Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikigo BBN kirafasha kumenyesha ibikenewe ku kidandazwa gishorwa kw’isoko mpuzamakungu

SOITAbadandaza n’abahingura ibidandazwa bitandukanye basabwa kwitura ikigo kijejwe kugenzura utunenge mu bidandazwa vyinjira n’ibisohoka bivuye mu Burundi BBN, kugira babamenyeshe ivyitonderwa canke ibisabwa ku kidandazwa runaka bivanye n’isoko bashaka gushoreramwo, ivyahinguwe canke ivyimburwa vyo mu Burundi. Aho ni mu gihe Uburundi buri mu bihugu 160 biri mu kigo mpuzamakungu kijejwe gushiraho amategeko canke ivyitonderwa bitegerezwa kuranga ibidandazwa, nk’Uburundi ngo burashika ku biranga ikidandazwa cose vyashizweho n’ico kigo. Abadandaza n’abahingura ibidandazwa bitandukanye basabwa kwitura ikigo kijejwe kugenzura utunenge mu bidandazwa vyinjira n’ibisohoka bivuye mu Burundi BBN, kugira babamenyeshe ivyitonderwa canke ibisabwa ku kidandazwa runaka bivanye n’isoko bashaka gushoreramwo, ivyahinguwe canke ivyimburwa vyo mu Burundi. Aho ni mu gihe Uburundi buri mu bihugu 160 biri mu kigo mpuzamakungu kijejwe gushiraho amategeko canke ivyitonderwa bitegerezwa kuranga ibidandazwa, nk’Uburundi ngo burashika ku biranga ikidandazwa cose vyashizweho n’ico kigo. 

Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwurongoye igisata kijejwe gutororokanya ibiranga ibidandazwa ko bikwije ibisabwa n’amategeko, Jean Claude Ndereyimana, ku wa 27 Munyonyo 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko uwo arongoye igisata kijejwe gutororokanya ibiranga ibidandazwa ko bikwije ibisabwa n’amategeko, mu kigo BBN, Jean Claude Ndereyimana yabandanije abishikiriza, ngo Uburundi bwaragize amahirwe yo kuronka imigambi imwe imwe nka Markup-UE, uwo mugambi nawo ngo waje gukorera ku biterwa vy’ikawa, icayi hamwe n’ibiterwa vy’intete kugira bishobore gushoka ku masoko mpuzamakungu. Uwo mugambi Markup-UE ngo waje kuraba ibisabwa ku masoko mpuzamakungu dufise ku giterwa c’ikawa ko bihuye n’ibisabwa ku masoko y’i Buraya kugira ngo ikawa y’Uburundi ishobore gushorerwa mu bihugu vya Buraya.Vyongeye, ngo bamaze kuraba ivyo dufise nk’Uburundi ku giterwa c’ikawa, haciye hashirwaho umurwi  ujejwe gushiraho ivyo bisabwa kugira ngo bishobore guhura nivy’abanyaburaya basaba mu ntumbero yo gushora ikawa itarinze gusubirwamwo mu bijanye n’ibiyiranga. Ikindi ngo n’uko baravye basanga hari ibikoresho bimwe bimwe bibuze kugira ngo ikigo BBN gishobore gupima ibintu vyose biranga iyo kawa. Ivyo vyuma navyo ngo bavyiteze mu kiringo c’ukwezi kumwe. Ivyo ngo bizobafasha gupima ibintu vyose bitegerezwa kuranga ikawa y’akarorero, y’akanovera ihinguwe hisunzwe amategeko mpuzamakungu.Ku bijanye n’amafi, ngo hariho uwundi mugambi uriko urakorera muri ico gisata, uwo nawo witwa PDLE, haruhande y’ico gisata, urakorera kandi no ku bijanye n’inyubako, akarorero n’amabuye n’umusenyi bikoreshwa mu kwubaka. Umugambi PDLE urakorera kandi no ku biterwa bito bito nk’imboga n’ivyamwa, aho haca hibonekeza ivyamwa vya « Mandarines » vyo mu Rumonge. Mu ndwi zibiri, ngo bazoba bariko baragendera abantu bose bakorera mu gisata c’amafi mu ntumbero yo kubereka ivyitonderwa canke ibisabwa kw’ifi kugira  ibe iy’akarorero, ikwije ibisabwa mu bijanye n’ingaburo, ukuntu ibikwa no kuyunguruza mu masandugu yabigenewe.

Amashirahamwe FAO na OMS yarashizeho ivyitonderwa canke ibisabwa n’amategeko ku mafi
No ku gisata c’amafi, ngo hariho ivyitonderwa canke ibisabwa mpuzamakungu vyashizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa kw’isi FAO hamwe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu OMS, bitegerezwa kwisungwa. Igikenewe rero ngo n’uko umurovyi yovuga igihugu akeneye gushoreramwo ifi, ico gihugu kimaze kumenyekana, mu kigo BBN baraheza bakamumenyesha ibisabwa canke ivyitonderwa « normes » kugira ashobore kujanayo ico kidandazwa ciwe.Ivyo bisabwa bimaze kumenyekana, ngo araheza akavyisunga imbere yo gushora ico kidandazwa ciwe.Ariko ngo ku bijanye n’amahinguriro, bisa n’ibigoye kubera ko hari ico bita « accréditation », ni ukuvuga ko hari ikigo mpuzamakungu  gihariwe gutanga agaciro ku mahinguriro, ico kigo kijejwe kwemeza ivyo amashirahamwe ahingura ko biba bikurikije amategeko, aho ukorera ko ivyisungwa biba vyubahirijwe kugira ikidandazwa kigire ubwizigirwa. Ivyo ngo birazimvye ariko ngo hariho abamaze kubishikako, aho akavuga ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi, ihinguriro ry’amata «Natura» hamwe na «Savonor». N’aho bizimvye ngo bifasha kugira ikidandazwa kigire ubwizigirwa.Ico Abarundi bakwiye kumenya, n’uko ivyo kwitonderwa kugira bijeho, ngo barahamagara abahinga bo mu makaminuza batandukanye bakora ubushakashatsi ku giterwa runaka canke icahinguwe i Burundi, abo bose barazana ivyiyumviro kugira ivyitonderwa bijeho.Uwo murwi ngo niwo ushiraho urugero kugira  ico cahinguwe ntikigire ingaruka mbi haba ku bidukikije no ku magara y’abantu. Ku bwiwe rero, ngo utwigoro muri Reta turiko turakorwa kugira ivyimburwa n’ibihingurwa mu Burundi bishobore gushoka hanze. Ivyo akaba yabivuze yisunze imigambi itatu iriko irashigikira ikigo BBN, iyo nayo ni Markup-UE, Comesa na PDLE, iyo migambi yose ngo yaje gushigikira ikigo BBN kugira gishobore gufasha abadandaza mu ntumbero yo gushora ku masoko mpuzamakungu.

Umugambi w’igihugu w’ubuziranenge uzotorera inyishu ibibazo bitari bike

Haruhande y’iyo migambi itatu, ngo hariho n’umugambi w’igihugu ujanye n’ubuziranenge wamaze kwemezwa, hasigaye ko ufata inzira ayandi mategeko yose asanzwe acamwo kugira uje mu ngiro. Uwo mugambi ngo niwo uzoza gutorera inyishu ibibazo vyose bihari bituma abadandaza badashorera hanze ibidandazwa vyabo kugira bizanire amafaranga y’agaciro igihugu. Bisubiye, ngo harategekanijwe n’inama izoba ijanye no gufasha kwigisha abahinguzi, uburyo bokoresha kugira ibidandazwa vyabo bishike kw’isoko mpuzamakungu vyoroshe. Mu gihe, abarimyi n’abahingura ibidandazwa bitandukanye basaba Reta gukora ibishobotse kugira babishorere  hanze, Jean Claude Ndereyimana yaboneyeho akaryo ko gusaba  ko ikigo BBN ko coronswa uburyo, ibikoresho n’abakozi kugira nabo bashobore guha agaciro n’ibihingurwa vyo mu Burundi.Tubamenyeshe ko mu rugendo umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yagize n’abashingamateka bose mu ntara icumi aho baciye hose basaba ko amategeko yotegurwa kugira ibihingurwa n’ivyimburwa bize birashoka hanze y’igihugu kuko ngo hari ibihugu usanga vyiyitirira ivyimburwa vy’Uburundi. 

Déo Misigaro                                                                                                          

Ouvrir