Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abana bakuriye mu muryango w’abavyeyi batabanye neza barabura urukundo ntibiyumvemwo iwabo

zioaUmuhinga, yanonosoye ibijanye n’ukwumviriza abantu Aléxis Ndayizigiye yamenyesheje ko umwana avutse ku bavyeyi batumvikana agira ingorane nyinshi muri kazoza haba kubura urukundo,kugira ishavu canke kutigera anezerwa. Ivyo yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2019 mu kiganiro  yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Umuhinga, yanonosoye ibijanye n’ukwumviriza abantu Aléxis Ndayizigiye yamenyesheje ko umwana avutse ku bavyeyi batumvikana agira ingorane nyinshi muri kazoza haba kubura urukundo,kugira ishavu canke kutigera anezerwa. Ivyo yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2019 mu kiganiro  yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko Aléxis Ndayizigiye yabandanije abimenyesha,  ngo umwana yavutse muri izo ngorane akiri muto avyerekanira mu kwama akubita abandi bana canke agatuka abantu bakuze kandi  ntaco aheza ngo atinye. Inyigisho y’umuryango rero ngo niwo mushinge kuko igihe umwana ataronse inyigisho zikwiye akiri muto biraheza bikamugora.Ikindi yamenyesheje ni uko igihe uwo mwana amaze gutangura ishure iyo umwigisha ariko aramwigisha birabura aho bishikira kuko no muhira iwabo ata nyigisho zitandukanye aba yaramenyereye.Iyindi ngorane ashobora kugira muri kazoza ngo ni uko ageze kwubaka urugo biheza bikamutuma agomba kwihorera k’uwo bubakanye. Muri ukwo kwihora rero abikora avuga ko na nyina wiwe canke se wiwe atigeze aronka amahoro agaca ashaka gufata uwo bubakanye nk’uko se na nyina babanye. Ikindi kandi ni uko abo bana baheza bakagaruka gukubita abavyeyi babo kubera ishavu bagize bakiri bato. Abana mwen’abo rero ngo barangwa n’ukugira umubabaro kandi no muhira ntibahiyumvamwo baguma bashaka kuja hanze kugirango baronke amahoro mu mitima y’abo. Hariho kandi n’abashima guheba kwubaka ingo zabo kubera ivyo babonye mu rugo iwabo. Umwana rero adakuriye mu rukundo kugirango bizohinduke ngo ni uko aba yagize amahirwe yokuronka abandi bavyeyi bamufasha ariko nabo nyene ngo ntibaba bagishika aho boshitse ubwa mbere. Benshi kandi ngo baca baja kunywa inzoga canke ibiyayuramutwe kugirango bibagire ingorane ziri mu nzu iwabo.

Christine Manirambona

Ouvrir