Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaratunganije umugambi w’imyaka 5 wisunga umugambi w’igihugu PND

DSC07716Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida bwaratunganije umugambi w’imyaka itanu mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi w’igihugu w’iterambere w’imyaka cumi wo kuva mu 2018 gushika mu 2027 PND. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wajejwe amagara y’abantu no kurwanya Sida Thaddee Ndikumana ku wa 17 Nzero 2020 igihe yariko ashikiriza ibikubikuru vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu kiringo c’amezi 6 aheze. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida bwaratunganije umugambi w’imyaka itanu mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi w’igihugu w’iterambere w’imyaka cumi wo kuva mu 2018 gushika mu 2027 PND. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wajejwe amagara y’abantu no kurwanya Sida Thaddee Ndikumana ku wa 17 Nzero 2020 igihe yariko ashikiriza ibikubikuru vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu kiringo c’amezi 6 aheze. Yamenyesheje ko ubwo bushikiranganji bwatsimabataje ibijanye n’intwaro ibereye. Ubwo bushikiranganji bukaba bugirisha inama uko indwi itanguye mu ntumbero yo gutunganya ibirangurwa muri burindwi. Baragendeye ibitaro vya Reta n’ivy’abikorera ivyabo kugira babahimirize kwakira neza abarwayi bongere batunganye neza itunga rusangi ry’ibitaro. Arashima kubona abarwayi basigaye bakirwa neza mu bitaro no mu mavuriro. Ku bijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo ngo ubushikiranganji bwaratunganije isekeza ryo gupima indwara ya kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko ku bakenyezi burongera buratanga inyigisho ku rwaruka rwari mu buruhuko ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.  Ku vyerekeye gukinga indwara z’ibiza nka Ebola, umushikiranganji Thaddee Ndikumana yamenyesheje ko mu bushikiranganji arongoye babandanije basuzuma ingenzi zose zinjira mu gihugu na cane cane abavuye mu gihugu kibanyi ca Kongo iharanira Demokarasi (RDC), kandi hubatswe ibibanza 22 ku mipaka vyo gupima abantu binjira mu Burundi, mbere hakaba harubatswe n’ikigo ku Mudubugu gikwije amategeko yo kuvura uwo wese bosanga afise iyo ndwara ya Ebola. Thaddee Ndikumana yaramenyesheje ko abaforoma n’abakozi bo mu burere bw’ubuvuzi 21 buriko imihora yinjira mu gihugu baronkejwe ibikoresho vyo kwikingira iyo bariko barapima ubushuhe ingenzi. Ikiza ca kolera naco cari cateye mu karere ko mu kiyaya c’Imbo ngo caratujijwe kuko haheze iminsi 21 ata muntu babonye ayirwaye. Thaddee Ndikumana avuga ko hapfuye abantu 5 ku bantu 1095 bavuwe. Ubu rero bakaba baratangaje icese ko ikiza ca kolera cateye mu Burundi muri Ruheshi 2019 carangiye. Ku bijanye na malariya mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu baratanze imisegetera ku miryango ishika 6.900.000. Akaba yarahumurije imiryango yo mu karere k’ubuvuzi ko mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura igiye kuronswa vuba iyo misegetera kuko barindiriye iyasigaye bari barungitse ku batari baronse misegetera nabo nyene. Ku vyerekeye kurwanya Sida ngo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu baratunganije ikoraniro ryo guhimiriza abarongoye intwaro, amagara y’abantu n’abajejwe amadini ku bibazo vyo kurandurana n’imizi umugera wa Sida. Ivyo bakaba babitunganije bafadikanije n’Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza. Baratunganije kandi ikiganiro aho Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yishuye ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje terefone bishingiye kw’irondoka rijanye n’amagara meza. Babandanije kandi bavura ku buntu abarwaye igituntu n’imibembe. Ku vyerekeye indwara zidakira, izimara igihe kirekire harimwo n’izandukira babandanije bahimiriza ibitaro n’amavuriro y’abikorera ivyabo gutunganiriza abashaka kwipimisha izo ndwara.   Aho akavuga nka kanseri, indwara y’ivuduka ry’umurindi w’amaraso, igisukari n’ibindi. Amavuriro 350 yararonkejwe ivyuma bikanyisha bikoreshwa n’imishwarara y’izuba vyo gushingura incanco. Mu vyimirije kurangurwa, umushikiranganji Thaddée Ndikumana yamenyesheje ko bazobandanya bacungera ikiza ca Ebola, batanga n’ibikoresho bifasha abaremeshakiyago. Bazobandanya kandi basanga ku kivi abakora mu bitaro vy’uburere bw’ubuvuzi no mu mavuriro matomato.

Epitace Nduwayo

Ouvrir