Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi yaremeye ko igihugu ciwe kigiye gushigikira iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta “PPB”

DSC 0082Igihugu ca Misiri ngo kizobandanya gifasha Ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’Ibinyamakuru vya Reta “PPB”. Ivyo vyashikirijwe n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, ambasaderi Abeer Bassiouny Radwan, igihe yagendera ubwo buyobozi bukuru mu ntumbero yo kwirabira ingene imirimo yaho itunganijwe, hari kw’igenekerezo rya 9 Nzero 2020.Igihugu ca Misiri ngo kizobandanya gifasha Ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’Ibinyamakuru vya Reta “PPB”. Ivyo vyashikirijwe n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, ambasaderi Abeer Bassiouny Radwan, igihe yagendera ubwo buyobozi bukuru mu ntumbero yo kwirabira ingene imirimo yaho itunganijwe, hari kw’igenekerezo rya 9 Nzero 2020.Ku bwa Ambassaderi Abeer Bassiouny Radwan, iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta ni igisata ngirakamaro ku gihugu c’Uburundi kuko abanditsi baho bahamagarirwa gutohoza, kwandika no kubika amakuru yanditswe ku buzima bw’igihugu mu bisata vyaco vyose. Ivyo bikazofasha n’abakiri bato kumenya kahise k’igihugu. Muri urwo rugendo akaba yaratanze akaganuke yari yaje yibangikanije kagizwe n’ibitabu vyo gusoma bigenewe igisata c’ububiko bw’ivyandikwa no kurahuriramwo ubwenge “Documentation”.Inyuma yo kugendura ibisata vyose bigize ubwo buyobozi bukuru, Ambassaderi Ambasaderi  Abeer Bassiouny Radwan yamenyesheje ko urwo rugendo rwamubereye akaryo keza ko kumenya aho ubwo Buyobozi Bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta bukorera n’ingene imirimo yabwo itunganijwe, imigambi butegekanya muri kazoza n’intambamyi bufise mu bikorwa vya minsi yose. Yarashimye ibikorwa biharangurirwa, cane cane ko amakuru asohoka ku gihe kandi ivyanditswe bishingurwa, bigasomwa n’abashakashatsi. Yarakeje kandi yongera aratera intege abakozi baho ku kuntu bitanga mu buryo buke bafise, ariko akazi kakagenda neza. Yarangije yemeye ko azoshikiriza igihugu ciwe uko yasanze vyifashe, kandi ko azofasha kugira ico gihugu gishigikire Ubuyobozi Bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta mu vyo yumvise bukeneye gusumba ibindi.Kw’izina ry’Ubuyobozi Bukuru n’iry’abakozi bose, umuyobozi mukuru w’imfatakibanza Longin NIYONKURU yarashimiye uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi kur’urwo rugendo. Yamenyesheje ko uwo mushitsi baganiriye ku vyerekeye itunganywa y’imirimo mu buyobozi bukuru, aranamwereka ibisata bikeneye gushigikirwa na cane cane ibikoresho bifata amafoto, imashini nyabwonko, gukarihiriza ubwenge abakozi, gushingura ivyandikwa ku buhinga ngurukanabumenyi, kunagura urubuga ngurukanabumenyi hamwe no kugura ibikoresho nkenerwa vyotuma ubuyobozi bukuru bwisohorera ibinyamakuru “Imprimerie”,  kubisohorera ku bikorera utwabo bigahagarara kuko bitwara uburyo bwinshi.    Longin NIYONKURU yarangije ashimira Ambasaderi Abeer Bassiouny Radwan ku kaganuke yatanze, n’uko yemeye kuzofasha kugira ngo igihugu ciwe gishigikire ubuyobozi bukuru, akaba mbere yatanze n’intumbero yokwisungwa kugira haboneke n’abandi boterera kugira ibikorwa bigende neza. 
Donathe Ndayisenga(yimenyereza)

Ouvrir