho abantu bo muri iyo micungararo bahahamba ababo baba abahitanywe n’urwimo canke abahitanywe n’urw’akarago. Ibisigarira vy’abantu bari hagati ya 250 na 270 nivyo vyazuwe n’abakozi w’umurwi CVR muri ico kibanza aho harimwo abahambwa mu kivunga mu kinogo kimwe abandi umwe umwe. Ibikoresho bitari bike imipanga, imbugita, ibipawa n’ibindi vyaratowe muri ico kibanza vyerekana ko arivyo vyakoreshejwe mu kwica abo bantu. Ivyambarwa, ibirato, amasaha, amakarata ndangamuntu, ibirato vy’abakuze n’ivy’abana vyaratowe aho hantu biboneka ko abakuze n’abato bahambwe muri ico kibanza. Ninziza yaramenyesheje ko ivyo bisigarira bigiye  gushingurwa neza mu kurindira ko uyo murwi CVR ufadikanije n’abajejwe intwaro n’abanyagihugu bazobihambana iteka. Abanyagihugu batari bake b’aho muri zone Kamenge batashimye kwivuga amazina barakengurutse ico gikorwa c’uwo murwi CVR c’ukureka abanyagihugu ngo binjire kwirabira ibisigigarira vy’abahambwe aho hantu n’igikorwa kizotunganywa c’ukubihambana iteka.  
Donathe Ndayisenga(Uwimenyereza)

Ouvrir