Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza yarashimiye Imana kubera Abarundi bahimbaje iminsi mikuru yo gusozera umwaka batekanye

DSC 0183Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aratumirira abakristo bo mu rusengero rw’urutare ko ku munsi w’isabato bovuza inzamba mu mwaka w’2020 mu gushimira Imana ko umwaka w’2019 warangiye itanze amasezerano ku Burundi. Ivyo yabimenyeshereje mu rusengero rw’urutare i Buye  muri komine Mwumba, intara ya Ngozi ku munsi w’Imana wa mbere  utangura umwaka igenekerezo rya 5  Nzero 2020. Prezida Nkurunziza yamenyesheje ko  ashimira Imana kubera mu mwaka uheze yamufashije gusengera mu rusengero rw’urutare rw’i Buye gusumba uko yabaye ahandi kuko ari muhira, kandi mu 2020 azohaba cane. Arashimira kandi Imana ku  masengesho yo kurangiza umwaka, yatunganirijwe muri komine Itaba, intara ya Gitega yagenze neza kandi Imana ikagira amasezerano ku Burundi. Yagize ati: «Imana yaramenyesheje ko yahinduye Uburundi ikibanza co kuyihimbaza, Imana ni umwizigirwa yatanguranye n’Abarundi umwaka w’2020 kandi izowurangizanya nabo». Petero Nkurunziza yarongeye aramenyesha abakristo bari ng’aho   amasezerano Imana yatanze muri ico gikorane cabereye Itaba, kuko habaye ibitangaza bikomeye. Ica mbere ngo n’uko Imana igiye kubandanya ivugana n’abarundi kandi igiye gushira ahabona ivyari vyaranyegejwe, ica kabiri ni ugushira mu Burundi ibimenyetso binini kandi bikomeye umwana w’umuntu atoshobora kunyiganyiza. Prezida yabandanije amenyesha ibindi bimenyetso  Imana yatangiye muri komine Itaba nk’ugutobora amadirisha n’imiryango y’ijuru kugira imigisha n’imihezagiro imanukire ku Burundi;  ica kane n’uko Imana yagaruriye Abarundi ubwenge bwari bwaraboshwe n’umurwanizi, Abarundi babohotse n’Uburundi bwobohoka. Petero Nkurunziza yasozereye asengera ishengero ry’urutare ashimira Imana ko yabarinze bakarangiza umwaka ari bazima, kandi yimika amasezerano yavuzwe ku Burundi ayateragira ku bakristo bo mu rushengero rw’urutare aca asaba Imana ko yobafasha bakayabamwo, arahezagira ishengero n’abarundi. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu ari nawe yasiguye ijambo ry’Imana ry’uwo munsi, yafatiye  ku butumwa bwiza bwanditswe na Matayo  igice ca 5 umurongo wa 3, kavuga ngo” hahiriwe aboro mu mutima kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo”. Iryo jambo niryo Yesu yahereyeko kwigisha agiye ikafaranawumi, ryerekana abahiriwe abaribo yarisubiyemwo incuro 11. Yesu yazanye imvugo itandukanye cane n’imvugo y’abo mw’isi. Iyo babonye uwutunze, ibiboneka baca bibaza ngo niwe muhirwe ariko siko biri, ng’aho yashaka kuvuga ko aboro b’umutima ari bo bama bafise inyota y’ijambo ry’Imana n’iyo gusenga, kuko igitungisha umutima  ari jambo, n’amasengesho akamara inyota y’ivyagezwe kuko Bibiriya itunze.  Pastori Denise Nkurunziza yabandanije amenyesha abakristo b’I Buye  kwamana iyo nyota y’uko Yesu agaruka agasanga bakiri aboro mu mutima, kuko abo aribo bazokwibirwa akabanga kuko azosanga bari maso. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu aratumirira abakristo b’i Buye kwirinda gusenga nk’abafarizayo nk’uko vyanditswe na Luka mu gice ca 18 umurongo w’9. Kuko basenga biyemera mu mutima bagakengera abandi ngo ntibameze nkabo. Abasaba ko bobireka kuko Imana ibona vyose, bokora bikazogaragarira mu vyamwa. Ivyaha si ugusambana gusa, n’ubwibone naco ni icaha.  Umukristo iyo bamukeje aratumirirwa gusengera ayandi mavuta ace bugufi Imana ije hejuru. Denise Nkurunziza yasozereye amenyesha abakiristo b’i Buye ko bokwamana inyota y’ijambo n’amasengesho kuko aboro atari abakenye ibiharage canke impuzu ahubwo ari aboro mu mutima b’ijambo. Ku muhingamo Umukuru w’igihugu yaciye aja kurorera umupira w’amaguru wahuje imirwi ya Lydia Ludic SAA na Messager Ngozi, umurwi Lydia Ludic ukaba ariwo wirahiye le Message Ngozi ku gitsindo 1 ku busa. Mu nyuma y’aho haciye hatana mu mitwe imirwi ya Lumiere FC y’i Mwumba na Mamba vert y’i Karusi yaronse ibitsindo3, Mamba Vert y’i Karusi ironka igitsindo kimwe zikaba zari inkino za kivandimwe. 

Anitha Bizimana

Ouvrir