Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubushikiranganji bw’agateka kazina muntu bwaratanguje isekeza ry’iminsi 16 yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi

ANAAUbushikiranganji bw’agateka kazina muntu, imibano n’iterambere ridakumira bwarasohoye itangazo ryerekeye isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akoregwa  abakenyezi n’abigeme. Iryo tangazo rikaba ryashikirijwe n’umushikiranganji  aburongoye, Martin Nivyabandi ku wa  24 Munyonyo 2019. Isekeza  ry’uwu mwaka ryahimbajwe kucivugo « Uburundi bwakaka : Twese hamwe turandurane n’imizi amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme». Ico civugo cerekana ko uruhara rw’umunyagihugu wese rukenewe kugira ngo haranduranwe n’imizi ako karanda kabishe ngo bubake Uburundi bwakaka. Martin nivyabandi yamenyesheje ko uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo, Uburundi bwifatanya n’amakungu mu gutanguza isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Ico kiringo kikaba gitangura igihe cose ku wa 25 Munyonyo kikarangira ku wa 10 kigarama. Iryo sekeza ryashinzwe mu ntumbero yo kwibuka abakenyezi benshi n’abigeme bashikirwa n’amabi afatiye ku gitsina bigatuma ataho bishikana canke ngo bashikane imiryango yabo. Martin Nivyabandi yabandanije amenyesha ko ari akaryo kuri abo biyemeje kurwanya amabi afatiye ku gitsina ko gusubiza agatima mpembero ngo barabire hamwe aho bateje ikivi, ivyagenze neza babishishikare, ivyagoranye na vyo batore ubuhinga bwo kubirengera na kare ngo « akatavuga ntigahenda akavuga ».

Muri uno mwaka iryo sekeza rishitse Reta y’Uburundi iriko irakora bimwe biboneka ngo ako karanda gatuzwe mu gihugu mu gushigikira cane ibikorwa vyo kwiteza imbere ku bakenyezi ngo barwanye ubukene bwo ntandaro ikomeye y’ayo mabi. Ubushikiranganji bw’agateka kazina muntu, imibano n’iterambere ridakumira bwarasohoye itangazo ryerekeye isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akoregwa  abakenyezi n’abigeme. Iryo tangazo rikaba ryashikirijwe n’umushikiranganji  aburongoye, Martin Nivyabandi ku wa  24 Munyonyo 2019. Isekeza  ry’uwu mwaka ryahimbajwe kucivugo « Uburundi bwakaka : Twese hamwe turandurane n’imizi amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme». Ico civugo cerekana ko uruhara rw’umunyagihugu wese rukenewe kugira ngo haranduranwe n’imizi ako karanda kabishe ngo bubake Uburundi bwakaka. Martin nivyabandi yamenyesheje ko uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo, Uburundi bwifatanya n’amakungu mu gutanguza isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Ico kiringo kikaba gitangura igihe cose ku wa 25 Munyonyo kikarangira ku wa 10 kigarama. Iryo sekeza ryashinzwe mu ntumbero yo kwibuka abakenyezi benshi n’abigeme bashikirwa n’amabi afatiye ku gitsina bigatuma ataho bishikana canke ngo bashikane imiryango yabo. Martin Nivyabandi yabandanije amenyesha ko ari akaryo kuri abo biyemeje kurwanya amabi afatiye ku gitsina ko gusubiza agatima mpembero ngo barabire hamwe aho bateje ikivi, ivyagenze neza babishishikare, ivyagoranye na vyo batore ubuhinga bwo kubirengera na kare ngo « akatavuga ntigahenda akavuga ». Muri uno mwaka iryo sekeza rishitse Reta y’Uburundi iriko irakora bimwe biboneka ngo ako karanda gatuzwe mu gihugu mu gushigikira cane ibikorwa vyo kwiteza imbere ku bakenyezi ngo barwanye ubukene bwo ntandaro ikomeye y’ayo mabi. Martin Nivyabandi yasozereye  amenyesha ko hatunganijwe ibikorwa bitari bike  na cane cane kumenyekanisha itegeko ryerekeye gukinga amabi afatiye ku  gitsina, gukingira abayakorewe  no guhasha abayakoze, ku ndongozi zitandukanye. Twobamenyesha ko ivyo birori vyo gutanguza isekeza vyuguruwe ku wa 25 Munyonyo mu ntara ya Karusi muri komine Bugenyuzi.

Anitha Bizimana

Ouvrir