Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikiringo co kudandaza no gukoresha ubumwanya gisigaje amezi make ngo gihere

zeaUmuyobozi mukuru w’ibidukikije,amazi  n’isuku  mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Jéremie Nkinahatemba aributsa abantu bose badandaza, bakora canke bakoresha ubumwanya  n’ibindi bitekezo bikozwe mu bumwanya ko ikiringo c’amezi 18 bahawe kugira bibe vyahagaze  hasigayemwo amezi 3 gusa. Ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019.Umuyobozi mukuru w’ibidukikije,amazi  n’isuku  mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Jéremie Nkinahatemba aributsa abantu bose badandaza, bakora canke bakoresha ubumwanya  n’ibindi bitekezo bikozwe mu bumwanya ko ikiringo c’amezi 18 bahawe kugira bibe vyahagaze  hasigayemwo amezi 3 gusa. Ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019.Yamenyesheje  ko Uburundi buri mu bihugu bisinzikajwe n’ingaruka mbi ziva kw’ikoreshwa ry’ubumwanya kandi  ni naco gihugu conyene mu bihugu bigize akarere ka afirika kitari gifise umugambi utomoye werekeye itunganywa ry’ibikoresho bikozwe mu bumwanya kugira ntibibandanye bibangamira ibidukikije.Jéremie Nkinahatemba aremeza ko muri kino gihe rero, ubumwanya bugikoreshwa ukuri kwamye kandi buracaboneka mu masoko, mu bubiko bw’inganda zikora ubumwanya n’imangazini z’abadandaza,  n’aho umwanya bahawe usa nuwuri mu kurangira.

Kuva kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2019 hari habujijwe iyinjizwa ry’ubumwanya n’ivyo babihinguramwo n’impusha zose zari zatanzwe zarahagaritswe  kugira ikirangaminsi bihaye kizogere ubwari buhasanzwe  bwaheze kudandazwa. Jéremie Nkinahatemba,  arahumuriza abanyagihugu basanzwe bakoresha ubumwanya bahagaritswe umutima n’ivyo bazokoresha mu kibanza cabwo   kuko ngo hariho amashirahamwe akora ivyasubiriye ubumwanya nk’amagapo, ibikoresho vyo gutwaramwo ibintu bikozwe mu mpapuro,n’ibindi. Aca aboneraho akaryo ko gutera intege abafise imigambi yo  gukora ibisubirira ubumwanya na rirya hariho ibwirizwa nshikiranganji ryateguwe kugira berekane ukuntu bazokworoherezwa. Aca asaba abarwizatunga bahora bazana ubumwanya n’ivyo babukoramwo ko bokwijukira kwinjiza no gukora ibisubirira ubwo bumwanya bitonona ibidukikije. Ntiyibagiye kandi  kugabisha abo bose bazobandanya bakoresha ubumwanya ikiringo bahawe caheze kuko ibihano birategekanijwe. 

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir