Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

OBEM : Abarongoye amashirahamwe basabwa gutanga intonde z’abakukurutse no gufasha urwaruka kwimenyereza akazi

Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutunganya no kugarukira akazi mu Burundi Emmanuel  Nduwarugira amenyesha ko abagiye barakurikiza impanuro n’inyigisho bahawe n’ico kigo bamaze gushinga intahe ku buzi baronse abandi ku migambi yo kwiyungunganya bitunganirije.Ivyo yabimenyesheje mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 7Nzero 2020.Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutunganya no kugarukira akazi mu Burundi Emmanuel  Nduwarugira amenyesha ko abagiye barakurikiza impanuro n’inyigisho bahawe n’ico kigo bamaze gushinga intahe ku buzi baronse abandi ku migambi yo kwiyungunganya bitunganirije.Ivyo yabimenyesheje mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 7Nzero 2020. Yaciye amenyesha ko  abaheza amashure ari benshi kandi abatari bake bazi ko muri kahise mu gihugu hari kaminuza imwe mu gihugu ariko ubu hariho amakaminuza arenga umunani kandi yose araramura ivyo bigatuma abarondera ubuzi  baba benshi.Emmanuel  Nduwarugira  yamenyesheje kandi ko ikigo OBEM rero uko gitunganijwe mu bikorwa gitegerezwa kurangura  hariho kumenya abashomeri uko bangana mu gihugu hakaba no kumenya ubuzi buriko buratangwa mu gihugu ingene bungana.  Ico gikorwa ngo  ntikiborohera kubera uburyo kuko kugira bamenye abatagira ubuzi bose bisaba ko bokwira igihugu cose. Yaremeje  ko bamaze guheza intara 2 mu  kwegeranya ibiharuro vy’abarondera ubuzi  hakaba n’izindi ntara 4, aho bamaze kugendera amakomine nk’abiri canke imwe ku ntara imwe imwe.Yarongeye amenyesha ko ku ciyumviro cabo bifuza gukwira amakomine yose y’intara zose kugira bamenye neza igitigiri c’abarondera ubuzi bongere bamenye n’ivyo bize.  Inyuma y’aho baraheza bakagendera amashirahamwe atanga ubuzi hamwe n’amahinguriro kugirango bamenye ubuzi buhari. Ico kigo rero ngo kiraheza kigashira ahabona ubwo buzi kugirango ababukeneye baje kwipima. Ikigo OBEM ngo ntigikoresha ikibazo, ahubwo kiraranga ubwo buzi iyo buri kibihawe na bene kubutanga.   Ngo ico kigo rero kimaze imyaka itanu kandi nticashotse cinjira mu kazi gahambaye cane ko kumenya abashomeri uko bangana . Igituma rero ngo ni uko   babanje kurondera ibikoresho  kugirango bashobore gushika ku mahinguriro yose. Yaciye atanga akarorero ko bari bafise poritike y’igihugu iraba ivy’akazi mugabo ata gitabu cerekana ingene iyo poritike  yoja mu ngiro. Ikindi bihutiye gukora ngo ni ugushiraho igitabu  cegeranya imyuga yose ikorwa n’iyishoboka mu Burundi ;ico gitabu bagikoranye n’ubushikiranganji bw’indero kugirango urwo rwaruka rubone imyuga ihari. Iyo rero habonetse uburyo barabasanga aho bari bakabaha inyigisho canke nabo bakabitura bakabasigurira ico bokora. Hari kandi n’abashinga intahe batari bake bigishijwe n’ico kigo OBEM nyene bamaze kwitunganiriza ubuzi kandi bageze ku rwego rwiza .Ku bijanye n’intambamyi ico kigo  OBEM kigira, ubwa mbere n’uko ubuzi bukenye mu gihugu,ikindi ni uko bene gutanga ubuzi haba mu mashirahamwe canke mu mahinguriro bataborohereza kubumenyekanisha ahubwo bashima kubicisha ku binyamakuru. Yaciye agirako asaba amashirahamwe ko ku mwaka ku mwaka bobaha urutonde rw’abakozi bakoresha,abakukurutse ,abinjiye canke abitavye Imana. Ikindi ngo ni uko yotanga imyimenyerezo ku barondera ubuzi.Uwo muyobozi mukuru  w’ikigo OBEM, Emmanuel  Nduwarugira akaba yasavye ko Reta yogifasha gushiraho itegeko risaba amahinguriro kumenyesha abakukurutse canke abakozi afise uko bangana.
 Christine Manirambona

Ouvrir