Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibisubirira ubumwanya mu buzima bwa minsi yose biriko birakorwa

mainMu gihe ikiringo c’amezi 18 cari catanzwe  abafise ububiko bw’ubumwanya n’abari babutumyeko hanze kizorangira ku wa 8 Ruhuhuma 2020, ngo ikigo Akshar Krupa cahora gikora ubumwanya, kigiye gukora ubumwanya bushobora kubora mu kiringo c’imyaka 2, iyo buri mu kuzimu n’ubundi bubora butari mu kuzimu. Haruhande y’ico kigo, ngo n’ishirahamwe PACOBU naryo nyene ngo mu bubiko bwaryo basanzwe bafise ivyo bikoresho bishobora gusubirira ubumwanya, ndetse bagaterwa akamo  ko kubandanya bakora mwene ivyo bikoresho kubera ikiringo cahawe abasanzwe badandaza ubumwanya kigiye guhera. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’isuku n’ibidukikije, mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Jeanne Francine Nkunzimana, ku wa 7 Nzero 2020, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko uwo muyobozi w’isuku n’ibidukikije, Jeanne Francine Nkunzimana  yabishikirije , ngo ikiringo c’amezi 18 catanzwe kuva ku wa 8 Myandagaro 2018 co guhagarika ikoreshwa ry’ubumwanya mu Burundi, kizorangira mu kwezi kwa Ruhuhuma 2020. Imyiteguro yo kurondera ibisubirira ubwo bumwanya ngo irabandanya, kuva iryo tegeko rigiyeho, ngo baciye batunganya ingendo mu gihugu hagati kugira barabe ko abanyagihugu barizi. Izo ngendo ngo kwari ukugira abanyagihugu babe baritegura kugira barondere ibizosubirira ubwo bumwanya mu buzima bwabo bwa minsi yose.Ivyo umuyobozi w’isuku n’ibidukikije akabivuga yisunze ko kuva kera na rindi, abarundi batamye bakoresha ubumwanya, aho bakoresha amakapo, ibisimbo n’ibivumvu, ivyo bikoresho navyo ngo Abarundi bari basanzwe bavyikorera, bigakoreshwa ikiringo kinini. Umuyobozi w’isuku n’ibidukikije agatera akamo Abarundi kubandanya bakora mwene ivyo bikoresho kubera ko mu minsi ya vuba, bashobora kuronka isoko yavyo. Vyongeye, muri izo ngendo mu gihugu hagati, ngo kwari ukuraba ko ubumwanya butacinjira mu gihugu kuko barishikiye no ku mipaka, aho bavuganye n’abajejwe intwaro kugira babandanye bamenyesha iryo tegeko, mu ntumbero yo gutegura abanyagihugu ntibazovuge ko ribaguyeko giturumbuka, gutyo babandanye bakora ivyo bikoresho vya kera.

Ikigo PACOBU kiriko kirakora ibisubirizi vy’ubumwanya
Ku bijanye n’igisagara ca Bujumbura, umuyobozi ajejwe isuku n’ibidukikije atera akamo ababishoboye gukora ivyo bishobora gusubirira ubumwanya  ku bwinshi, aho bamaze kubona ko ikigo PACOBU gishobora kuba gisanzwe gihingura mwene ivyo bikoresho. Mu rugendo bagize muri ico kigo, ngo basanze mu bubiko  hari ivyo bahinguye  bimaze imyaka ibiri, aho bamenyesheje ko imvo zituma bitagurwa, ari kubera ubumwanya bukigurishwa ku masoko. Abo mu bushikiranganji ngo barabateye intege ko ubwo bumwanya bugiye guhagarikwa, ahubwo ko bokwitegura guhingura vyinshi, bishobora gusubirira ubwo bumwanya.Haruhande y’ikigo PACOBU, ngo hariho n’ikindi kigo cari gisanzwe gihingura ubumwanya citwa Akshar Krupa, abo nabo ngo biyemeje guhingura ubumwanya bubora mu kiringo c’imyaka 2, igihe buri mu kuzimu ariko ngo hari n’ubundi bubora n’aho butoba buri mu kuzimu. Ico kigo ngo carabujijwe kubandanya gikora ubumwanya butabora, ndetse bakaba bariko barakurikirana imirimo y’ico kigo. Mu minsi ngo barategekanya urugendo mu gihugu hagati kugira barabe ko ivyo basabwe bariko barabikora na cane cane gukora ibisubirira ubumwanya.

Amacupa avamwo amazi agiye gihingurwa
Ku bijanye n’amacupa akoze mu bisa n’ubumwanya, bashiramwo amazi, ngo ntiharaboneka ibishobora kuyasubirira. Mw’itegeko ribuza ikoreshwa ry’ubumwanya, ngo riravuga ko ivyo bitararonka ibisubirizi, imbere y’uko vyinjizwa mu gihugu, barabisabira uruhusha, aho bene kuvyinjiza berekana ico bagiye kubikoresha, n’ingene bazosubira kuvyegeranya, kugira ntibigire ingaruka ku magara y’abantu n’ibidukikije. Izo ngingo zose ngo barazishimira, ndetse ngo hakaba n’ikigo kigiye kuja kirahingura mwene ayo macupa, ico kigo naco citwa “Pyrothec”. Ico kigo kikaba caramaze gusaba ko cokorana n’ubushikiranganji mu kubaronsa abahinga bashobora gutunganya ukuntu bokorana n’amahinguriro akoresha mweneyo ayo macupa. Ayo masezerano yoza avuga ukuntu ayo macupa yokwegeranywa kugira ashikanwe muri ico kigo.Imbere y’uko ayo macupa asubira guhingurwamwo ibindi, ngo basavye abadandaza amazi mu bibanza bihuriramwo abantu benshi gutunganya ibibanza, aho umuntu ahejeje gukoresha iryo cupa aca arita muri ico kibanza gitunganije “poubelles”. Ishirahamwe “Savonor” rihingura amazi ya Aquavie ngo riramaze gutunganya ikibanza nk’ico ku kiyaga. Mu bijanye no gutunganya amatuta, Abarundi basabwe gukoresha ibihubahuba kubera bibora ningoga, ubumwanya bubora, ngo igiciro cabwo kirahanitse. 

Birabujijwe gukoresha irirenga rimwe amacupa avamwo amazi
Ku kibazo co kumenya ingaruka mbi ziturutse kw’ikoreshwa akarenga rimwe amacupa akoze mu bisa n’ubumwanya, ishirwa mu ngiro ry’itegeko ribuza ikoreshwa ry’ubumwanya, ngo harateguwe itegeko nshikiranganji ririherekeza, muri iryo tegeko, ngo baravuga neza ko abantu bazoba bahingura ibintu bisubirira ubumwanya  bazokworoherezwa nk’abasanzwe bahingura ibintu ngirakamaro ku banyagihugu. Muri iryo tegeko nshikiranganji, ngo barabuza ko ayo macupa yokoreshwa irirenga rimwe. Igihe ico kigo kizotangura guhingura ayo macupa, ngo vyotuma babura ivyo bakoresha kubera ayo macupa yoba ariko akoreshwa kenshi.Kabaye n’akayo ko gutera akamo Abarundi ko amategko ategurwa, atunganywa yitonderwa kugira ashobore kubagirira akamaro, atari ayo kubakandamiza. Akwunguko k’iryo tegeko ngo abarimyi bazokabona kubera amatongo yabo azosubira kumera. Iryo tegeko kugira rijeho, ngo baravye ingaruka mbi zituruka ku bumwanya, aho bushobora kumara imyaka irenga 400, aho buhambwe mu kuzimu.

 Déo Misigaro                                                                                                               

Ouvrir