Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibanki nkuru y’igihugu niyo yonyene irekuriwe kugura inzahabu

CUIOKw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019, ubushikiranganji bujejwe amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bwarasohoye itanganzo rijanye n’igurishwa ry’inzahabu. Côme Manirakiza   aramutswa ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko mu ntumbero yo  kwubahiriza ingingo zafashwe n’Inama nkuru y’igihugu ijweje umutekano zijanye no kurwanya ubunyonyezi buciye mu rudandazwa rw’inzahabu hamwe no gusubiza agaciro ifaranga ry’Uburundi, ubushikiranganji bujejwe ivy’ubutare n’agataka  bwarahagaritse amakontwari yose agura akwongera akagurisha ubutare bw’inzahabu. Ibanki nkuru y’igihugu BRB ikaba ariyo yonyene irekuriwe kugura ubutare bw’inzahabu.Kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019, ubushikiranganji bujejwe amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bwarasohoye itanganzo rijanye n’igurishwa ry’inzahabu. Côme Manirakiza   aramutswa ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko mu ntumbero yo  kwubahiriza ingingo zafashwe n’Inama nkuru y’igihugu ijweje umutekano zijanye no kurwanya ubunyonyezi buciye mu rudandazwa rw’inzahabu hamwe no gusubiza agaciro ifaranga ry’Uburundi, ubushikiranganji bujejwe ivy’ubutare n’agataka  bwarahagaritse amakontwari yose agura akwongera akagurisha ubutare bw’inzahabu. Ibanki nkuru y’igihugu BRB ikaba ariyo yonyene irekuriwe kugura ubutare bw’inzahabu.Ngo amakontwari yose afise inzahabu atari bwashore asabwe kuzishorera vyihuta mw’Ibanki nkuru y’igihugu. Ngo ayandi makontwari yose agura akwongera akagurisha ubundi butare arabandanya imirimo yayo ariko asabwe kugura akoresheje amafaranga y’amarundi nk’uko bitegekanijwe n’amategeko. Manirakiza yamenyesheje k’uwuzorenga kuri izo ngingo azofatwa hanyuma agahanwa hisunzwe ibwirizwa rigenga ubutare mu Burundi n’ibwirizwa mpanavyaha. Ngo ubushikiranganji bujejwe amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka burasavye abajewe imbibe, umutekano, BRB, ibigo OBR na OBM, abajejwe ikibuga c’indege  mpuzamakungu Melchior Ndadaye, abajejwe ubutungane n’intwaro yo hagati mu gihugu gufasha kwubahiriza izo ngingo.

Aline Kanyana

Ouvrir