Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abavyeyi basabwa kwitaho ineza y’ibibondo mu kubonsa amezi atandatu ata kindi babahaye

ngozi 12Abavyeyi n’imiryango bahamagarirwa kwitaho ineza y’ibibondo kugira bigire amagara meza kuva bikiri bito, bisubiye ngo uruhara rw’amaberebere ku mwana ni ntangere. Ivyo vyashikirijwe n’Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza mw’ijambo yashikirije abari bitavye ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru w’indwi mpuzamakungu yahariwe guhimiriza kWonsa ibibondo ku civugo « dushigikire abavyeyi boroherwe mu kWonsa ibibondo ». Ivyo birori bikaba vyabereye mu ntara ya Ngozi, kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2019.Abavyeyi n’imiryango bahamagarirwa kwitaho ineza y’ibibondo kugira bigire amagara meza kuva bikiri bito, bisubiye ngo uruhara rw’amaberebere ku mwana ni ntangere. Ivyo vyashikirijwe n’Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza mw’ijambo yashikirije abari bitavye ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru w’indwi mpuzamakungu yahariwe guhimiriza kWonsa ibibondo ku civugo « dushigikire abavyeyi boroherwe mu kWonsa ibibondo ». Ivyo birori bikaba vyabereye mu ntara ya Ngozi, kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2019.Nk’uko yabimenyesheje, ngo kwonsa neza ni igikorwa gikomeye mu buzima bw’umwana n’umuvyeyi kuko amaberebere afise akamaro ntasubirizwa mu ngaburo y’ibibondo, vyongeye ngo n’imfungurwa yikwiye ata ngarukambi n’imwe ifise ku kibondo.

Niko guca amenyesha ko amaberebere akingira umwana indwara zo gucibwamwo, izo mu bihimba vy’ihemero, kuzingama n’izindi. Yaciye amenyesha ko iyo umuvyeyi yonkeje neza gushika ku mezi atandatu ata kindi ahaye umwana, nawe nyene aba yikingiye indwara za kanseri y’ibere n’iyigitereko, akongera agatandukanya imvyaro gutyo akagira n’umwanya wo kuruhuka no kwitaho ibindi bikorwa biteza imbere umuryango n’igihugu. Denise Nkurunziza yaboneyeho akaryo ko gukebura abavyeyi b’abanyabiro canke abafise akazi kabatuma batagumana n’abana ko bosiga bakamiye amaberebere abana, bakitwararika kuyakamira mu nkongoro y’isuku. Yarabibukije kandi ko kwonsa bituma urukundo rw’umwana na nyina ruguma rwiyongera kandi ko umwana atonse neza indwara zijanye no gufungura nabi zica zimwakako indaro. Abavyeyi bagendana umugera wa Sida yabasavye kuja kwipimisha kwa muganga kugira ngo babahe impanuro z’ingene bokwonsa abana babo kugira ntibabanduze umugera. Yarashimiye abaremeshakiyago ku gikorwa ciza bakora mu miryango no mu kibano, aho yaciye abashikiriza ibikoresho bizobafasha mu bikorwa batorewe vyo guhimiriza abavyeyi ngo bipimishe imbanyi kwa muganga, bibarutse naho ngo bakurikize ikirangaminsi co gucandagisha ibibondo. Yarongeye aha impanuro abaremeshakiyago n’abajejwe amavuriro kuzobungabunga ivyo bikoresho mu kubikoresha mu guteza imbere amagara y’abenegihugu. Yaheraheje asaba abari ngaho kugira uruhara mu kwitabira akamo ka Reta y’Uburundi ko kugabanya imvyaro. Twobamenyesha kandi ko imbere yo gutangura urubanza, Denise Nkurunziza yabanje gushika ku bitaro bikuru vy’i Ngozi aho yaciye mu gisata co kubundikira ibibondo vyavutse bitageze. Ikindi twobamenyesha n’uko mu bisata vyose yaciyemwo haba naho bibarukira yabahaye udushimwe dutandukanye tujanye n’ivyambarwa, ivyo gufungura n’ibindi.  Yarongeye kandi aha udushimwe abavyeyi 10 bonkeje abana atanakimwe babahaye, umwe wese aronka amafaranga angana n’ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu, abantu 20 batwara amavuriro mato mato nabo bararonkejwe umwe umwe ipikipiki, umuganga ajejwe akarere k’ubuvuzi mu ntara ya Ngozi nawe aronka imodokari. Jeremy Hopkins yaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF nawe yamenyesheje ko amaberebere ari ntasubirizwa mu gikuriro c’umwana kandi kwonka ari uburenganzira bw’umwana. Yarongeye amenyesha ko umuvyeyi yonkeje isaha ya mbere akonsa amezi atandatu ata kindi amuhaye, ndetse n’inyuma y’amezi atandatu akamuha imfungurwa nyunganirabere akanamwonsa gushika ku myaka 2, umwana aca akura neza n’indwara ziturutse kugufungura nabi zitamufata. Ngo ivyirwa vyakozwe vyarerekanye ko umuntu yonkeje neza, ibibondo bidahitanwa n’indwara, gutyo ngo abana bashika umuriyoni n’igice bagakura neza. Yaciye amenyesha ko ivyo bifasha yuko abantu bashikira ya mahangiro aho abantu bazoba bameze neza ata ndwara bafise mu 2030. Yarongeye amenyesha ko mu Burundi abavyeyi 9 kw’10 bonsa neza, acamenyesha ko bashigikiye Reta y’Uburundi yo yafashe iyo ntumbero, aca asaba abavyeyi no mukibano gushigikira abavyeyi bakonsa neza, ngo intambwe bagezeko ntisubire inyuma. Yarangije avuga ko UNICEF n’amashirahamwe mpuzamakungu ya ONU bashigikiye Reta y’Uburundi ku ntambwe igezeko. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir