Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inyubako zitandukanye zaruguruwe icese muri zone Ngagara

NGOMBAKu wa 26 Munyonyo 2019, mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 57 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira, Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yaruguruye icese inyubako zitandukanye, muri zone Ngagara, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, izo nyubakwa zigizwe n’ivyuma bitanga umuyagankuba uturutse ku mishwarara y’izuba mu kigo c’ishure kaminuza ryitiriwe umwizero wa Afrika hamwe n’ikigo kizohingura imiti, kiri muri karitiye « Industriel ». Mu kigo c’iryo shure kaminuza, Umukuru w’igihugu yahuguruye ivyuma bizofasha gutanga umuyagankuba uturutse ku mishwarara y’izuba, bifise ubushobozi bwo gutanga amakirowateri 167, igihe izuba ririko riraka neza.

Nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe ubuhinga aho muri iryo shure kaminuza,Gaspard Ndikumana, ibikorwa vyo gushiraho ivyo vyuma vyamaze ikiringo c’amezi 5 bikaba vyubatswe ku miriyaridi 2 n’igice z’amafaranga y’amarundi. Ubwo buryo bukaba bwatanzwe n’abasanzwe bashigikira iryo shure mu bikorwa bitandukanye. Akwunguko karimwo ngo ni uko bahora bakoresha ku kwezi umuyagankuba ufise agaciro k’imiriyoni 7 hamwe n’ibitoro vy’imiriyoni 7 nyene, igihe amatara yacitse, ni ukuvuga imiriyoni 14 ku kwezi ku kwezi. Ubwo buryo ngo buzoca bifasha mu bindi bikorwa. Mu gihe ivyo vyuma bizotanga umuyagankuba ku rugero rw’amakorowateri 167, ngo iryo shure rikoresha ku munsi ku munsi hagati y’amakirowateri 50 n’100. Aho mw’ishure kaminuza ryitiriwe umwizero wa Afrika, Umukuru w’igihugu abarirongoye baramugabiye ishashi y’inka.Ku wa 26 Munyonyo 2019, mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 57 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira, Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yaruguruye icese inyubako zitandukanye, muri zone Ngagara, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, izo nyubakwa zigizwe n’ivyuma bitanga umuyagankuba uturutse ku mishwarara y’izuba mu kigo c’ishure kaminuza ryitiriwe umwizero wa Afrika hamwe n’ikigo kizohingura imiti, kiri muri karitiye « Industriel ». Mu kigo c’iryo shure kaminuza, Umukuru w’igihugu yahuguruye ivyuma bizofasha gutanga umuyagankuba uturutse ku mishwarara y’izuba, bifise ubushobozi bwo gutanga amakirowateri 167, igihe izuba ririko riraka neza. Nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe ubuhinga aho muri iryo shure kaminuza,Gaspard Ndikumana, ibikorwa vyo gushiraho ivyo vyuma vyamaze ikiringo c’amezi 5 bikaba vyubatswe ku miriyaridi 2 n’igice z’amafaranga y’amarundi. Ubwo buryo bukaba bwatanzwe n’abasanzwe bashigikira iryo shure mu bikorwa bitandukanye. Akwunguko karimwo ngo ni uko bahora bakoresha ku kwezi umuyagankuba ufise agaciro k’imiriyoni 7 hamwe n’ibitoro vy’imiriyoni 7 nyene, igihe amatara yacitse, ni ukuvuga imiriyoni 14 ku kwezi ku kwezi. Ubwo buryo ngo buzoca bifasha mu bindi bikorwa. Mu gihe ivyo vyuma bizotanga umuyagankuba ku rugero rw’amakorowateri 167, ngo iryo shure rikoresha ku munsi ku munsi hagati y’amakirowateri 50 n’100. Aho mw’ishure kaminuza ryitiriwe umwizero wa Afrika, Umukuru w’igihugu abarirongoye baramugabiye ishashi y’inka.Avuye aho, Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yaruguruye icese ikigo kizohingura imiti « PONA pharmaceutical », muri karitiye « industriel », muri zone ya Ngagara, muri komine ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Ico kigo cashinzwe n’abagwizatunga bashize imitahe hamwe kugira bashinge iryo shirahamwe rihingura imiti, aho n’ibikoresho bizofasha guhingura imiti vyamaze gushika, aho kuva mu kwezi kwa Ruheshi ariho ico kigo catangura kwinjiza abakozi. Naho nyene mu kigo kigiye guhingura imiti « PONA pharmaceutical », abarongoye ico kigo bakaba baragabiye Umukuru w’igihugu ishashi ifise amezi, n’utundi tuganuke.                                                                                                Déo Misigaro       

Ouvrir