Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiharuro vy’abapfa bahitanywe n’umugera wa Sida bigenda biragabanuka

mutualIbiharuro vy’abapfa bahitanywe n’umugera wa sida bigenda biragabanuka, ugereranije n’imyaka iheze ndetse n’ibiharuro vy’abandura bashasha navyo nyene bigenda biragabanuka. Ku bagendana umugera wa Sida, ivyigwa vyakozwe mu mwaka w’2002 ivyo vyigwa vyerekanye ko abagendana umugera wa Sida bari ibice 6%, inyuma yaho, icigwa cakozwe mu mpera z’umwaka w’2016 ushira uw’2017, ibiharuro vy’abagendana umugera wa Sida vyari bigeze ku 0,9%. Kuri ivyo biharuro, ngo abakenyezi nibo baza ku bwinshi gusumba, abagabo. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya Sida n’indwara zandukira ziciye mu bihimba vy’irondoka PNLS/IST, muganga Aimé Ndayizeye, ku wa 24 Kigarama 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Ibiharuro vy’abapfa bahitanywe n’umugera wa sida bigenda biragabanuka, ugereranije n’imyaka iheze ndetse n’ibiharuro vy’abandura bashasha navyo nyene bigenda biragabanuka. Ku bagendana umugera wa Sida, ivyigwa vyakozwe mu mwaka w’2002 ivyo vyigwa vyerekanye ko abagendana umugera wa Sida bari ibice 6%, inyuma yaho, icigwa cakozwe mu mpera z’umwaka w’2016 ushira uw’2017, ibiharuro vy’abagendana umugera wa Sida vyari bigeze ku 0,9%. Kuri ivyo biharuro, ngo abakenyezi nibo baza ku bwinshi gusumba, abagabo. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya Sida n’indwara zandukira ziciye mu bihimba vy’irondoka PNLS/IST, muganga Aimé Ndayizeye, ku wa 24 Kigarama 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko uwo muyobozi yabishikirije  ngo mu gihe Uburundi bwifatanije n’amakungu ku wa mbere Kigarama mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya Sida, basanze  Uburundi bwarateye intambwe mu kugwanya ico kiza. Ivyo akabivuga yisunze ibiharuro vyavuye mu vyigwa vyakozwe mu myaka y’2002 n’2017.Muri ivyo vyigwa muganga Aimé Ndayizeye yasiguye ko abankenyezi basanzwe ari benshi kandi n’umubiri wabo uko usanzwe uremye aribo bandura cane ugereranije n’abagabo. Ikindi gishobora kuba gituma ivyo biharuro, n’uko aribo babangamirwa n’ubugizi bwa nabi bwo kubafata ku nguvu. Twisunze vya biharuro vy’abagendana umugera wa sida, ngo mu bisagara abawugendana ni 2,5%, mu gihugu hagati naho ni 0,7%. N’aho mu gihugu hagati biboneka ko ibiharuro biri hasi cane, ngo hariho abo usanga bawugendana batabizi, gutyo bakagenda baranduza abandi. Vyongeye, ngo itandukaniro rihari ugereranije no mu bisagara, ngo basanzwe baramenye ivy’umugera wa Sida, aho usanga bose bari ku muti upfupfahaza umugera wa sida.
Ibice 99,6% vy’abagwaye bari ku muti upfupfahaza umugera wa Sida
Ku bijanye n’ihangiro ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kugwanya umugera wa sida ONUSIDA ryihaye ko mu mwaka w’2020, ibice 90% vy’abantu boba baripimishije umugera wa sida, uno munsi mu Burundi ngo tugeze ku bice 84%, vyumvikana ko hari ibice 6% vy’abantu bashobora kuba bafise umugera wa sida batabizi. Aho ngo niho hagisigaye akazi ko kugondoza ivyo bice bisigaye kugira nabo bashobore kwipimisha, bamenye uko amagara yabo yifashe. Iryo hangiro nyene, ritegekanya ko abapimwe bose baca bashirwa ku muti upfupfahaza umugera wa Sida, ku bantu bimishije umugera wa Sida, bagasanga baragwaye, ngo ibice 99,6% bararonswa umuti kuko ngo niyo ntumbero y’ishiharamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS. Iryo hangiro nyene, rirategekanya ko abari ku muti boheza bagapimisha kugira bamenye urugero umugera ugezeko mu maraso yabo, uno munsi mu Burundi, abipimisha kugira barabe aho umugera ugeze mu maraso ngo ni ibice 88%, umugera utakiboneka mu maraso, no kwanduza biraheza bikagenda bigabanuka. Ishirahamwe ONUSIDA ryoryo ritegekanya ko mu mwaka w’2030, ibihugu vyoba bigeze ku bice 95% gatatu.Ubushakashatsi bwarateye imbere, umugwayi wa sida asigaye afata ikinini kimwe ku munsi ku munsiKu bijanye n’imiti ipfupfahaza, ngo ubushakashatsi bwagiye buratera imbere, aho mu myaka iheze, umugwayi yafata ibinini biri hagati ya 6 na 10, aho bimwe murivyo wasanga bifise ingaruka mbi ku magara y’umugwayi. Uno munsi, ngo umugwayi afata ikinini kimwe ku munsi, ico knini kikaba kirimwo ubwoko butatu bw’imiti. Nico kinini kimwe, ngo ubwoko bwahahora, umugwayi yagifata agiye kuryama kubera camutera gusinzira cane, ariko ngo ubu umugwayi araba isaha imworohereza akaza aragifata kuri iyo saha ku munsi ku munsi. Ku rutonde rw’imiti ipfupfahaza umugera wa sida, ngo baherutse gushira ku rutonde rwayo umuti witwa “Dolutegravir”, uwo nawo ngo ufasha kugira umugera ugabanuke ningoga mu maraso, mu kiringo c’amezi atandatu, aho ni mu gihe vyahora bifata ikiringo c’umwaka wose. Umugera ugabanutse mu maraso, ngo bituma n’indwara zivyuririzi zica zigabanuka, gutyo umugwayi akagira amagara meza nk’abandi bose.Umuti “Dolutegravir” ngo wemejwe gukoreshwa mu Burundi mu mpera z’umwaka w’2018, ubu ngo bariko barayitanga, aho igenda isubirira iyindi umugwayi yahora afata, akizera ko mu mpera z’umwaka w’2020, abagwayi bose bazoba bawufata. Ku bagwayi bahora bafata umuti urimwo uwitwa “Negrapine”, ngo bazoca bafata “Dolutegravir”, abagwayi bashasha bobo ngo baca bawufata ubwo nyene. Umuntu atanguye kuwufata, bisaba ko aca abandanya awufata kandi ngo n’umuti ata ngorane utera amagara y’umugwayi.
Urugamba rwo kugwanya sida ngo ni urw’abarundi bose
Umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya sida n’indwara zandukira ziciye mu bihimba vy’irondoka PNLS/IST ingorane bahura nazo, ahanini ngo ni ugutora abagendana umugera wa sida batabizi kugira ntibabandanye banduza abandi. Mu ntumbero yo gushikira iyo mirwi y’abantu, ngo vyoca mu guhimiriza, amashirahamwe, abajejwe intwaro n’abandi bose bagafasha muri ico gikorwa, na cane cane ya mirwi y’abagore bagendana n’abagabo benshi, abafata ibiyayura bakoreshe ibitobora uruhu, abarovyi, abacukura ubutare hamwe nabamwe batwara imodokari nini nini, bafata ingendo ndende.Ku bakenyezi bibungenze, ngo bo kwijukira gupimisha imbanyi kugira bashobore kubapima n’umugera wa sida, igihe basanze bagwaye kugira bashobore gutangura imiti kare, mu ntumbero yo gukingira abana bibungenze. Ikindi asaba ababa bari ku miti n’uko boja kugira ibipimo kugira barabe urugero rw’umugera mu maraso, aho rugeze, ivyo vyofasha kugira bagabanye abantu bashasha bagenda barandura umugera wa sida. Ku bagwayi bari ku muti, ngo n’aho umugera woba utacibonekeza mu maraso, bokwirinda gushurashura kubera ko bashobora kwandura imigera y’ubundi bwoko, canke bakandura n’izindi ndwara zica mu bihimba vy’irondoka nk’iz’igitugu, n’izindi.Tubamenyeshe ko muganga Aimé Ndayizeye atera akamo abarundi ko kugwanya sida ari igikorwa ca bose, abajejwe intwaro, amashirahamwe hamwe nabo bose bafise ijwi rishika kure. 

Déo Misigaro                                                                                                         

Ouvrir