Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imyiteguro yo guhimbaza imyaka 100 iheze igisagara ca Ngozi kibayeho irabandanya

DSC 0102 1Kw’igenekerezo rya 29 Ruhuhuma 2020 niho hazohimbazwa isabukuru y’imyaka ijana igisagara ca Ngozi kizoba kirumanije  kuva kibayeho. Ni muri iyo ntumbero ku wa 6 Nzero 2020, ikinyamakuru canyu UBUMWE cegereye musitanteri wa Komine Ngozi kugira ngo ashikirize  uko we n’abo arongoye ndetse n’abanyegozi bose hamwe n’abakunzi b’intara ya Ngozi bariko barategura uwomunsi mukuru. Radjab Songambere yaramenyesheje rero ko imyiteguro yo guhimbaza isabukuru y’imyaka 100  iheze igisagara ca Ngozi kibayeho igeze kure harimwo n’ibiganiro vyatunganijwe bijanye n’iterambere ry’ibisagara   Muri iyo myiteguro ngo barasukuye igisagara mu kugishariza batera amashurwe, barasubiramwo amabarabara barongera baratera ibiti bishariza ico gisagara, harubatswe inyubako rusangi zituma igisagara gisa neza. Barongeye baratunganya isiganwa ry’imiduga kugira bakangurire ababa mu gisagara ca Ngozi ko hageze guhimbaza iyo sabukuru. Radjabu Songambere yamenyesheje kandi ko bashimishwa n’intambwe bagezeko mu kwitegurira iyo sabukuru kuko bamaze gushiraho indwi yahariwe ikinjana, hakaba haratunganijwe inkino zitandukanye hamwe n’intambo ngo hazoba kandi inama hazobamwo ibiganiro vyerekana uko ibisagara bitunganywa hamwe n’iterambere ry’ibisagara.  Musitanteri wa komine Ngozi yarongeye aramenyesha ko hazatswa urumuri rw’intazima ruzakirizwa urwaruka kugira ntibaje baruzimye kizogume ari igisagara giteye imbere.   Mu kubandanya bitegurira iyo sabukuru musitanteri wa komine Ngozi aratumirira abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ko iryo sango ryageze ko umwe  wese yokwitegura kugira hazohimbazwe iyo myaka 100 mu kanyamuneza ntangere. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi barishimira cane intambwe kigezeko kuko gisigaye cirukirwa n’abantu benshi kubera imirimo ihakorerwa ari myinshi. Igisagara ca Ngozi kikaba cagiye kiratera imbere bivanye n’inyubako zihari, isuku, amabarabara ahaca n’ibindi. Radjabu Songambere yarangije amenyesha ko muri kazoza bategekanya gusukura igisagara kuruta uko biri bakaba baramaze kuronka imodoka hamwe n’ibikono bazoshiramwo  umucafu  kugira ntuzosubire kuharangwa. Bazoshishikara bubaka inyubako rusangi hamwe n’uguhimiriza abanyagihugu gusukura aho baba hamwe no ku mubiri.

Anitha Bizimana

Ouvrir