Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi bahamagariwe gutora no kwitoza, baserukirwe mu nzego zifata ingingo

eeertIbwirizwa Shingiro ry’Uburundi ritegekanya ko  abakenyezi boronka n’imiburi ibice 30% mu nzego zifata ingingo. Mu ntumbero yo kumenya ukungene abakenyezi bariko baritegurira amatora y’umwaka w’2020, ikinyamakuru UBUMWE caregereye amashirahamwe atandukanye aharanira agateka k’abakenyezi kugira bamenyeshe ingene bitunganije mu ntumbero yo  guhimiriza abakenyezi gutora no kwitoza kugira bashikire vya bice bahabwa n’Ibwirizwa Shingiro.Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi ritegekanya ko  abakenyezi boronka n’imiburi ibice 30% mu nzego zifata ingingo. Mu ntumbero yo kumenya ukungene abakenyezi bariko baritegurira amatora y’umwaka w’2020, ikinyamakuru UBUMWE caregereye amashirahamwe atandukanye aharanira agateka k’abakenyezi kugira bamenyeshe ingene bitunganije mu ntumbero yo  guhimiriza abakenyezi gutora no kwitoza kugira bashikire vya bice bahabwa n’Ibwirizwa Shingiro.
Umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani rw’amashirahamwe arwanira amahora n’umutekano, Marie Kinyabuku yamenyesheje ko muri kino gihe hariko hitegurirwa amatora y’umwaka w’2020, bariko baregeranya amashirahamwe yose arwanira agateka k’umukenyezi, akarwanira amahoro n’umutekano ku mukenyezi kugira bavuge rumwe mu bijanye no kuduza ibitigiri vy’abakenyezi mu nzego zifata ingingo.  Yabandanije amenyesha ko bashimikira ku civugo,  Shigikira abakenyezi barenze ibice 30% ». Intambamyi  ngo nuko hari ingorane z’uburyo bwo gushitsa ijwi ry’umukenyezi kure, abantu bakavira hasi rimwe bakabashigikira. Umupfasoni Kinyabuku yamenyesheje ko iyindi ngorane ari   uko abantu bari gufasha guhimiriza abakenyezi gutora no kwitoza basanze bari mu bikorwa vyinshi bitandukanye muri izi mpera z’umwaka. Ngo amashirahamwe yariko aheraheza ibikorwa vyayo. 
Umunyamabanga w’ihwaniro ry’abakenyezi, Jeanne Mpfayoguhora yamenyesheje ko bafise imigambi myinshi yerekeye amatora kuko bifuza ko birya bice 30%  abakenyezi bahabwa n’Ibwirizwa Shingiro bobirenza cane cane mu matora yo ku mitumba. Yabandanije amenyesha  ko hari  abakenyezi 15 ku mutumba bafise igikorwa co gutora abakenyezi 4 bazokwitoza mu matora yo ku mitumba. Ngo hakaba hamaze kuboneka abakenyezi 764 bazokwitoza ku mitumba yo mu gihugu cose. Ihwaniro ry’abakenyezi rikaba rizobafasha kurondera amajwi.   Umupfasoni Mpfayoguhora yamenyesheje ko  bifuza ko amashirahamwe akorera mu bijanye n’abakenyezi bokwigabura mu bice kugira bakwire hose mu gihugu baja guhimiriza abakenyezi kwitoza no gutora. Mw’ihwaniro ry’abakenyezi, ngo bazokwegeranya abakenyezi b’imboneza n’abagomba kwinjira mu mabanga y’igihugu atandukanye kugira bahanahane ivyiyumviro ku bijanye n’uburongozi bwiza. Ngo abakenyezi b’imboneza bazofasha abandi bakenyezi mu kubashingira intahe zijanye n’amabanga bashinzwe.  Umushingamateka w’umutwakazi Liberate Nicayenzi yamenyesheje ko  mw’ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA baronse uburyo bwa ONUFEMME bwamaze imyaka 2,  imbere y’umwaka w’2012. Yabandanije amenyesha ko ubwo buryo bwatumye bashobora kuja kwigisha abatwakazi bo mu ntara zose z’igihugu  kuja mu migambwe, bayikorere, bayigaragaremwo hanyuma baheze bitoze.  Ngo kubera ata buryo bwo kwiyunguruza buhari,  mw’ishirahamwe UNIPROBA, bahimiriza abakenyezi b’abatwa kwitoza no gutora bakoresheje amaterefone. Ngo  ku rwego rw’intara na komine hariho abatwakazi baserukira abandi bafise amaterefone. Ngo ishirahamwe UNIPROBA rica kurabo batwakazi barongoye abandi kugira babandanye igikorwa co guhimiriza abatwakazi  gutora no kwitoza. Umushingamateka Nicayenzi yamenyesheje ko ku munsi mukuru w’abasangwabutaka bibukije abatwakazi  ko hageze ko bahaguruka kugira ngo baseruke bagire ijambo mu gihugu mu kwitoza no mu gutora. Ngo abatwakazi barafise ingorane zo kudakurikiranira hafi ivy’igihugu kubera batitaho inama, mu bikorwa rusangi n’ukumviriza iradiyo. Ngo ivyo biva ku mikoro make y’abatwakazi kubera baguma biruka barondera ibifasha imiryango yabo. Iyindi ngorane nuko abakenyezi benshi babatwakazi batize. Nicayenzi yamenyesheje ko ibindi bica intege abarundikazi ari uko batora abantu hanyuma ntibazosubire kubakubita ijisho. Yabandanije amenyesha ko  bikenewe  ko abantu batowe bokwitaho abanyagihugu barongoye. 
Uwurongoye ishirahamwe Dushirehamwe, Thérèse Ndoricimpa yamenyesheje ko  babonye ko abakenyezi bari mu nzego  zifata ingingo badakwiye, baca biha ihangiro ryo  kubakangurira  gutora bakitoza. Ngo muri Dushirahamwe bihaye ihangiro ryo gusaba imigambwe ko yobaha abakenyezi babona ko bofata iyambere bakazitoza kandi bagatorwa. Ngo abo bakenyezi bashizwe imbere baciye babagirira inyigisho zijanye n’uburongozi bwiza kugira bamenye ingene biyamamaza. Ndoricimpa yamenyesheje kw’ibibuza abakenyezi kuja mu nzego zifata ingingo ku rugero rushimishije ari uko  ariho bagitangura  kuja muri poritike. Yabandanije  amenyesheje ko hari aho abakenyezi babuzwa kwitoza n’uko abo bubakanye baba  bitoje bakabona ko aribo bategerezwa guhebera abagabo babo. Ngo  ikindi kibuza abakenyezi kwitoza ni udukorwa two mu rugo kuko iyo batumvikanye n’abagabo babo ngo mu mwanya batahari bahababere hari ibipfa. Ngo ishirahamwe Dushirehamwe ryarahaye inyigisho abagabo  ku bijanye n’ingene boshigikira abakenyezi babo bakitoza mu kubabera mu kibaza iyo batahari mu kubereka ingene bakira ibihuha bivuga ko iyo umukenyezi agiye muri poritike aba agiye gusambana. Ndoricimpa yamenyesheje ko yizeye ko mu mwaka w’2020, abakenyezi bazoronka vya bice 30% mu matora yo mu mitumba. 
Umuhuzabikorwa ku rwego rw’igihugu mw’ishirahamwe ryishinze guteza imbere umwigeme w’umurundikazi APFB, Alice Nkunzimana yamenyesheje ko  kuva mu mpera z’umwaka w’2018  no mu mwaka w’2019 bafise imigambi bakorerako yo guhimiriza umwigeme  gutora no kwitoza. Yabandanije amenyesha ko bahimiriza kwitoza kubera babona ko umwigeme hari ivyo asaba bidashobora kuronkerwa inyishu bataronse aho babivugira. Ngo umwigeme  agiye mu nzego zifata ingingo uhereye  ku mutumba birafasha ko ivyifuzo vy’abigeme bironka inyishu. Nkunzimana yamenyesheje ko imico y’abarundi iri mu bibuza  umwigeme w’umurundikazi kuja kwitoza, igatuma nawe nyene yikumira.  

Aline Kanyana

Ouvrir