Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ivyaranguwe n’ ubushikiranganji bujejwe imigabo n’imigambi ry’umuryango wa EAC birashimishije

ISA01Kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2020, umushikiranganji mu biro vy’Umukuru w’igihugu ajewe imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko EAC, Isabelle Ndahayo yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru  kugira amenyeshe ivyaranguwe mu bushikiranganji arongoye kuva  ku wa 1 Mukakaro  gushika ku wa 31 kigarama 2019. Ndahayo yamenyesheje ko ashima ivyaranguwe muri ayo mezi atandatu aheze. Amenyesha ko  hatunganijwe inganda zo guhanahana amakuru n’ivyiyumviro ku bijanye n’imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko, hongera hatunganywa inama zo gutororokanya intererano z’abanyagihugu ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’imigabo n’imigambi itanduganye y’umuryango wa EAC. Umushikiranganji Ndahayo akaba yaragirishije inama abakozi arongoye. Vyongeye mu bushikiranganji haratejwe imbere ibikorwa vyo gutorokanya ibiharuro bijanye n’ibirangurwa muri ico gisata. Harahimbajwe kandi isabukuru rigira 20 ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko rimaze rigiyeho ku civugo: «Bene ishirahamwe basangiye gupfa no gukira ». Umushikiranganji Isabelle Ndahayo avuga ko ingorane ihari ari uko ubushikiranganji  bujewe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe EAC bukurikirana ibikorwa  bishirwa mu ngiro n’izindi nzego. Kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2020, umushikiranganji mu biro vy’Umukuru w’igihugu ajewe imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko EAC, Isabelle Ndahayo yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru  kugira amenyeshe ivyaranguwe mu bushikiranganji arongoye kuva  ku wa 1 Mukakaro  gushika ku wa 31 kigarama 2019. Ndahayo yamenyesheje ko ashima ivyaranguwe muri ayo mezi atandatu aheze. Amenyesha ko  hatunganijwe inganda zo guhanahana amakuru n’ivyiyumviro ku bijanye n’imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko, hongera hatunganywa inama zo gutororokanya intererano z’abanyagihugu ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’imigabo n’imigambi itanduganye y’umuryango wa EAC. Umushikiranganji Ndahayo akaba yaragirishije inama abakozi arongoye. Vyongeye mu bushikiranganji haratejwe imbere ibikorwa vyo gutorokanya ibiharuro bijanye n’ibirangurwa muri ico gisata. Harahimbajwe kandi isabukuru rigira 20 ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko rimaze rigiyeho ku civugo: «Bene ishirahamwe basangiye gupfa no gukira ». Umushikiranganji Isabelle Ndahayo avuga ko ingorane ihari ari uko ubushikiranganji  bujewe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe EAC bukurikirana ibikorwa  bishirwa mu ngiro n’izindi nzego. Ivyo bigatuma haba ukwikwega kw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi iba itegekanijwe. Ngo hariho kandi ukwikwega  mu bijanye no kuroranisha amategeko.

Aline Kanyana

Ouvrir