Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vyo muri Afrika yo hagati vyiyemeje gukorera hamwe mu kurwanya inzara

DSC 0502Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Réverien Ndikuriyo yaritavye inama yabereye mu gihugu ca  Kongo Brazaville  yari yamuhuje n’abandi bakenguzamateka bo muri Afrika yo hagati, ikaba yari yerekeye igisata c’uburimyi n’ubworozi. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Inama Nkenguzamateka, Gaby Bugaga mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura citiriye Melchior Ndadaye.Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Réverien Ndikuriyo yaritavye inama yabereye mu gihugu ca  Kongo Brazaville  yari yamuhuje n’abandi bakenguzamateka bo muri Afrika yo hagati, ikaba yari yerekeye igisata c’uburimyi n’ubworozi. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Inama Nkenguzamateka, Gaby Bugaga mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura citiriye Melchior Ndadaye. Gaby Bugaga yamenyesheje ko muri urwo rugendo, umukuru w’Inama Nkenguzamateka yahuye n’abakenguzamateka bahurikiye mw’ishirahamwe ribahuza muri Afrika yo hagati.

Muri iyo nama bararabiye hamwe  ivyerekeye uburimyi n’ubworozi kugira bashobore kurwanya gufungura nabi mu bihugu vyo muri Afrika yo hagati , bongere bigire hamwe uko borandurana n’imizi inzara muri ivyo bihugu. Muri iyo nama barongeye bararabira hamwe uko bogabanya amahera aja hanze y’ivyo bihugu agiye gusuma ivyo kurya kuko basanze ibihugu nka Gabon, Kongo Brazaville bakoresha amafaranga  agera  k’umuriyaradi wama dorari y’abanyamerika. Abo bakenguzamateka baravuganye uko dorari  bohimiriza muri ivyo bihugu kugira abanyagihugu baronke ivyo bafungura bitavuye hanze, ayo mafaranga agaheza  agafasha mu migambi y’iterambere. Gaby Bugaga yarongeye aramenyesha ko muri iyo nama bavuganye uko boguma bateza imbere iryo shirahamwe, kandi  bakaba basezeranye ko iyindi nama izobera mu Burundi.

Anitha Bizimana

Ouvrir