Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigambwe yemewe n’amategeko yariyamirije ibitero vyagizwe n’Urwanda mu ntara ya Cibitoke

mutabaaaaImigambwe 11 yemewe n’amategeko yarashikirije itangazo ryo kwiyamiriza ibitero vyagizwe n’igihugu c’Urwanda mu ntara ya Cibitoke, komine Mabayi ku mutumba Twinyoni  i Murura mu kibira mw’ijoro ryo ku wa 16 rishira ku wa 17 Munyonyo 2019. Iryo tangazo rikaba ryasomwe na Jean de Dieu Mutabazi arongoye umugambwe RADEBU ku wa 21 Munyonyo 2019.Imigambwe 11 yemewe n’amategeko yarashikirije itangazo ryo kwiyamiriza ibitero vyagizwe n’igihugu c’Urwanda mu ntara ya Cibitoke, komine Mabayi ku mutumba Twinyoni  i Murura mu kibira mw’ijoro ryo ku wa 16 rishira ku wa 17 Munyonyo 2019. Iryo tangazo rikaba ryasomwe na Jean de Dieu Mutabazi arongoye umugambwe RADEBU ku wa 21 Munyonyo 2019.

Iyo migambwe  yasohoye  iryo tangazo yamenyesheje ko yakiranye umubabaro mwinshi amakuru yo kwizigira, avuga ko abasirikare b’igihugu c’Urwanda barenze imbibe bakaza  gutera Uburundi.   Ico gihugu c’Urwanda kikaba cateye ikirindiro c’abasirikare b’abarundi cari ku mutumba Twinyoni i Murura, komine Mabayi mw’ijoro ryo ku wa 16 rishira 17 Munyonyo 2019, kikaba  cahitanye ubuzima bw’abantu. Iyo migambwe ikaba ihojeje imiryango yabuze, igisirikare c’Uburundi hamwe na Reta y’Uburundi. iyo migambwe ikaba yiyamirije yivuye inyuma ivyo bitero abasirikare b’Urwanda  bakoze ku gihugu c’Uburundi, gisanzwe gitekanye .Ivyo bitero Urwanda rukaba rumaze kubigira ku bihugu bibanyi kandi bikaba bimaze kwimonogoza. Uburundi bukaba bwatewe  mu gihe hariko harategurwa amatora yo mu 2020 mu ntumbero yo gutsimbataza inzira ya demokarasi biciye mw’itunganwa ry’amatora atekanye yo mu 2020.  Iyo migambwe yongeye kandi iratera intege umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI hamwe na Reta y’Uburundi kugira babandanye bategura neza amatora meza adakumira, mu mwidegemvyo kandi abera ku mugaragaro.  Basavye Reta kudakubita uruguhe, ibandanye kubungabunga umutekano w’abarundi n’imbibe z’Uburundi. Yongeye isaba Reta ko nihasubira kuba ibitero vy’Urwanda nkibimaze iminsi biba, itosubira kuvyihanganira ahubwo yoca ifata ingingo zibereye irekurirwa n’amategeko mpuzamakungu. Iyo migambwe yarangije yiyemeje kubandanya ishira imbere ingendo yo gutorera inyishu amatati ya poritike biciye mu biganiro n’umwumvikano, igasaba abanyeporitike bose kwama birinda gukoresha  igikenye, mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo. Twobamenyesha ko imigambwe yashize umukono kuri iryo tangazo ari : Radebu, Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye, PMP abagenderabanga, PRP, UPD-Zigamibanga. Iyindi migambwe ikaba ari MSP-Inkinzo, kaze-FDD, FROLINA, RPB, PARIPE Agakiza hamwe na ADR imvugakuri.

Anitha Bizimanana Fabrice Nisengwe (yimenyereza)

Ouvrir