Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abantu bangana 117863 nibo biyandikishije mw’iyandikwa riheruka ryo kuwa 9 gushika ku va 12 Gitugutu 2019

Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora  waratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru, mu ntumbero yo gushira ahabona ivyavuye mu kwandika  abatari bashoboye kwiyandikisha mw’itora ry’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’ 2018 hamwe n’imanikwa ry’intonde mfatakibanza z’abazotora vyatunganijwe kuva ku wa 9 gushika ku wa 12 kigarama 2019. Ico kiganiro kikaba caremeshejwe n’uwurongoye umurwi CENI Pierre Claver Kazihise ku wa  30 kigarama 2019.Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora  waratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru, mu ntumbero yo gushira ahabona ivyavuye mu kwandika  abatari bashoboye kwiyandikisha mw’itora ry’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’ 2018 hamwe n’imanikwa ry’intonde mfatakibanza z’abazotora vyatunganijwe kuva ku wa 9 gushika ku wa 12 kigarama 2019. Ico kiganiro kikaba caremeshejwe n’uwurongoye umurwi CENI Pierre Claver Kazihise ku wa  30 kigarama 2019.Pierre Claver Kazihise yamenyesheje ko bakurikije ikirangaminsi bari bihaye muri uwo murwi, CENI  yararonse umwanya wo kubimenyekanisha ko abataronse umwanya wo kwiyandikisha mu gihe c’Ibwirizwa Shingiro bogenda bakandikwa .  Muri iryo yandikwa hakaba hiyandikishije  abantu bagera 117.863, abagore 52343 n’ukuvuga  ababa ibice 45 , 41 kw’ijana n’abagabo 65520,baba ibice (56%) , 55 n’uduce 58 kw’ijana.  Abari bamaze kwiyandikisha ni  5000742, abo banditswe bashasha bangana ibice 2 n’uduce 35 kw’ijana.  Ivyibonekeje nuko abiyandikishije benshi bavuye mu ntara zakiriye abatahutse bavuye mu mahanga. Ibibazo vy’ibonekeje muri iryo yandikwa hari abafatanywe amakarata karangamuntu ya magendu, mu ntara ya Karusi hari abagerageje kwiyandikisha kabiri, ng’aho umukuru w’umurwi CENI yaciye abavunira akagohe ko n’uwoba yarabigize azosanga yifutishije kuko babishize mu mashini nyabwonko bizoca vyibonekeza. Pierre Claver Kazihise yarongeye aramenyesha ko  ibitigiri bari biteze vyabonetse kandi ko bagiye kubitosora kugira haboneke ibitigiri ntabanduka vyabazitaba amatora mu mwaka w’2020.Ku vyerekeye imanikwa ry’intonde kugira abanyagihugu basuzume ko amazina yanditswe neza,  batabashizeko kandi bari baranditswe, abataye ikarata y’itora hamwe n’abantu bose bavuye aho bari biyandikishije barondera kwimurirwa aho bari muri kino gihe. Pierre Claver kazihise akaba yamenyesheje ko ico gikorwa cabaye ngirakamaro kuko harashoboye gutunganirizwa abantu bashika 2768 basanze batari ku rutonde bari biyandikishije, harakosorwa  inyandiko z’imyidondoro ku bantu 26011. Harashoboye gufutishwa aboba batagifise uburenganzira bwo gutora, ibitigiri bisa na birebire kuko ni 1727, imbere yo kubihinyuza bazobanza kuraba koko ko ari ivy’ukuri. Abasavye  kwimurirwa ku zindi biro z’amatora ni 63013. Pierre Claver Kazihise yarongeye amenyesha ko hibonekeje mwiyandikiro,  utunenge tumwe tumwe ku mayandikiro amwe amwe, bitakozwe uko bitegerezwa kuko uwushaka kwimurwa yategerezwa ku bisaba aho nyene yipfuza kuzotorera, kuko aba yahinduje  kuko aba atagishika aho yari yiyandikishirije. Ivyo bigasaba ko amakarata amaze gusohoka , abo bantu batashitse iyo bipfuza kwimurirwa, ko bogenda kuraba amakarata yabo aho bari basanzwe bariyandikishije. Pierre Claver kazihise yarakengurukiye  abari basavye kurorera iyandikwa n’imanikwa ry’intonde, imigambwe ishika kuri 15 n’amashirahamwe 29 yashitse ku kivi agakurikirana  ingene ivyo bikorwa bibiri vyariko biragenda. Bose hamwe abarungitse abarorerezi bakaba ari 15491, bakaba barasavye uruhusha umurwi CENI kandi  bararuronswa. Ariko naho biruko hariho imigambwe 2 n’amashirahamwe 3 basavye uruhusha mugabo batagiye kuzitora, bisigura ko bahaye akazi CENI kadakenewe, Igihe bosubira gusaba izindi bazobanza kwerekana neza ko bazikeneye, atari kuza gutesha umwanya n’ugusahura uburyo CENI. Umugambwe umwe ukaba ariwo washoboye gutanga icegeranyo ; amashirahamwe 2 nayone akaba yaragitanze. Pierre Claver kazihise yasozereye amenyesha ko iyandikwa n’imanikwa ry’intonde vyagenze neza mu gihugu cose, ibiharuro vyabonetse ntibiri kure n’ingereranyo bari bafise. Ivyo biharuro mfatakibanza, bategerezwa gutosorwa, bishoboka kugabanuka nk’igihe bosanga abiyandikishije kabiri, canke bakoresheje amakarata atemewe.

Anitha Bizimana

Ouvrir