Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagumyabanga basabwa kwirinda ibibagerageza muri kino gihe himirije amatora

cccvvcccfAbagumyabanga basabwe kwirinda ibibagerageza muri kino gihe cegereje amatora yo mu mwaka w’2020, ivyo bibagerageza navyo ngo n’amatora kuko bamwe muri bo babona ibibanza bashobora kuronka inyuma yayo. Ikindi kigerageza muri bino bihe, ngo ni imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, aho yamenyesheje ko udashobora gutsinda utahiganywe. N’aho ibigerageza ari vyinshi, ngo urugamba barimwo si urwabo, ngo ni urw’Imana. Izo ni zimwe mu mpanuro zatanzwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, ku muhingamo wo ku wa 31 Gitugutu 2019, mu masengesho yo gushimira Imana uwo mugambwe wama utunganya ku wa kane usozera ukwezi. Ayo masengesho akaba yatunganijwe kw’ijambo ry’urufatiro  rivuga riti « Hahiriwe umuntu yiyumanganya mu bimugerageza kuko niyamara gushimwa, azoronka urugori rw’ubuzima Umukama yemereye abamukunda », ijambo ryavuye mw’ikete ry’umutumwa Yakobo ikigabane ca mbere umurongo w’12.Abagumyabanga basabwe kwirinda ibibagerageza muri kino gihe cegereje amatora yo mu mwaka w’2020, ivyo bibagerageza navyo ngo n’amatora kuko bamwe muri bo babona ibibanza bashobora kuronka inyuma yayo. Ikindi kigerageza muri bino bihe, ngo ni imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, aho yamenyesheje ko udashobora gutsinda utahiganywe. N’aho ibigerageza ari vyinshi, ngo urugamba barimwo si urwabo, ngo ni urw’Imana. Izo ni zimwe mu mpanuro zatanzwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, ku muhingamo wo ku wa 31 Gitugutu 2019, mu masengesho yo gushimira Imana uwo mugambwe wama utunganya ku wa kane usozera ukwezi. Ayo masengesho akaba yatunganijwe kw’ijambo ry’urufatiro  rivuga riti « Hahiriwe umuntu yiyumanganya mu bimugerageza kuko niyamara gushimwa, azoronka urugori rw’ubuzima Umukama yemereye abamukunda », ijambo ryavuye mw’ikete ry’umutumwa Yakobo ikigabane ca mbere umurongo w’12.Nk’uko umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yabandanije abishikiriza, ngo ni ubwa mbere amatora yegereje abarundi umutima uri mu nda, ni imigambwe iyaga ihuza. Muri izo mpanuro ziwe, yamenyesheje ko ayo masengesho ari ngirakamaro kubera ko iyo abantu bakoraniye hamwe bakambaza Imana, ico bayisavye iraheza ikakibaha. Mu gihe ayo masengesho yari ashingiye ku bigerageza umwana w’umuntu, yasiguye ko umuntu wese yama agira ibimugerageza, iyo muhuye n’ivyo bigerageza, ngo bitanga inguvu. Kuri ivyo bigerageza, yatanze akarorero kabanyisaraheri aho bari bagiye mu gihugu c’isezerano bahuye n’ibigerageza vyinshi. Eka ngo n’umugambwe CNDD-FDD kuva uvuka ngo umaze guhura n’ibigerageza vyinshi, ivyo bigerageza ngo vyabahaye inguvu. N’aho ibegerageza bahuye navyo bagiye barabitsinda, ngo urugamba rurabandanya na cane cane urwo kurwanya ubukene mu barundi, kugira baronke ivyo bafungura, bivuze kandi bige bose. Amagerageza rero ngo si ibibi gusa, n’ivyiza ngo birashobora kubera umuntu ibigerageza. Aho yatanze akarorero k’umuntu arondera akazi keza, amaze kukaronka akitwara nabi, ababijejwe bakamukorora, gutyo bimubera igitsitaza.

Ibigeragezo duhura navyo bituma dukomera
Yishimikije ivyanditse mu vyagezwe igice c’8, umurongo wa 2, yamenyesheje ko Imana yacishije mu bugaragwa abanyisaraheri imyaka 40 kugira irabe ko bazozigama amabanga yayo. Ivyo umugambwe CNDD-FDD waciyemwo ngo ni Imana yariko irabageza kugira irabe ko badahemuka ku mabanga yayo. Iyo uri mu kuri ngo ugumako, ntagucika inkokora. Ivyabaye mu mwaka w’2015, ngo kwari ukugira ukuboko kw’Imana kwigaragaze. Ibigerageza ngo biva mu  vyiyumviro vy’umwana w’umuntu, si Imana ibizana. Amatora ngo ntakwiye kubera ibigerageza abagumyabanga, bakwiye kubona ko ayo matora atari ikigerageza kubera ko muvyo bamye baharanira, yari intwaro iciye mu matora, bareke kubona ibibanza bazoronka inyuma y’amatora, barwanire ubuzima mu kuri. Nk’abagumyabanga ngo bakwiye kumenya ko ataguhata Imana, inzira yarayiguteguriye, yuguruye ngo ntawugara, yugaye naho ntawugurura. Ikindi ngo bakwiye kumenya ko inzira ipfunganye ariyo irimwo urukiza, nayo inzira yagutse ijana mu rupfu, uwutsinda ngo atsinda imbere yo guca mu ngorane, imbere yo guhiganwa n’abandi. Imbere yaho, umumenyeshamana wo mw’ishengero rya Katorika wo mu Gatumba, Longin Ngendakumana yaragarutse ku bintu bishobora kugerageza umuntu. Kubw’iwe ngo mu buzima ibitugerageza bibaho, ariko ngo uko tuvyitwaramwo nikwo gutandukanye, aho yasavye abari aho kubandanya mu nzira igororotse mu gihe ataco biyagiriza. Mu nyigisho ziwe, yaragarutse ku mageragezwa Aburahamu yaciyemwo, aho Imana yamusaba umwana wiwe w’ikinege yari yaronse mu busaza ngo amutangeko ishikanwa, nawe aravyemera atabanje gusambisha Imana. Ico kigeragezo Aburahamu yaciyemwo ngo Imana yashaka kumenya urukundo n’ukwemera ayifiseko. Ayo magerageza niyo Yobu yaciyemwo, aho yarwaye indwara aramererwa nabi n’ubutunzi bwiwe buramuherako, ariko ntiyigeze atirimuka ku Mana. Eka ngo hahiriwe uwihangana mu bimugerageza vyose. Tubamenyeshe ko ayo masengesho yari yatewe iteka n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda akaba yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, abo mu nzego z’umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’abandi bagumyamabanga bo mu gisagara ca Bujumbura.

Déo Misigaro                                                                                                         

Ouvrir