Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ababuze mu makuba yagiye arashikira Uburundi barakeneye kurira, kugandara no kuganduka ku babo bishwe

ndayicariyeUmurwi ushinzwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi CVR waramenyesheje Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka  ivyo waranguye mu mwaka w’2019. Kabaye akanya ko kwerekana ivyo watohoje mu gihugu kugira abo bavyeretse barabe ko arivyo bavyunganire canke bafashe kubitosora. Ico cegeranyo kikaba cashikirijwe n’uwurongoye uwo  murwi Pierre Claver Ndayicariye mu ngoro y’Inama Nshingamataka mu Kigobe  ku wa 14 Nzero 2019.  Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje ko umurwi CVR  watohoje ivyo wagiye kwerekana bimwe vyavuye mu barundi baje bagana uwo mugwi kugira bikure umuzigo ubaremereye kuva kera bimwe bita “dépositions”. Harimwo abagendesha vya biduga bishinzwe gusomba ibiziga bibasesa mu binogo,baracariho, bamwe muri bo baramaze kuganira n’umugwi CVR kugira bazosezere isi baruhutse mu mutima. Ayandi makuru CVR yayatohoje mu gihugu hagati isanze  abanyagihugu iwabo vyitwa “Auditions”. Ibindi vyatosowe bivuye mu nyandiko zasizwe n’abari batanguye muri uyo murwi igihe babisikanya. 

Pierre Claver Ndayicariye yabandanije amenyesha ko CVR ishaka ko hoba ibiganiro n’integuro ibereye yofasha vuba gushingurana iteka ibisigarira bibitswe muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba, muri zone Makamba  ya komine Rusaka mu ntara ya Mwaro, abo bantu bakaba bishwe mu rwimo rw’1972 , ibiri muri zone kivyuka komine Musigati intara ya Bubanza abo bantu bishwe kw’igenekerezo rya 3 Rusama 1996. Amatohoza ya CVR  ku bwicanyi bwabereye muri kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga n’ikigo c’Izege akaba akibandanya kuko biracari mu ntango. Ibinogo  vyatawemwo abantu umugwi CVR uheruka gukorerako mu Gitaza, muri komine Muhuta, mu ntara ya Rumonge  ni ibinogo vy’abantu bishwe mu 1972. Ivyo mu ruzi  Ndurumu, komine Marangara, mu ntara ya Ngozi  vyatawemwo abishwe mu 1993 n’imyaka yakurikiye, ikurikirana n’igandagurwa ry’Umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye. Ku vyerekeye ibinogo vyatawemwo abishwe, CVR imaze gushika mu ntara zose yarabimenyesheje muri ico cegeranyo c’ivyakozwe mu mwaka w’2019. Mu gisagara ca Bujumbura hamenyekanye ibinogo74, mu ntara ya Ngozi ibinogo 337, Karusi hakaba hamaze kumenyekana ibinogo 91,mu ntara ya Mwaro 181. Ivyo binogo rusangi vyarasanzwe kandi mu ntara ya Muramvya ibinogo 315, mu Ruyigi ibinogo133, Rumonge   396, i Bururi  88; mu ntara ya Makamba 207. Ivyo bibanza vyahambwemwo abantu benshi bikaba kandi vyaramenyekanye mu ntara za Cibitoke 345; Bubanza 240; Kayanza 322, Kirundo 200; Rutana 119;Gitega 640, Muyinga 184, Cankuzo 41 hamwe n’intara ya Bujumbura batoye ibinogo 250. Pierre Claver Ndayicariye yabandanije amenyesha ko ibikorwa biri mu rutonde rw’umwaka w’2019-2020, vyose bitarakorwa kuko uburyo bwo kurangura imirimo imwe imwe butabonetse nk’uko babusaba muri Reta.Izindi ntambamyi uwo murwi CVR wahuye nazo n’uko abakozi buwo murwi bataronswa uko baja kwiga  kugira bashobore kurahura ubwenge,  bamenye uko abandi babikora; abakozi badakwiye, ikibanza co kwakiriramwo ababituye  kuko bisaba inzu nini.Mu butumwa igihugu cashinze umugwi CVR, harimwo guterera ivyiyumviro bijanye no gushumbusha abahohotewe,abatwawe n’akabonge n’amaganya kubera biciwe ababo,bakwongera bakanyarwa ivyabo  gutanga intumbero y’ikibazo co kunywanisha abarundi, ivyerekeye ivyohinduka, kubika ivyanditswe n’ibiranga amakuba yabaye n’ingene hokurikizwa canke hakaja mu ngiro ivyashikirijwe n’imurwi CVR harimwo no guha akanya ko kugandara, kurira  no kuganduka kubo babuze. Ivyo bikorwa rero ngo ni vyinshi cane bisaba ko Abarundi baterera kugira bishoboke.Pierre Claver Ndayicariye yarasavye abashingamateka n’abakeguzamateka uburyo bwo kwiyunguruza ku bakozi bafasha ubwo butumwa kuko uwo murwi uri ku rugamba rw’amahoro n’iterambere, uburyo bw’ubuhinga  n’ivyuma nyabwonko vyorosha kwegeranya inyandiko nyinshi. Ikindi ni kuronsa akaruhuko k’abakozi b’uwo murwi kandi bakakagirira ahatekanye kugira birinde ihahamuka kubera ivyo baba babwiwe canke babonye hamwe n’amafaranga yo gutororokanya mu gihugu cose abantu bishwe mu bihe Uburundi bwagiye baracamwo vy’urwimo. Pierre Claver Ndayicariye yasozereye amenyesha ko muri uwo murwi biteguriye umwaka w’2020 kuko hazoba ibikorwa bihambaye mu gihugu, uko bazokora batinjiriye abariko bararondera amajwi.

Anitha Bizimana

Ouvrir