Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu birashimishije, bukaba bwihaye amanota 98,3 kw’ijana

bahatUmushikiranganji w’agateka ka zina muntu no  gufatana mu nda, Martin Nivyabandi  amenyesha ko ibikorwa ubwo bushikiranganji aramutswa bwaranguye bishimishije ari naco gituma bwaronse amanota 98,3 kw’ijana. Ivyo yabishikirije kw’igenekerezo rya 9 Nzero 2020 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, inyuma y’inama yari ihejeje guhuza abakozi b’ubwo bushikiranganji mu ntumbero  yo gusuzuma ivyaranguwe mu kiringo c’amezi atandatu aheze ,ni ukuvuga kuva  muri Mukakaro gushika muri Kigarama umwaka uheze w’ 2019.Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu no  gufatana mu nda, Martin Nivyabandi  amenyesha ko ibikorwa ubwo bushikiranganji aramutswa bwaranguye bishimishije ari naco gituma bwaronse amanota 98,3 kw’ijana. Ivyo yabishikirije kw’igenekerezo rya 9 Nzero 2020 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, inyuma y’inama yari ihejeje guhuza abakozi b’ubwo bushikiranganji mu ntumbero  yo gusuzuma ivyaranguwe mu kiringo c’amezi atandatu aheze ,ni ukuvuga kuva  muri Mukakaro gushika muri Kigarama umwaka uheze w’ 2019.Mu cigwa cashikirijwe na Salvator Ndayegamiye ajejwe gutunganya imigambi, kuyikurikirana no gusuzuma ivyaranguwe yemeza ko ata gisata na kimwe c’ubwo bushikiranganji caronse amanota ari musi ya 90 kw’ijana.

Ikindi ngo n’uko ibisata vyose vy’ubwo bushikiranganji vyateye bija imbere nk’umuzinga umuntu agereranije n’imbere yaho. Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji, ngo ivyo vyatumwe n’ukuntu abakozi n’abakoresha bakorana neza hamwe n’uko ubwo bushikiranganji bwihaye intumbero yo gusuzuma ivyaranguwe ku ndwi ku ndwi, mu kiringo c’ukwezi hamwe n’uko amezi atatu hamwe n’atandatu arangiye.Umushikiranganji Martin Nivyabandi yaramenyesheje kandi ko naho ivyaranguwe bishimishije, intambamyi zitabuze.Mu ntambamyi ubwo bushikiranganji bufise hakaba harimwo iyo uburyo buke canke buteba kuboneka, iyo ibisata vyabwo bidafise ubuhinga bwa none bwa interInete hamwe n’imigambi imwe imwe ubwo bushikiranganji bwariko burakora ariko abatanga uburyo bakaba barakuyemwo akarenge. N’ubwo biri uko, Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu yararemesheje ko izo ntambamyi zizogenda ziratorerwa umuti kandi ko ubwo bushikiranganji bwihaye intumbero yo gukora bigashimwa bakoresheje uburyo baba bafise.Ku kibazo c’abahuye n’ibiza, umushikiranganji Nivyabandi yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yagarukiye ku bahuye n’ibiza mbere akaba yaboneyeho n’akaryo ko gushimira abarundi ku mutima wo gufashanya ubaranga. Ivyo yabivuze yisunze ukuntu abanyagihugu bo mu ntara za Kirundo na Muyinga bamaze kwegeranya intererano bakaba bamaze no kuzishikiriza abahuye n’imyuzurira mu ntara ya Cibitoke. Yarashimiye kandi urwaruka rwo mu ntara ya Cibitoke mu butandukane bwabo bariko bafasha kuduza impome z’amazu yabomowe n’ibiza biheruka guhitana abantu n’ibintu muri iyo ntara, Reta nayo ikaba yiteguye kubaha ibisakazo. Abanyagihugu bo ku Winterekwa no ku Buterere bahuye n’imyuzurira ngo nabo nyene bariko barafashwa bafashijwemwo n’amashirahamwe ya Croix-Rouge na OIM.Ikindi kibazo cabajijwe Ni ic’abakozi ba Reta batangirwa amahera yo kuvuzanya muri « Mutuelle » bidoga ko  bataronka imiti bita « spécialités ». Kuri ico kibazo, umushikiranganji Nivyabandi akaba yamenyesheje ko muri Reta hafashwe intumbero yo gutanga imiti ikora nk’iyo kandi igakiza abantu neza bita « génériques ». Mu gihe iyo yindi miti itaraboneka, ico kigo co kuvuzanya kiratanga uwo muti. Akaba yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwafashe ingingo zose kugira imiti y’amagendu ituzwe.    

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir