Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagumyabanga basabwa kwama bagavye muri kino gihe, ibitsitaza ni vyinshi

SUIEHKw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2019, umugambwe CNDD FDD waratunganije amasengesho yo gushimira Imana nkuko vyama biba buri uwa kane urangiza  ukwezi. Ayo masengesho akaba yarafise urufatiro dusanga muri Luka 17, 1:« ibitsitaza abantu ntibizobura kuza ariko uwuzobizana azobona ibara ». Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yaribukije abagumyabanga  ko ibitsitaza abantu bitazobura kuko umutware w’iyi si ari shetani. Ngo uwishinze ivy’isi, ivyiza vy’Imana biba bivavanuye, agaheza agahemukira nabo bagendanye.  Ngo muri ibi bihe igihugu kirimwo, abatirimutsa abandi ni benshi, aca asaba abagumyabanga  kwama bagavye. Ndayishimiye yamenyesheje kw’aravye aho Uburundi bugeze, ngo cari igihe ciza ata muntu numwe yoshobora kuronka ica avuga, ariko hariho abatanguye kurementanya. Yaragarutse ku bantu bariko bagerageza kurementaniriza Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu  mu gihe abarundi bariko barakora ibikorwa vy’iterambere, bashiraho amakoperative.

Ngo abo barementaniriza Uburundi babigira kubera babonye babikoze mu mwaka w’2015 bituma ishirahamwe mpuzamakungu rikwega ibihugu vyose kurwanya Uburundi mu kubufatira ibihano. Ndayishimiye arashima k’ubu aho gushoka batwarira hejuru, babanza kubaza indongozi ibiba biriko bivurwa ku Burundi. Ndayishimiye yameyesheje ko hagowe umuntu azanira ibitsitaza abagumyabanga bitekaniye, bagahahamuka bagatangura guhunga, bafata ingingo zitarizo. Ngo abazanye ibitsitaza mu mwaka w’2015, bariko baribaza ingene bazova mu ngorane barimwo. Ngo Imana ntishobora kubihanganira kuko yaramaze kwandika mu gitabu cayo ko Uburundi butegerezwa kuba igihugu ciza cane. Ngo n’ubwa mbere haguma hatekanye mu Burundi kandi hasigaye amezi make ngo amatora abe.Kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2019, umugambwe CNDD FDD waratunganije amasengesho yo gushimira Imana nkuko vyama biba buri uwa kane urangiza  ukwezi.

Ayo masengesho akaba yarafise urufatiro dusanga muri Luka 17,1:« ibitsitaza abantu ntibizobura kuza ariko uwuzobizana azobona ibara ». Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yaribukije abagumyabanga  ko ibitsitaza abantu bitazobura kuko umutware w’iyi si ari shetani. Ngo uwishinze ivy’isi, ivyiza vy’Imana biba bivavanuye, agaheza agahemukira nabo bagendanye.  Ngo muri ibi bihe igihugu kirimwo, abatirimutsa abandi ni benshi, aca asaba abagumyabanga  kwama bagavye. Ndayishimiye yamenyesheje kw’aravye aho Uburundi bugeze, ngo cari igihe ciza ata muntu numwe yoshobora kuronka ica avuga, ariko hariho abatanguye kurementanya. Yaragarutse ku bantu bariko bagerageza kurementaniriza Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu  mu gihe abarundi bariko barakora ibikorwa vy’iterambere, bashiraho amakoperative. Ngo abo barementaniriza Uburundi babigira kubera babonye babikoze mu mwaka w’2015 bituma ishirahamwe mpuzamakungu rikwega ibihugu vyose kurwanya Uburundi mu kubufatira ibihano. Ndayishimiye arashima k’ubu aho gushoka batwarira hejuru, babanza kubaza indongozi ibiba biriko bivurwa ku Burundi. Ndayishimiye yameyesheje ko hagowe umuntu azanira ibitsitaza abagumyabanga bitekaniye, bagahahamuka bagatangura guhunga, bafata ingingo zitarizo. Ngo abazanye ibitsitaza mu mwaka w’2015, bariko baribaza ingene bazova mu ngorane barimwo. Ngo Imana ntishobora kubihanganira kuko yaramaze kwandika mu gitabu cayo ko Uburundi butegerezwa kuba igihugu ciza cane. Ngo n’ubwa mbere haguma hatekanye mu Burundi kandi hasigaye amezi make ngo amatora abe. 

Aline Kanyana

Ouvrir