Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CENI:Igikorwa co gushira mu mashini abantu bashasha bazokwitaba amatora kiriko kigenda neza

DSC07607Igikorwa co kwegeraniriza  mu mashini amazina y’abantu 117 863 bashasha bazotora cari kigeze  ku bice 45% ku wa 8 Nzero 2020, umunsi bamwe mu bagize Reta y’Uburundi bari bishikiye mu nyubakwa z’ikigo CECORES, mu kibanza kiriko cegereranirizwamwo amazina n’imyidondoro  vy’abantu bashasha bazokwitaba amatora yo muri uwu mwaka w’2020. Abo nabo bagizwe n’abanditse basaba gukosorerwa umwidondoro wabo, abasavye guhindirirwa aho bazotorera, n’abandi bose bagize ico basaba. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI, Pierre Claver Kazihise,igihe abo banyacubahiro bari barangije urugendo rwabo muri ico kibanza mbere banashima uko ico gikorwa kiriko kirarangurwa.Igikorwa co kwegeraniriza  mu mashini amazina y’abantu 117 863 bashasha bazotora cari kigeze  ku bice 45% ku wa 8 Nzero 2020, umunsi bamwe mu bagize Reta y’Uburundi bari bishikiye mu nyubakwa z’ikigo CECORES, mu kibanza kiriko cegereranirizwamwo amazina n’imyidondoro  vy’abantu bashasha bazokwitaba amatora yo muri uwu mwaka w’2020. Abo nabo bagizwe n’abanditse basaba gukosorerwa umwidondoro wabo, abasavye guhindirirwa aho bazotorera, n’abandi bose bagize ico basaba. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI, Pierre Claver Kazihise,igihe abo banyacubahiro bari barangije urugendo rwabo muri ico kibanza mbere banashima uko ico gikorwa kiriko kirarangurwa.Nk’uko umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver Kazihise, yabandanije abishikiriza, ngo igitigiri mfatakibanza c’abantu bazokwitaba amatora yo mu mwaka w’2020, ni 5 128 286.

Ico gitigiri ngo ni mfatakibanza kubera ko kitaratosorwa. Urwo rugendo bamwe mu bagize Reta bagize muri ico kibanza,  bari bitavye ubutumire bw’umurwi CENI kugira babereke aho bagejeje igikorwa co kwandika abashasha bazotora. Inyuma y’igikorwa co kwandika bashasha bazotora catunguye ku wa 9 gushika ku wa 12 Kigarama 2019, ngo baciye batororokanya ibiharuro rvyavuyemwo vyose, muri ivyo ngo harimwo abanditse basaba gukosorerwa umwidondoro wabo, abasavye kwimurwa hamwe n’abandi bose bagize ico basaba, babishire mu mashini, bitosorwe hanyuma basohore intonde ntabanduka z’abazotora n’aho bazotorera. Ico gikorwa co gushira mu mashini abo bashasha bazotora, ngo catanguye ku wa 6 Nzero 2020, kandi kiriko kigenda neza, aho nk’umurwi CENI ngo bari batumiye abo bagize Reta kugira birabire aho kigeze.Ico gikorwa kigeze ku rugero rw’ibice 45%, inyuma y’iminsi ibiri n’igice bariko barakora. Aho ku bantu bashasha 117863 biyandikishije, ku wa 8 Nzero 2020, igihe c’isaha zine, aho abagize Reta baja kuraba ico gikorwa, bari bamaze gushira mu mashini abantu 52 620, aho mu minsi itatu ngo ico gikorwa gishobora kuba caheze. Abarundi ngo nta makenga bogira kubera ko ivyo batoye bikingiye neza.Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gaspard Banyakimbona yari mu bagize Reta bari bagize urugendo ahariko hegeranirizwa ivyo biharuro, yarakeje umurwi CENI kuko ngo witeguriye gutunganya amatora meza baravye aho igikorwa kigeze. Muri urwo rugendo, abo bashikiranganji baraberetse aho bashize ivyo bakuye mu gihugu hagati, barabereka uko bakurikiranya  mu gusuzuma ivyatosowe gushika n’aho bavyandikira mu mashini. Muri abo bariko bakora ico gikorwa, ngo bishitse hakagira uwihenda, ngo siwe aheza agakosora, hariho abandi bakurikira baheza bagakosora utwo dukosa dushora kuba.
Abaserukira imigambwe barashimishwa n’intambwe umurwi CENI ugezeko mu gutegura amatora yo mu 2020
Inyuma y’urugendo bamwe mu bashikiranganji  bagize ku wa 8 Nzero  2020 mu nyubakwa z’ikigo CECORES umurwi CENI uriko uratunganirizamwo ibikorwa vy’ubuhinga vyo gutegura amatora, bukeye bw’aho ku wa 9 Nzero 2020, uwo murwi CENI nyene waratunganije urugendo ku banyamigambwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike kugira birabire uko igikorwa co kwandika mu mashini nyabwonko abatari bashoboye kwiyandikisha mu mwaka w’2018 kiriko biragenda.  Umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver Kazihise akaba yaramenyesheje ko urwo rugendo CENI yarutunganije ku banyamigambwe, abaserukira amasengero hamwe n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu ntumbero yo gushira mu ngiro ihangiro yihaye yo gukorera vyose ahabona kandi ku mugaragaro. Abo bari baje aho uwo murwi CENI uriko ushira mu mashini nyabwonko abo bari biyandikishije, baraberetse uko isuzuma rigenda, ko baraba ko ibiri mu bitabu bihuye n’icegeranyo catanzwe n’abakozi ba CENI batunganije igikorwa c’iyandikwa. Mu nyuma y’aho bongeye barabereka ikibanza bariko batunganirizamwo igikorwa co kwegeraniriza mu mashini amazina y’abantu. Abo baje baserukira imigambwe n’amashirahamwe hamwe n’amasengero bashikirije amakenga bafise, ko hoshobora kuza uwundi agashiramwo ikindi gitabu, canke ugasanga hari abo yasimvye. Abahinga bajejwe ico gikorwa barabijeje ko hari isuzumwa ku mwanya ku mwanya bivanye n’izo mashini nyabwonko uko zikora kandi  atawushobora kuzana ikindi kintu co hanze canke gishasha izo mashini ngo zivyakire. Abanyamigambwe  barongeye barabaza ivyerekeye ikarata y’itora ko izoguma ari iyakoreshejwe mu mwaka w’2020.Pierre Claver Kazihise yamenyesheje ko hazosohoka ikarata y’itora nshasha ku bantu  bose biyandikishije, rero atawogira ubwoba ko yoba yaramutakaranye.  Abo banyamigambwe n’abarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’amasengero barashimye intambwe ivyo bikorwa bigezeko. Pierre Claver Kazihise akaba yaramenyesheje ko muri iryo yandikwa ryo muri Kigarama 2020 handitswe abantu 117863 biyongera ku 4768142 bari biyandikishije mu mwaka w’2018 hamwe n’abatari bwakwize imyaka 242281. Igitigiri mfatakibanza akaba ari 5128286, igitigiri ntabanduka kikaba kizomenyekana neza muri Ruhuhuma 2020.

Déo Misigaro na

Anitha Bizimana


                                               

Ouvrir