Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa birabandanya gutsimbataza imigenderanire myiza

IMG 20200112 163926Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubushinwa irabandanya gutsimbatara. Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 12 Nzero 2020,  umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wo mu gihugu c’Ubushinwa, Wang Yi yagize urugendo mu Burundi. Umushikiranganji Wang Yi akaba yarakiriwe n’Icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu, Joseph Butore hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Ezechiel Nibigira, bagiriraniye inama yagutse yo gukomeza ubucuti hagati y’Uburundi n’Ubushinwa. Mu kiganiro yatanze, Wang Yi yamenyesheje ko ashima intambwe Uburundi bugezeko mu bijanye no gutsimbataza amahoro n’umutekano. Yabandanije amenyesha ko igihugu c’Ubushinwa gishigikiye igihugu c’Uburundi kukungene kirwanira ubwigenge bwaco. Ngo igihugu c’Ubushinwa kirashima kandi intambwe Uburundi bugezeko mu bijanye n’ubutunzi no kubaho neza kw’abanyagihugu. Wang Yi yamenyesheje kandi ko Uburundi n’Ubushinwa ari ibihugu bigenzi, ko kubw’ivyo bitegerezwa gushigikirana. Umushikiranganji Ezechiel Nibigira nawe yaramenyesheje ko Uburundi bushigikiye igihugu c’Ubushinwa ku ngingo cafashe yo guhagarika  imidugararo iri i Hong Kong. Yabandanije amenyesha ko Uburundi bushigikiye kandi Reta y’Ubushinwa ku ntambwe yagize mu bijanye no kurwanya imirwi y’iterabwoba iri mu ntara yigenga y’i Xinjiang. Nibigira yamenyesheje ko urugendo rw’umushikiranganji Wang Yi rwabaye akaryo ko kuronka inyishu nziza  ku migambi iza imbere igihugu c’Uburundi cari carasavye Ubushinwa ko bwotereramwo agacumu k’Ubumwe. Ngo igihugu c’Ubushinwa caremeye kuzofasha gusubiramwo ikibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye. Ubushinwa ngo buzofasha kwubaka ibiro bishasha bizokoreramwo ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu kandi hakaba hagiye kurungikwa umurwi w’abahinga uza kugira ivyigwa bijanye n’iyo nyubako.

Aline Kanyana na Christine Manirambona

Ouvrir