Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikigo BBIN kirashigikira abanyamitahe batobato mu kubaterera ivyiyumviro bitandukanye

poilKw’igenekerezo rya 18 munyonyo 2019, ikigo kijejwe gufasha kwigisha mu bijanye n’ugutunganya imigambi BBIN gifadikanije n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI caratunganije indwi mpuzamakungu yahariwe abitunganiriza imigambi kw’isi yose.Ibikorwa bikaba vyuguruwe n’umushikiranganji w’ubudandanji amahinguriro n’ingenzi, Jean Marie Niyokindi.  Intumbero y’ivyo bikorwa  kwari ukugira batere intege abakora imyuga mitomito bongere baronke impanuro zivuye ku bababoneye izuba.Kw’igenekerezo rya 18 munyonyo 2019, ikigo kijejwe gufasha kwigisha mu bijanye n’ugutunganya imigambi BBIN gifadikanije n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI caratunganije indwi mpuzamakungu yahariwe abitunganiriza imigambi kw’isi yose.Ibikorwa bikaba vyuguruwe n’umushikiranganji w’ubudandanji amahinguriro n’ingenzi, Jean Marie Niyokindi. 

Intumbero y’ivyo bikorwa  kwari ukugira batere intege abakora imyuga mitomito bongere baronke impanuro zivuye ku bababoneye izuba.Mw’ijambo ryiwe Jean Marie Niyokindi yarakengurukiye ikigo BBIN ku kuntu ciyumviriye gukoranya  abanyamitahe batobato kugira ngo babigishe ibitari bike, yarashimye kandi ko baniyumviriye gutumira abaserukira Reta kugira ngo bagire intererano batanze mu bijanye n’ivyiyumviro. Ikindi yamenyesheje ngo ni uko Reta ishigikiye ibikorwa vyatunganijwe muri iyo ndwi kandi ikaba iteye intege abo bose bagomba kwiteza imbere. Yaciye kandi amenyesha ko ubushikiranganji arongoye bwishimikije umugambi w’igihugu wo ku myaka cumi 2018-2027 bwihaye ihangiro ryo guteza imbere abanyagihugu bose hamwe n’ugukora kugira Uburundi butere imbere bushobore guhigamwa mu karere. Uwurongoye ico kigo BBIN Pierre Claver Nduwumwami yamenyesheje ko ivyo bikorwa vyari mu mice itatu. Umuce wa mbere kwari ukwugurura ibikorwa hamwe n’uguhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ugukora imigambi yo kwiteza imbere. Uwundi muce ukaba wari ujanye n’uguhanahana ivyiyumviro mu bijanye n’imitahe hamwe n’imigambi irama mu vyerekeye gukingira ibidukikije. Umuce wa nyuma kaba wari werekeye ihiganwa-gurisha ry’ibidandazwa vyakorewe mu Burundi hamwe n’ugutanga ubushimwe ku bahiganywe.  Ico gikorwa c’ihiganwa kikaba citwa «Shika» kimaze iminsi itari mike  gitegurwa .
Christine Manirambona

Ouvrir