Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahungiye mu bihugu bitandukanye bahamagarirwa gutahuka mu gihugu c’amavukiro

dgsAbarundi bahungiye mu bihugu bitandukanye baratahuye ko ata gihugu ciza nk’igihugu c’amavukiro, ko ubuhungiro ari bubi, baraheza barafata ingingo yo gutahuka mu zabo. Ivyo vyashikirijwe na Nestor Bimenyimana, umuyobozi mukuru ajejwe gutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’abanyagihugu, ku wa 19 Munyonyo 2019 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Yarashimiye cane abamaze guhunguka kuko bitavye akamo batewe na Reta ,agirako atera akamo abataratahura ko nabo bojijuka bakagaruka mu zabo gutyo bashobore kwiteza imbere no guteza imbere igihugu cabo.

Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo mu nama bagize ku wa 28 Ntwarante 2018, yahuza ya nyabutatu igizwe n’Uburundi, Tanzaniya n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi  HCR,  harafatiwemwo ingingo nziza zibereye kugira Abarundi bahunguke ku bwinshi. Mu vyo bari bashitseko ico gihe harimwo ko hoza harahunguka abangana ibihumbi bibiri (2000) ku ndwi. Ariko kuva ico gihe, ngo vyarakurikijwe nk’ukwezi kumwe hanyuma ayandi mezi yose yakurikiye bagiye baragabanuka. Ku ruhanda rw’Uburundi bamaze kubona ko abagabanutse ku rugero rurengeje, baciye bandikira Reta ya Tanzaniya  bayisaba ko bahunguka  bogendera amakambi y’impunzi ari muri ico gihugu kugira babahimirize. Reta ya Tanzaniya yarahejeje irabishura nabo baraheza baragendera ayo makambi. Gutyo rero barashoboye kuyaga n’Abarundi bahungiyeyo, barabumvisha umugambi wo gutahuka. Ivyo navyo bikaba vyaragize ikimazi  n’ubwo ca gitigiri bifuza kitarashika. Ati agahaze kaguma kahari, ari nayo ntumbero igihugu ca Tanzaniya naco cahavuye kibatumako kugira basubire kugira inama, maze babanze birimbure barabe aho ivyo bari bumvikanye bigeze hanyuma hafatwe izindi ngingo zibebereye. Nestor Bimenyimana amenyesheje  ko iyo nama igiye kuba mu mpera z’uku kwezi kwa Munyonyo mu gihugu ca Tanzaniya. Ngo ni naho bazoheza bakarabira hamwe abamaze guhunguka n’abasigaye muri ico gihugu.Abarundi bahungiye mu bihugu bitandukanye baratahuye ko ata gihugu ciza nk’igihugu c’amavukiro, ko ubuhungiro ari bubi, baraheza barafata ingingo yo gutahuka mu zabo. Ivyo vyashikirijwe na Nestor Bimenyimana, umuyobozi mukuru ajejwe gutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’abanyagihugu, ku wa 19 Munyonyo 2019 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Yarashimiye cane abamaze guhunguka kuko bitavye akamo batewe na Reta ,agirako atera akamo abataratahura ko nabo bojijuka bakagaruka mu zabo gutyo bashobore kwiteza imbere no guteza imbere igihugu cabo. Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo mu nama bagize ku wa 28 Ntwarante 2018, yahuza ya nyabutatu igizwe n’Uburundi, Tanzaniya n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi  HCR,  harafatiwemwo ingingo nziza zibereye kugira Abarundi bahunguke ku bwinshi. Mu vyo bari bashitseko ico gihe harimwo ko hoza harahunguka abangana ibihumbi bibiri (2000) ku ndwi. Ariko kuva ico gihe, ngo vyarakurikijwe nk’ukwezi kumwe hanyuma ayandi mezi yose yakurikiye bagiye baragabanuka. Ku ruhanda rw’Uburundi bamaze kubona ko abagabanutse ku rugero rurengeje, baciye bandikira Reta ya Tanzaniya  bayisaba ko bahunguka  bogendera amakambi y’impunzi ari muri ico gihugu kugira babahimirize. Reta ya Tanzaniya yarahejeje irabishura nabo baraheza baragendera ayo makambi. Gutyo rero barashoboye kuyaga n’Abarundi bahungiyeyo, barabumvisha umugambi wo gutahuka. Ivyo navyo bikaba vyaragize ikimazi  n’ubwo ca gitigiri bifuza kitarashika. Ati agahaze kaguma kahari, ari nayo ntumbero igihugu ca Tanzaniya naco cahavuye kibatumako kugira basubire kugira inama, maze babanze birimbure barabe aho ivyo bari bumvikanye bigeze hanyuma hafatwe izindi ngingo zibebereye. Nestor Bimenyimana amenyesheje  ko iyo nama igiye kuba mu mpera z’uku kwezi kwa Munyonyo mu gihugu ca Tanzaniya. Ngo ni naho bazoheza bakarabira hamwe abamaze guhunguka n’abasigaye muri ico gihugu.

Imvo zituma igitigiri bifuza c’abahunguka kidakwira ni nyishi 

 Nk’uko Nestor Bimenyimana yabivuze , imvo rero zituma ico gitigiri c’ impunzi 2000 kidakwira ngo basanze ari nyinshi. yatanze akarorero k’abakozi ba HCR usanga babohera amaboko i mugongo izo mpunzi nko mu kuzandika ku mazina atariyo maze hageze gutahuka bikagorana. Ikindi ngo n’uko hari aho banka kwandika abana bitwaza ko badakwije imyaka yo guhunguka. Ariko mu mategeko y’impuzi baravuga ko umwana aronse umuntu amwiyandikako kugira amuhungukane ko ata kibazo. Ku ruhande rwa HCR bo ngo bamenyesha ko igituma badahunguka ku bwinshi ari uko batiyandikisha ari benshi. Twobamenyesha ko intara abahungutse binjiriramwo  ari 3: Muyinga, Ruyigi hamwe na Makamba. Abinjirira i Muyinga bashikira mw’ikambi y’imfatakibanza i Kobero ; Ruyigi bagashikira i Nyabitare ; Makamba nayo bagashikira ahitwa mu Gitara. Kubera ko ata masezerano nyabutatu Uburundi buragiriranira n’igihugu kibanyi c’Urwanda, Nestor Bimenyimana  yamenyesheje ko abaza bavuye muri ico gihugu bose baza nk’abatorotse. Abo nabo ngo bakaba baca aho bashatse, maze bagaheza bakabamenyeshwa n’uko abajejwe intwaro babivuze. 

Reta y’Uburundi irafasha cane abahungutse

Iyo hagize abatahuka, Reta iraheza ikabafata mu mugongo mu kubaronsa impamba izobaramira mu kiringo c’amezi 3 mu kurindira ko aho bakubise isuka vyera. Hambavu y’ivyo barabaha ibikoresho vyo mu nzu hamwe n’amafaranga yo kwifasha mu kugura utu na turiya. Ikindi n’uko baheza bakaraba ko abo bahungutse bafise aho baba. Nubwo Umukuru w’igihugu yatanze intumbero yuko ibintu vy’abahunze vyocungerwa, kenshi birashika ugasanga inzu zabo zarabomotse bivanye n’uko atababa bazibamwo.  Muri ico gihe rero, babahamagarira guca bakorana n’abajejwe intwaro muri ya ntumbero yo gufashanya mu kibano bagaca babubakira ikigega. Ku ruhande rwa Reta ngo  baraheza bakabasakarira. Abajejwe intwaro n’abasangwa nabo baraheza bakaronswa inyigisho z’uko bokwakira abahungutse n’ukuntu bobitaho bakabiyegereza kugira ntibikumire. Nestor Bimenyimana akaba yarangije atera akamo impunzi ziri mu bindi bihugu, ko botahuka bakaza kwifadikanya n’abandi barundi guteza imbere igihugu cabibarutse kuko ata ciza kiri mu buhungiro. Abamaze guhunguka nabo akabasaba kwifatanya n’abandi bakaja mu makoperative no mu mashirahamwe bakarima bakorora bakaba Abarundi nk’abandi. 

Gloriose Nshimirimana                                                                       

Ouvrir