Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igikorwa co guca imikobeko mu gihugu gifise uruhara runini mu gukingira ibidukikije

Umugambi wo guca imikobeko  igihugu kiwufisemwo inyungu nyishi haba mu gukingira isi ndimwa inkukura kugira igumane akanovera hamwe n’amasoko y’amazi. Igikorwa co guca imikobeko rero  ngo kiriko kirakorwa mu Burundi bwose, aho mu kwezi kwa Gitugutu guheze ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bwategekanya gukora indimburo kugira barabe aho ico gikorwa kigeze. Ivyo  vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe ibidukikije, amasoko y’amazi n’isuku, Jérémie Nkinahatemba, ku wa 24 Gitugutu 2019, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Umugambi wo guca imikobeko  igihugu kiwufisemwo inyungu nyishi haba mu gukingira isi ndimwa inkukura kugira igumane akanovera hamwe n’amasoko y’amazi. Igikorwa co guca imikobeko rero  ngo kiriko kirakorwa mu Burundi bwose, aho mu kwezi kwa Gitugutu guheze ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bwategekanya gukora indimburo kugira barabe aho ico gikorwa kigeze. Ivyo  vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe ibidukikije, amasoko y’amazi n’isuku, Jérémie Nkinahatemba, ku wa 24 Gitugutu 2019, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko  Jérémie Nkinahatemba yabandanije abishikiriza, ngo imbere y’uko uwo mugambi utangura, habanje kuba irimbura  ry’ingene amasoko y’amazi  yifashe mu Burundi. Muri ico cigwa ngo basanze ku masoko y’amazi 24787, 2508 yaramaze gukama ayandi 4418 ariko arakama, aho babonye ko ata gikozwe ayo masoko yose ashobora gukama burundu.

Muri ico cigwa nyene, ngo basanze hari ibituma ayo masoko y’amazi agenda akama.Muri ivyo bituma, ngo basanze hariho abantu bagiye baratera ibiti binywa amazi menshi mu masoko y’amazi, mu bubande no mu burere bujaga. Ivyo bimaze gushirwa ahabona, ngo niho hashirwaho  itegeko ryo ku wa 4 Ruhuhuma 2019, ribuza  gutera ibiti vy’ishamba bikwega amazi menshi mu turere dukingiye, amasoko y’amazi, utubande hamwe n’imyonga. Iryo tegeko ngo ninaryo ryategekenya kurandura ibiti vy’imikaratusi iteye hafi y’imyonga kugira bakingire ayo masoko y’amazi. Haruhande yo kurandura ivyo biti vy’imikaratusi, ngo haciye hashirwaho itegeko nshikiranganji rivuga  ko umunsi wa kane uhariwe gukingira ibidukikije. Vyongeye, uwo munsi wa kane uhariwe gukura ivyo biti binywa amazi menshi, ahari amasoko y’amazi, utubande no mu myonga bakagenda baca n’imikobeko ahari isi ihanamye. Uwo muyobozi mukuru ajejwe ibidukikije, amasoko y’amazi n’isuku yamenyesheje ko uciye umukobeko ngo bifasha kugira imvura iguye ugabanye inkukura kugira ntigende mu myonga, itwaye akanovera k’isi ndimwa. Bisubiye, iyo nkukura nyene ironona indimiro zo mu myonga, aho ni mu gihe ngo kugazura iyo myonga kugira abarimyi barime bimbure, hakoreshwa uburyo bwinshi cane. Amazi y’inkukura anyengetereye mw’isi ndimwa, ngo bituma amasoko y’amazi asubira kuboneka.Igikorwa co guca imikobeko catunganijwe mu gihugu cose. Kandi kiriko kirakorwa ku rwego rw’igihugu cose. Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bukazomenyesha uko ico gikorwa cagenze, intara ku ntara, ikomine kw’ikomine n’umutumba ku mutumba babicishije mu bimenyeshamakuru. Uwo mugambi wo guca imikobeko ngo uzotuma isi igarukana akanovera, gutyo Abarundi barime bimbure. Uko umunsi wa kane wahariwe gukingira ibidukikije utunganijwe, ngo intara yose usanga ifise ibikorwa iriko irakora, muri ivyo ngo hariho aho usanga bariko barakura mu tubande, mu myonga no hafi y’amasoko y’amazi vya biti binywa amazi menshi, ahandi naho bakaba bariko baraca imikobeko hamwe no gukingira ibiti biba vyarateragiwe. Ihangiro ngo ubushikiranganji bwipfuza gushikako, n’uko batosubira kwumva ko inkukura yatwaye isi ndimwa, imyonga itosubira gutwarwa ndetse n’uko amasoko y’amazi nayo nyene atosubira gukama. Ivyo ngo nivyo bizotuma Abarundi barima, bakaronka ivyo bafungura, umusesekara ugashorwa mu bindi bihugu vyaba ivyo dusangiye imbibe, n’ahandi. 

Déo Misigaro                                                                                             

Ouvrir