Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Indwara y’uguhurirwa iva ku rukurikirane rw’imiryango

IMG 20200102 WA0001Indwara y’uguhurirwa ngo siyo umuntu yandura ahubwo iva ku rukurikirane rw’imiryango. Ivyo vyashikirijwe na muganga Cyrille Niyonkuru avura indwara zo mu mazuru, mu matwi no mu mihogo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Indwara y’uguhurirwa ngo siyo umuntu yandura ahubwo iva ku rukurikirane rw’imiryango. Ivyo vyashikirijwe na muganga Cyrille Niyonkuru avura indwara zo mu mazuru, mu matwi no mu mihogo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko yabimenyesheje, ngo indwara yo guhurirwa ngo ni indwara iva mu miryango (familiale) kiretse iyiba yatewe n’ivyo umuntu yafunguye umubiri wanse kwakira neza. Yaciye amenyesha ko hariho  n’ibituma uwusanzwe arwaye iyo ndwara aguma yisubiriza kuyirwara (crise). Ngo kugira iyo ndwara ntigume yisubiriza, umuntu yokwirinda gukubura, kunywa itabi canke kuba hafi y’uwuriko ararinywa, kuko bica mu bihimba vy’ihemero vy’umuntu akwongera akirinda gufungura amagi, n’amaforomaji. Ikindi yamenyesheje n’uko iyo ndwara itandukira ariko ngo ifatira ahantu hose umuntu ahemera kenshi ugasanga umuntu aguma yivyiringira mu maso, mu mazuru n’ahandi ari naco gituma baca barwara hasima, ikwongera igafatira mu mihogo no ku rukoba. Iyo ndwara kandi ngo iraterwa n’aho umuntu aba, aho aryama, aho akorera ari naco gituma abantu boja barasuzuma isuku ry’aho baba. Muganga Cyrille yaciye ahamagarira abavyeyi bafise abana bakunda kuyirwara kuja barabajana kwa muganga igihe cose bayirwaye kugira baje barabaha imiti kuko ngo uwuyirwaye hakiri kare uko aja arakura iragabanuka.  Ku bana naho yahamagariye abavyeyi kubajana kwa muganga kugira baje barabaha imiti bafata. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir