Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi «Merankabandi» wari gufasha abantu bafise amikoro make 48.000 ariko ubu ugeze ku 50.090

Umugambi «Merankabandi» ugitunganywa wategerezwa gufasha imiryango 48.000 ifise abana batarenza imyaka 12 kandi y’abantu bafise amikoro make, batowe mu burere bw’igihugu uwo mugambi  ukoreramwo kuva muri Mukakaro 2017 ariko gushika ubu ufasha abashika 50.090. Mu kubafasha uraheza ukabaha amahera bakoresha mu migambi yobafasha kwisununura mw’iterambere. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, gushigikirana n’iterambere ridakumira Martin Nivyabandi ku wa 26 Munyonyo 2019. Hari mu nama yari yeteguwe kugira barabire hamwe ivyo uwo mugambi umaze kurangura mu gihe ugeze hagati ni ukuvuga haheze imyaka ibiri ukora.Umugambi «Merankabandi» ugitunganywa wategerezwa gufasha imiryango 48.000 ifise abana batarenza imyaka 12 kandi y’abantu bafise amikoro make, batowe mu burere bw’igihugu uwo mugambi  ukoreramwo kuva muri Mukakaro 2017 ariko gushika ubu ufasha abashika 50.090. Mu kubafasha uraheza ukabaha amahera bakoresha mu migambi yobafasha kwisununura mw’iterambere.

Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, gushigikirana n’iterambere ridakumira Martin Nivyabandi ku wa 26 Munyonyo 2019. Hari mu nama yari yeteguwe kugira barabire hamwe ivyo uwo mugambi umaze kurangura mu gihe ugeze hagati ni ukuvuga haheze imyaka ibiri ukora.Yamenyesheje ko uwo mugambi ukorera ku mitumba ishika 247 iri mu makomine 16 yatowe mu ntara zine arizo Ruyigi, Karusi, Gitega na Kirundo. Izo ntara ngo bazihisemwo kubera zibonekezamwo abantu bakenye cane hamwe n’abantu bafungura nabi cane. Niko kumenyesha ko abafashwa n’uwo mugambi ari ingo zifise amikoro make kurusha abandi baba kuri iyo mitumba. Yarongeye amenyesha ko abafashwa n’uwo mugambi bamaze kuronswa amahera angana 14.688.593.000 y’amarundi. Urugero rw’ayo mahera rurerekana ko hamaze kuba akarusho mu gufungura neza, kuba heza no kurwiza umwimbu biciye mu kubaronsa ifumbire y’ikizungu. Ngo uwo mugambi watumye kandi n’abana baja ku mashure ; imiryango n’abantu muri rusangi bamenya kuziganya no gukoresha neza uburyo bahabwa mu kwiyungunganya. Umushikiranji Martin Nivyabandi yarashimiye abakozi bo muri uwo mugambi bitanze batiziganya kugira uje mu ngiro. Bisubiye ngo uwo mugambi wararengeje n’urugero rw’abafashwa kuko wavuye ku miryango  48.000 ushika ku miryango 50.090. Ikindi yamenyesheje ni uko mu gutegekaniriza kazoza abanyagihugu, Reta y’Uburundi yashinze umurwi w’igihugu ujejwe gutegekaniriza kazoza abanyagihugu urongowe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ngo ni muri iyo ntumbero Reta yashizeho imigambi ifasha abanyagihugu kubaho neza. Yarashizeho kandi umugambi wo gufasha abantu bafise amikoro make mu bijanye n’amagara y’abantu, aho abantu bageze mu zabukuru 5.000 bahawe amakarata yo kwivurizako; abana bari munsi y’imyaka 5 hamwe n’abavyeyi bibaruka bavurwa ku buntu mbere na bantahonikora barubakirwa inzu n’ibindi. Yarashimiye n’Ibanki y’isi yose ku bwa Reta y’Uburundi ku kubona ifasha mu bisata vy’imibano na cane cane mu gutegekaniriza kazoza abanyagihugu. N’aho bimeze gutyo ngo haracibonekeza intambamyi nk’ibijanye n’urugero rw’imiryango uwo mugambi ufasha ugereranije n’abakeneye gufashwa. Reta y’Uburundi ariko iripfuza ko uwo mugambi worangurwa no mu ntara zindi ku buryo imiryango ifise amikoro make yose yoshikirwa. Umugambi « Merankabandi » rero ntushobora gufasha vyose wonyene arico gituma hakwiye kuba iyindi migambi ifasha mu bijanye n’amagara y’abantu, indero no gutuma abana batoyi bakura neza.Uwuserukira Ibanki y’isi yose mu Burundi Véronique Kabongo nawe yarashimiye Reta y’Uburundi yatunganije uwo mugambi ikwongera ikawushira mu ngiro. Yarongeye arashima kubona amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF n’amashirahamwe adaharanira  ivyicaro vya poritike, abajejwe intwaro hasi n’abafashwa n’uwo mugambi bose bitanga kugira uje mu ngiro. Uwo mugambi kandi ngo warafashije imiryango y’abatwa kugira baronke ibibaranga ; bandikishe abana; ababana bidaciye mu mategeko bandikwe muri komine. Urabigisha kandi kurima kijambere; kugira isuku ry’aho baba no kugira uburaro bwiza; kwigisha abana babo no kubavuza. Yarongeye amenyesha ko uwo mugambi ukoresha amahera angana imiriyoni 40 y’amadorari y’abanyamerika yatanzwe n’Ibanki y’isi yose. Yashikirije ko muri uwo mugambi  bashimikira ku gufungura ingaburo zikwije ibisabwa, amagara y’abana, kuziganya no kwiteza imbere. Umuhuzabikorwa w’umugambi «Merankabandi»  Michel Nyabenda nawe yamenyesheje ko intumbero y’uwo mugambi ari ugufasha imiryango y’abantu bafise amikoro make. Amakomine afashwa n’uwo mugambi nayo ngo ni : Butaganzwa, Bweru na Gisuru zo mu ntara ya Ruyigi. Komine Bugenyuzi, Gihogazi, Mutumba na Nyabikere zo mu ntara ya Karusi. Komine za Bugendana, Buraza, Gitega na Itaba zo mu ntara ya Gitega. Komine Bugabira, Busoni, Kirundo na Ntega zo mu ntara ya Kirundo. 

Gloriose Nshimirimana      

Ouvrir