Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Poritike yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu yisunze umugambi w’igihugu w’iterambere yaremejwe

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibiri muri wa mugambi w’igihugu w’iterambere uzomara imyaka 10 (2018-2027), ibisata bitandukanye vyarategekanije ibizokorwa muri ico kiringo. Ni muri iyo ntumbero ikinyamakuru UBUMWE cegereye umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu no gutunganya intwaro n’inzego z’igihugu, Pontien Hatungimana kugira amenyeshe ivyategekanijwe mu bushikiranganji arimwo. Hatungimana yamenyesheje ko kuva uwo mugambi ugiyeho, ubushikiranganji bujejwe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bukorana n’amakomine cane cane mu kuyaherekeza mu gutegura imigambi y’iterambere, bwihutiye gusubiramwo ibitabu birimwo imigambi y’iterambere y’amakomine  PCDC kugira amakomine ategure imigambi yisunze umugambi  w’igihugu  w’iterambere uzomara imyaka 10.

Yabandanije amenyesha ko mu bushikiranganji haheruka kwemezwa poritike nshansha yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu yanditswe hisunzwe umugambi w’igihugu w’iterambere, akaba arico gikoresho bazokwisunga. Muri   iyo poritike, ngo haranditswe ukungene imigambi izoshirwa mu ngiro, bongera  barashiramwo integuro y’ibikorwa bizotunganywa mu myaka itanu ya mbere. Ngo muri iyo poritike hategekanijwe gushiraho amategeko ajanye no kwegereza ubutegetsi. Hatungimana yamenyesheje ko hazoba itunganywa rishasha ry’amakomine. Musitanteri ngo azofashwa n’umunyamabanga wa komine. Ngo hazoshirwaho abayobozi  mu makomine bazoba bashizweho gutunganya ibisata vyahora bikorwa na Reta muri wa mugambi wo guha ubushobozi bwahorana Reta amakomine. Ngo imitumba ya rusansuma yose izoba ifise abayiserukira mu nama ya komine. Ngo hategekanijwe kuzamura igisata mpuzabushikiranganji kijejwe guhagararira ibikorwa vyo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu kugira gikore ico kijejwe congere kigire ico kivuze iyo habaye ukuzazanirwa mu bijanye no gushira mu ngiro amategeko. Ibisata bijanye n’iterambere ry’amakomine vyose, ngo bizohindurwa bitwarirwe mu bushikiranganji bujewe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu. Ngo bazotegura amakomine kugira ashobore kugira ubushobozi bwo kurangura ivyahora birangurirwa muri Reta.  Hazoba gukarihiriza ubwenge  abakozi ba komine mu bijanye no gufasha ababitura no guteza imbere amakomine. Ukwigenga kw’amakomine mu kwitoreza amakori n’amatagisi, ngo bituma komine ironka uburyo bwo kwitunganiza imigambi yashizwe imbere. Ngo bazoshiraho amategeko agenga amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura kugira ashobore kwigenga. Ngo hazokorwa icigwa gitandukanya amatagisi n’amakori yagenewe Reta n’ayagenewe amakomine.Mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibiri muri wa mugambi w’igihugu w’iterambere uzomara imyaka 10 (2018-2027), ibisata bitandukanye vyarategekanije ibizokorwa muri ico kiringo. Ni muri iyo ntumbero ikinyamakuru UBUMWE cegereye umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu no gutunganya intwaro n’inzego z’igihugu, Pontien Hatungimana kugira amenyeshe ivyategekanijwe mu bushikiranganji arimwo. Hatungimana yamenyesheje ko kuva uwo mugambi ugiyeho, ubushikiranganji bujejwe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bukorana n’amakomine cane cane mu kuyaherekeza mu gutegura imigambi y’iterambere, bwihutiye gusubiramwo ibitabu birimwo imigambi y’iterambere y’amakomine  PCDC kugira amakomine ategure imigambi yisunze umugambi  w’igihugu  w’iterambere uzomara imyaka 10. Yabandanije amenyesha ko mu bushikiranganji haheruka kwemezwa poritike nshansha yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu yanditswe hisunzwe umugambi w’igihugu w’iterambere, akaba arico gikoresho bazokwisunga. Muri   iyo poritike, ngo haranditswe ukungene imigambi izoshirwa mu ngiro, bongera  barashiramwo integuro y’ibikorwa bizotunganywa mu myaka itanu ya mbere. Ngo muri iyo poritike hategekanijwe gushiraho amategeko ajanye no kwegereza ubutegetsi. Hatungimana yamenyesheje ko hazoba itunganywa rishasha ry’amakomine. Musitanteri ngo azofashwa n’umunyamabanga wa komine. Ngo hazoshirwaho abayobozi  mu makomine bazoba bashizweho gutunganya ibisata vyahora bikorwa na Reta muri wa mugambi wo guha ubushobozi bwahorana Reta amakomine. Ngo imitumba ya rusansuma yose izoba ifise abayiserukira mu nama ya komine. Ngo hategekanijwe kuzamura igisata mpuzabushikiranganji kijejwe guhagararira ibikorwa vyo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu kugira gikore ico kijejwe congere kigire ico kivuze iyo habaye ukuzazanirwa mu bijanye no gushira mu ngiro amategeko. Ibisata bijanye n’iterambere ry’amakomine vyose, ngo bizohindurwa bitwarirwe mu bushikiranganji bujewe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu. Ngo bazotegura amakomine kugira ashobore kugira ubushobozi bwo kurangura ivyahora birangurirwa muri Reta.  Hazoba gukarihiriza ubwenge  abakozi ba komine mu bijanye no gufasha ababitura no guteza imbere amakomine. Ukwigenga kw’amakomine mu kwitoreza amakori n’amatagisi, ngo bituma komine ironka uburyo bwo kwitunganiza imigambi yashizwe imbere. Ngo bazoshiraho amategeko agenga amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura kugira ashobore kwigenga. Ngo hazokorwa icigwa gitandukanya amatagisi n’amakori yagenewe Reta n’ayagenewe amakomine.

Aline Kanyana

Ouvrir