Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije mu kwubahiriza amategeko agenga ibibuga vy’indege kw’isi

fffDSC 0011Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakiriye mu biro iwe umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe ibibuga vy’indege no kugenzura uruja n’uruza rw’indege, (AACB) Emmanuel Habimana, uwo nawe akaba yari amuzaniye urupapuro rw’iteka (certificat)  rwatanzwe n’isirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibibuga vy’indege no gucungera uruja n’uruza mu ndege. Uburundi kuba bwarateye intambwe ishimishije mu gukurikiza amategeko mpuzamakungu agenga ivyo gutwara abantu n’ibintu mu ndege, hari ku wa 28 Gitugutu 2019. Inyuma y’uwo mubonano, Emmanuel Habinamana, yabwiye abamenyeshamakuru ko yari azaniye Umukuru w’igihugu urwo rupapuro rw’iteka rwatanzwe n’ishirahamwe mpuzamungu rijejwe kugenzura ibibuga vy’indege no gutwara abantu n’ibintu mu ndenge, ikimetso cerekana ko Uburundi bwateye intambwe ishimishije mu kwubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga ibibuga vy’indege kuko Uburundi bwavuye ku rugero rw’ibice 1,52% vy’intambwe y’iterambere mu  mwaka w’2008 buja ku bice 84,44% mu mwaka w’2019.Umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe ibibuga vy’indege no gucungera uruja n’uruza mu ndege, Emmanuel Habimana akaba yamenyesheje kandi  umukuru w’igihugu ko n’ibihugu vya Buraya bishima cane ingene Uburundi bwubahiriza amategeko agenga ibidandazwa birungikwa muri ivyo bihugu. Kuko ingo ibihugu vyagize igenzura bigasanga Uburundi buza ubugira kabiri inyuma ya Senegal mu bihugu vyubahiriza ingingo zerekeye irungikwa ry’ibidandazwa mu bihugu vya Buraya bivuye mu bihugu vya Afrika. Ivyo vyose rero ngo bizanira akarusho Uburundi kuko ingenzi ziheza zigahurumbira igihugu kuko umutekano wazo wubahirijwe eka mbere ngo n’abarwizatunga baraheza bakazana imitahe yabo mu Burundi gurtyo igihugu kigatera imbere.

Nathan Ntahondi

Ouvrir