Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

«Imana yemeye ko igiye gushira ahagaragara ivyari vyaranyegejwe ku Burundi n’Abarundi»

DSC 0860Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarasozereye, ku wa 31 Kigarama 2019, amasengesho yo gushimira Imana yazigamye umuryango wiwe n’abarundi mu mwaka w’2019 wose, akaba yabeyereye muri komine Itaba, intara ya Gitega,  yari yatanguye ku wa 26 Kigarama.Prezida Nkurunziza yarasabiye rero Uburundi n’abarundi ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza bafashe idarapo ry’igihugu bapfukamye.Prezida Nkurunziza  yarashimiye kw’izina ry’abarundi, Imana yabahezagiye inabemerera gushira ahagaragara ivyari vyaranyegejwe vyose kandi ko igiye kubandanya ivugana nabo.Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarasozereye, ku wa 31 Kigarama 2019, amasengesho yo gushimira Imana yazigamye umuryango wiwe n’abarundi mu mwaka w’2019 wose, akaba yabeyereye muri komine Itaba, intara ya Gitega,  yari yatanguye ku wa 26 Kigarama.Prezida Nkurunziza yarasabiye rero Uburundi n’abarundi ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza bafashe idarapo ry’igihugu bapfukamye.Prezida Nkurunziza  yarashimiye kw’izina ry’abarundi, Imana yabahezagiye inabemerera gushira ahagaragara ivyari vyaranyegejwe vyose kandi ko igiye kubandanya ivugana nabo.Prezida Nkurunziza  yarashimiye abanyagitega kuko iminsi yose abashitsi bahamaze ataco babuze narirya bababereye vyose. Yarashimye mu kibanza c’umuryango wiwe kubw’amahishurirwa n’ibimenyetso abanyagitega babahaye hamwe n’amajambo yabiherekeje ngo ni ishimwe ku bakurikiranye amasengesho, aca amenyesha ko umuryango wiwe wanezerewe, abemerera ko ibimenyetso bahawe bazokwama babihagararira kandi n’ivyo babagabiye bazobifata neza- baragabiye utuganuke dutandukanye umuryango w’Umukuru w’igihugu hamwe n’inka; ngo mbere bakomeze ubucuti hagati y’abarundi na cane cane abanyagitega. Yarashimiye abitavye ubutumire bw’amasengesho  yo gushimira Imana mu butandukane bwabo bwose aca asaba ngo iminsi bahabaye Imana ize ivyandike mu gitabu c’intibagiranwa. Yarashimiye n’abakozi b’Imana bose basenze muri ico gikorane ngo bazanye ukuri kandi bazosubira inyuma bayaga ivyiza babonye mu Burundi yongera ashimira abagize ico bakora cose hamwe n’abamenyeshamakuru bitanze batiziganya kuko ivyagiye birakoreka vyabaye inyungu za bose bitabaye ivy’abarundi ngo nabo bacitse abavugabutumwa. Muri ayo masengesho nyene, yarongeye amenyesha ko Imana yarungitse amasezerano yo mu 2020, amenyesha ko Uhoraho Imana Mushobora vyose agiye kubandanya avugana n’abarundi kandi ashize ahagaragara ivyari vyaranyegejwe vyose, isambuye n’inkomezi zose z’umwansi w’Uburundi ahari hose kw’isi nzima, ngo Imana igiye gushira mu Burundi ibimenyetso binini kandi bikomeye , kandi iremye ivy’inkomezi bihambaye mu Burundi, ivy’umwana w’umuntu atoshobora kunyiganyiza, ikindi naco n’uko Imana yatoboye amadirisha n’imiryango vyo mw’ijuru kugirango umugisha n’imihezagiro vyururuke ku gihugu c’Uburundi, abarundi bakire rero umugisha uvuye mu kiganza c’i buryo c’Imana, yaramenyesheje kandi ko Imana yagaruriye abarundi ubwenge bwari bwaratakaye n’ubwenge bwari bwaraboshwe n’umurwanizi. Niko guca amenyesha ko abarundi bagiye kuba abadasanzwe kw’isi kandi Uburundi bwabohotse. Yarangije abipfuriza umwaka mwiza mushasha w’ 2020 ngo uze ubabere umwaka w’intsinzi muri vyose baroranirwe bongere bagire amagara meza, yongera ahezagira Uburundi n’abarundi bose ngo ayo masezerano abe ayabo n’abuzukuru babo, ngo baze bayagumize ku mitima yabo gutyo bajane umuhezagiro w’Imana mu miryango yabo no mu vyabo. Muri ico gisabisho yarangije aragiza igihugu c’Uburundi Imana, asaba imbabazi ku vyaha vyose vyakozwe n’abarundi n’abakirongoye bose kugira baze batangure amateka mashasha imitima yabo ari mishasha yongera ashima ko yabahaye Uburundi baremwa bitwa abarundi nk’ihanga ry’abarundi kandi ngo nta kindi gihugu citwa Uburundi vyongeye ngo nta n’irindi hanga ryitwa abarundi. Yaheraheje amenyesha ko arico gituma bariko basozera umwaka batanga ishimwe ry’ibihambaye Imana yabakoreye, ashima ko yabazigamye itanga amahoro n’umutekano yongera irwanira abarundi intambara babona n’izo batabona, itanga ikirere ciza n’akazuba ,  irinda indongozi amasanganya, bagira ikiganza ciza arico gituma basozereye umwaka bari mu ntsinzi y’Imana. Yarongeye ashima ukuntu Imana yabanye n’abitavye amasengesho kuko yabahishuriye amabanga binjira mu mwaka w’ 2020 bazi iyo baja niyo bava kandi batahukanye amasezerano yo mu 2020. Yasenze amenyesha ko mu mwaka w’2020 Imana yobarwanira intambara zose ikabaha intsinzi ku bansi babo bose, n’inyonga zayo ngo zibe ku barundi bose gutyo bimenyekane ko abarundi ari ihanga ryera amahanga yose abimenye kandi abubahe. Buramatari w’intara ya Gitega Venant Manirambona nawe mw’ijambo ryiwe, yarashimiye Imana kuko muri iyo minsi bamaze baharonkeye vyinshi, ashimira Imana n’uko yabarinze. Yarongeye amenyesha ko mu nyigisho zose zatanzwe bigiye vyinshi ku Mukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe bongera biga n’ingene bokwifata imbere y’Imana. Yarongeye ashimira n’abashitsi kuko babasanzemwo urukundo rudasanzwe, akengurukira imvukira n’abakunzi ku kuntu bitanze mu gushigikira ibikorwa mu buryo butandukanye bwose. Ikindi naco, kw’izina ry’abanyagitega, yarashimiye Umukuru w’igihugu aho yamuhaye umuheto n’umwampi vyerekana ikimenyetso c’ubutegetsi bwiza n’inganji, amuha icumu ryerekana ko igisabisho co gukengurukira Imana cabagiye imbere, yarongeye amuha inkinzo ikimenyetso c’uko amasengesho yabaye inkingi y’igihugu. Yaranamenyesheje ko Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza yabereye umuco abarundi bose mu nyigisho yama atanga, arico gituma nawe nyene yaciye amuha itara n’igikombe vyerekana ko abakenyezi bamubonamwo akarorero n’umuco. Niko guca amenyesha ko bipfuza ko aho umuryango w’Umukuru w’igihugu uzoba uri hose bokwama mu gisabisho gishigikira abarundi.  Ikindi yamenyesheje n’uko abanyagitega n’abarundi bashima imigisha iva ku muryango w’Umukuru w’igihugu kuko iyo bagiye guteragira babanza guhezagira imirima n’ibitungwa aca Abashikiriza iganuke rigizwe n’inka 11, impene 11, inkoko 11 hamwe n’ibiseke bitandukanye. 
Indongozi zisabwa gusenga Imana kuko ariyo ntango n’iherezo y’ikintu cose
Tubibutse ko mu rukurikirane rw’ayo masengesho,mu gitondo c’umunsi ugira 3, hakaba hari ku wa 28 Kigarama 2019, Prezida Nkurunziza yararemesheje inyigisho ku indongozi aho yabasavye gusenga Imana kuko ari yo ntango n’iherezo y’ikintu cose. Bisubiye ngo ntaco bafise batahawe n’Imana. Nk’uko yabimenyesheje, yishimikije amajambo ari mu vyahishuriwe Yohani 22 : 616, ngo indongozi zikwiye kumenya ibihe bijanye n’ububasha bw’Imana kandi ngo si igihe cose abantu baronka amasezerano. Yabamenyesheje kandi ko  guhishurirwa amabanga biza mu munezero w’Imana kandi abanyabwenge bamenya iyo baja arico gituma bategerezwa kubaha Imana, kuyikorera no kuyigororokera. Prezida Nkurunziza yarabahaye impanuro zibatuma bisunga ijambo ry’Imana aho yababwiye ko hahiriwe uwitondera amajambo yavugishijwe kuko abayumva ari benshi ariko abayitondera ari bake, acabawira ko ata murongozi agenda yirebanga ahubwo ategerezwa kuronka umukozi w’Imana amufasha kumenya kwubaha Imana. Yaheraheje asabira indongozi nshasha zizotorwa mu mwaka w’2020 ngo zize zigire imbuto y’uburongozi no kurandura imbuto y’uburongozi butaribwo.  Umukozi w’Imana Mathias Lojas nawe nyene yigishije ico gihe,  yashimikiye ku majambo ari mu gitabu ca  Yohani igica ca 4 umurongo wa 34 aho yerekanye ibikorwa biranga umurongozi mwiza. Niko guca amenyesha ko umurongozi mwiza yubaha Imana akayishira imbere muvyo akora vyose, ko aba ingazi ishobora kuduza abo arongoye, gukuraho imbuto mbi mu bantu no kugumya amategeko. Yaciye yongera amenyesha ko umurongozi agumije amategeko, umurwanizi amutinya, shetani igatinya igihugu, Imana ikaba iri kumwe nawe. Mu nyigisho ziwe yaheraheje amenyesha ko Uburundi bugiye gutangaza amahanga kuko burongowe n’indongozi zubaha Imana. 
Abantu bose bahamagarirwa kwubaha n’ukwizigirwa biva ku mutima
Abantu bose babahamagarirwa kwubaha n’ukwizigirwa bivuye ku mutima. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuvugabutumwa Paul Bendela Manyenye yari yaje avuye mu gihugu ca Tanzaniya, mw’ijambo ry’Imana yigishije abari bitavye amasengesho yo gushimira no gutazira Imana ku muhingamo w’iryo genekerezo rya 28 Kigarama 2019.Paul Bendela Manyenye yarashimye rero ukuntu indongozi z’igihugu c’Uburundi zishira imbere Imana, aca amenyesha ko iyo umurongozi ari kumwe n’Imana mu gihugu haca haba ibintu vyiza kandi ibanga riri mu gukundwa n’Imana. Mu nyigisho ziwe kandi yarakeje abarundi kw’iterambere bagezeko aravye inyubakwa bamaze kwiyubakira, aca abasaba ko bokengurukira Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza kuko ariwe babikesha. Yaciye anamenyesha ko ivyo yiboneye bitandukanye n’ivyandikwa ku Burundi biciye ku rubuga ngurukanabumenyi aca abahamagarira kutaja baravyizera ariko bizere ivyo indongozi zibabwira gutyo barangwe n’ukwubaha n’ukwizigirwa biva ku mutima.Yarongeye amenyesha ko Uburundi bugiye gushirwa hejuru bube akarorero muri Afrika kuko bwashize Imana imbere bisubiye kandi ngo umwe wese arafise ubutunzi buzokiza Uburundi. Ngo kugira igihugu gihinduke bivana no kwizera abarongozi baco,  ukabakunda kuko utabubashe uheza ugatakaza intumbero. Paul Bendela yarongeye amenyesha ko ivyo boshira imbere ari ugukunda Imana mu gusenga mu bwenge no mu nkomezi zabo kuko ubwenge butegerezwa kwama buhingurwa, umutima nawo wama ushaka gushima no kwizera Imana. Yishimikije amajambo ari mu gitabu ca  Luka igice c’10 umurongo wa 27 yamenyesheje ko igihugu cose gitegerezwa kwubaha abarongozi nabo bagakunda abo barongoye arico gituma bahamagarirwa kwubaha hamwe n’ukwizigirwa kuko ubwizigirwa bugaragaza ukwubaha kuva mu mutima.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gisabisho ciwe co gusozera amasengesho y’uwo munsi, yarashimye ko Imana yabagaburiye ijambo ryayo, ikanabaha ku butumwa yarungikanye abakozi b’Imana hamwe n’abari bitavye amasengesho ngo Imana ize ibibahezagirire yongere ivyandike mu gitabu c’intibagiranwa. Yarongeye abasabira ku mana ngo ibahe kwerekwa no kuvugishwa baze bakore ibihambaye n’ibikomeye.Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gisabisho ciwe co gusozera amasengesho y’uwo munsi, yarashimye ko Imana yabagaburiye ijambo ryayo, ikanabaha ku butumwa yarungikanye abakozi b’Imana hamwe n’abari bitavye amasengesho ngo Imana ize ibibahezagirire yongere ivyandike mu gitabu c’intibagiranwa. Yarongeye abasabira ku mana ngo ibahe kwerekwa no kuvugishwa baze bakore ibihambaye n’ibikomeye.Urwaruka rusabwa kwegera Imana n’abavyeyi kugira ruronke umuhezagiro w’ImanaMu gitondo c’umunsi ugira gatatu w’amasengesho, hari kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2019, Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yaratanze inyigisho ku rwaruka, aho  yabasavye kwegera Imana, igihugu n’abavyeyi kugira ruronke umuhezagiro w’Imana. Nk’uko yabimenyesheje, yishimikije amajambo ari mu gutabu c’Itanguriro igice ca 27  kuva ku murongo wa  26 gushika ku wa 29, havuga ingene Yakobo yatwaye umuhezagiro wa Esaya, yongera yigisha n’ijambo rivuga ko uburongozi bufatiye ku kwubaha Imana. Yabamenyesheje ko ingabire Imana yatanze iruta izindi ari urwaruka bisubiye ngo nibwo butunzi bwa mbere kuko rusambutse igihugu kiba gisambutse. Niko guca amenyesha kandi ko ataco bari batagizwe n’Imana hamwe n’abavyeyi babibarutse kandi ata n’umwe basangiye indinganizo y’Imana atari abavyeyi, kubw’ivyo rero ngo umugisha wabo uva kuri bo kuko aribo mutahe wa mbere. Prezida Nkurunziza yaciye asaba urwaruka kwubaha kuko ngo na Dawidi ata ntambara n’imwe atanesheje kubera yubaha Imana yongera abasaba kwegera abavyeyi kuko bitanga umuhezagiro kandi ariho bazoronka uburongozi bufatiye ku kwubaha Imana. Yasozereye inyigisho abamenyesha ko kugira baronke umuhezagiro uva ku Mana bokwegera igihugu n’abavyeyi, bogumbira Imana yo yabahaye abavyeyi, bokwambara nk’abantu bagumbiranye n’Imana, bohishurirwa amabanga y’Imana, bagashirwa hejuru bakongera bagateramira ivyo Imana yabahishuriye.Twobamenyesha ico gihe ko n’umuvugabutumwa Mathias Lojas yari yabanje gutanga inyigisho zifatiye kw’ijambo rivuga kuba umusore adasanzwe yishimikije amajambo ari muri Zaburi y’119 ku murongo uvuga ngo umusore yokwezesha inzira yiwe iki ? Niko guca ababwira ko uko bangana kwose ari abanyenkomezi kandi Imana yabashizeho ngo bahagararire imbere y’amahanga, bisubiye ngo ni abadasanzwe mu bwami bw’Imana. Yaciye abamenyesha ko bakwiye guhagurutsa ubuzima gushika ku rundi rugezo, ariko ngo kugira bishoboke bategerezwa gukunda ijambo ry’Imana mu kwiyegereza no kugendana n’Imana, kubaho ubuzima bwabo buri mw’ijambo ry’Imana kuko uwugendera mw’ijambo ry’Imana Yesu aba ashinze imizi muri we kandi ataco atoshobora gukora.
Abantu bose bahamagarirwa kugira impwemu imwe y’Imana
Abantu bose bahamagarirwa kugira impwemu imwe y’Imana, bakabona kumwe  kuko iyo bafise impwemu imwe ico bagomba cose giheza kigakoreka. Ivyo vyamenyeshejwe n’Umwungere arongoye akarere k’amashengero MINEVAM y’i Bujumbura , Dieudonnée Nsavyimana mw’ijambo ry’Imana yigishije abari bitavye amasengesho yo gushimira Imana ku muhingamo w’ iryo genekerezo rya 29 Kigarama 2019.Yatanze  inyigisho ico gihe afatiye ku majambo ari mu gitabu co Guharura igise ca 11 : 16, 17 aho yabasavye kugira impwemu imwe y’Imana kuko ngo nibayigira ico bashaka bazokironka, bisubiye ngo abarundi barafise ico yabavuzeko kandi ngo izobishitsa. Mu nyigisho ziwe kandi yaramenyesheje ko iyo umuntu yageragejwe bituma asenga Imana, amenya umukunzi n’umwansi kandi ngo igeragezwa ryegereza amasezerano yabo, acabasaba kuvugishwa amahoro ku ndongozi no ku gihugu. Yaheraheje abasaba kwakira impwemu imwe y’Imana kugira abanyavyaha babihebe gutyo amahoro aze ku gihugu.Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nawe yamenyesheje ko uwo munsi wari uwo guhaga ivy’Imana, aca ashimira abari bitavye amasengesho bose yo kuri uyo munsi, yongera ashima amenyesha ko Imana yabahinduriye amateka  y’ubuzima bwabo.Mu ntahe yashingiye Imana, yarashimye ivyakoretse mu mwaka w’2019 ashima kandi ko wasozerewe harangwa amahoro n’impore mu mpande zose z’igihugu, rero ngo Imana yabereye abarundi umwizigirwa ibaha kumererwa neza. Yarashimye Imana kubw’ikirere ciza yatanze baraheza barimbura umwimbu mwinshi ku mpeshi no ku gatasi, aho yatanze imfungurwa benshi barabaho. Niko guca amenyesha ko ubutunzi bw’Uburundi bwaduze gusumvya iyindi myaka bivanye n’uko mu kigo cegeranya uburyo bwinjira hagati mu gihugu hari hategekanijwe ko bazokwinjiza amafaranga ashika imiriyaridi 800 ariko  ngo bari bamaze gushikana imiriyaridi 950, gutyo rero umwimbu mu butunzi ngo wiyongereye hafi ibice 20 kw’ijana. Ikindi yashimiye Imana n’uko uyo mwaka hinjijwe ibintu bikomeye vyubatse mu Burundi harimwo ikirimba c’Umukuru w’igihugu, Imana yongera izigama indongozi zose. Imana kandi ngo yerekanye ibitangaza kuko mu mateka y’igihugu amatora agiye gutunganywa abarundi benshi bariko barahunguka mu gihugu cabo.Yarashimye ko abarundi batunganije amatora y’ibwirizwa shingiro  bongera bakoresha n’uburyo bwabo, bongera batanga amahera y’amatora aho ayo amafaranga yose yabonetse ndetse aba n’umusesekara. Ngo Imana yateye iteka abarundi batari bake baronka ibibanza vyiza haba mu makungu no mu karere. Yasozereye abatangariza ko  kubw’ayo masengesho amatora yo mu 2020 azogenda neza gusumba ayandi yatunganijwe mu gihugu kuko azoba atekanye arimwo umugisha w’Imana kandi azotuma abarundi baja mw’iterambere ridasanzwe.
Indongozi zisabwe gusabira imiryango yazo n’ivyazo kugira baze bajabuke mu mwaka mushasha bafise imihezagiro iva ku Mana
Mu gitondo co ku wa 30 Kigarama 2019, Umukuru w’igihugu yaratanze kandi inyigisho ku ndongozi, aho yabahimirije gusabira imiryango yabo n’ivyabo vyose kugira baze bajabuke mu mwaka wa 4 mushasha w’2020 bafise imihezagiro iva ku Mana. Nk’uko yabimenyesheje, yishimikije amajambo ari mu gitabu c’itanguriro igice ca 32: 1-2 hamwe no kuva k’umurongo wa 22 gushika ku wa 31, yigishije insiguro y’urugendo rushasha bagiye gutangura aho yababwiye ko urugendo atari urwabo ahubwo ari urw’Imana, aca abasaba ko iminsi bamaze mu masengesho batoyibagira kuko ariho baronkeye ubutunzi bw’Imana. Yaciye abasaba guhagarara mu bihe vy’Imana kugira baronke imihezagiro y’Imana kuko bayironse ishikira n’abenegihugu kandi bose bashikirwa. Ikindi yabamenyesheje n’uko inzira yo kurondera umuhezagiro ari ukumenya ivyiza vy’Imana. Yaheraheje abasaba gusabira ababo n’ivyabo umuhezagiro uzobajabutsa mu mwaka mushasha ngo uzobabere uwa mbere gusumba iyindi myaka yose.    Umuvugabutumwa Mathias Lojas mu nyigisho yatanze, nawe yaramenyesheje ko igihe indongozi zerekanye ko zakoze ibikorwa vyiza hari vyinshi bigaragaza impinduka yabo. Yaciye amenyesha ko ibimugaragaza aca yigana, amera nk’ingazi, atera ubwoba umurwanizi Satani, yongera amenyesha ko mu Banyefeso 4 : 8 havuga ko umurongozi ari ingabire iva ku Mana arico gituma igihe igihugu kiri mu burongozi bw’Imana, abakibamwo baba bahawe ingabire iva mw’ijuru, rero ngo umurongozi Ni ingabire ku Mana no ku gihugu. Ngo umurongozi akomeye mu Mana aja imbere y’abandi akabereka inzira nziza y’ukugororoka, y’ukwera n’iyo gushirwa hejuru. Yishimikije amajambo ari muri Romani 2 : 19, yamenyesheje ko umurongozi ari umuco arico gituma igihe akorera mu muco igihugu kidaheza ngo kije mu mwiza kuko umuco ufise ubushobozi kuruta umwiza. Yarongeye amenyesha kandi ko no muri Romani 2 : 20 havuga ko umurongozi azana ivyamwa vy’umuhanuzi. Yaheraheje abasaba ngo biyerekane nk’indongozi z’ibikorwa vyiza kandi babe akarorero muri vyose. Umuvugabutumwa Paul Bendela Manyenye nawe mu nyigisho yatanze uyo munsi, yishimikije amajambo ari mubanyefeso 4, 26-32 no muri Guharura12, 5-8, yigishije kw’ijambo rivuga ubushobozi bwo guharira. Yababwiye ko nibahariranira Imana izobaharira aca abasaba kuvyigira kuri Yesu we yapfuye kubwabo. Ikindi yamenyesheje n’uko Imana yamweretse ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza afise imbabazi kandi n’igihugu c’Uburundi kizoba akarorero kubera indongozi zashize Imana imbere.  
Abarundi basabwa kwirinda gucokora igihugu cabibarutse kuko igihugu ari inkoramutima
Abarundi basabwa kwirinda gucokora igihugu cabibarutse kuko igihugu ari inkoramutima ku buzima bwabo. Ivyo vyashikirijwe ku muhingamo w’igenekerezo rya 30 Kigarama 2019, n’umukozi w’Imana Laurent Minani arongoye ishengero FECABU ry’i Bujumbura mu nyigisho y’ijambo ry’Imana yatanze ku munsi w’amasengesho yo gushimira Imana. Laurent Minani mu nyigisho ziwe yashimikiye ku majambo ari mu gitabo ca mbere ca Samuel 7 : 14,  afatiye ku majambo ari mu ruririmbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi, igihugu kikaba ari  inkoramutima gutyo rero ngo hariho abantu igihugu gikora ku mutima. Niko guca abasaba kwirinda gucokora igihugu kuko bingana no gucokora umuvyeyi yabibarutse, kandi ko Imana idashobora kubakoresha mu gihe batubaha. Yaciye abasaba guhagarara mu mwanya w’Imana kugira bayiheshe icubahiro kandi ngo kubw’ububasha bw’Imana ivyanyazwe vyose bigiye kugaruka maze umugisha wose ugaruke ku Burundi.Mu nyuma y’izo nyigisho, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarashingiye intahe Imana ku vyiza yakoreye umuryango wiwe no ku gihugu mu mwaka w’2019, ashima Imana ko yamuhaye amagara meza yongera irabazigama mu ngendo bagize zose. Yarashimiye Imana kandi ko yamuzigamiye umuryango bakaba bariko bawuheraheza bashima nk’uko bari barawutanguye. Ngo kubw’imirimo yarangutse mu gihugu naho, ngo mu bisata vyose, mu nzego no mu mashure haranzwe gukora basenyera ku mugozi umwe.   Ikindi naco ngo Imana yahagurukije abarundi guhagararira abarenganijwe, bahagurukira ineza n’iteka ry’Uburundi, yongera itanga intsinzi ku bansi bose ababonetse n’abatabonetse. Yarongeye amenyesha ko ariwe mwaka abarundi bakoreye hamwe mu mashirahamwe no mu makoperative bisigura ko bafise umutima w’urukundo n’uwo gusabikanya. Yarashimiye Imana ko ata biza vyateye ibitungwa n’abarundi n’uko atan’ivyago vyateye Uburundi nk’ibiri mu bindi bihugu, ashima n’uko Imana yatanze ihinguriro rifasha abarimyi umwavu wa kijambere. Ikindi naco ngo Imana yatanze ubwenge n’ubukerebutsi bidasanzwe, yongera irinda Uburundi n’abarundi ibitero vy’iterabwoba. Yaheraheje ashima Imana ko n’iminsi mikuru yose yatunganijwe, haba iy’igihugu n’imiryango  yabaye mu kanyamuneza n’umunezero.
Evelyne Niyonzima

Ouvrir