Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ahamagarira abarundi gukoresha neza ingabire baronse

denDSC 0883Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza ahamagarire  abarundi gukora, ingabire y’umwe wese ayikoreshe ku neza y’abarundi bose. o Ako kamo yagatewe inyuma y’aho atahukaniye agashimwe ku ndirimbo yakoze mu ndimi zitatu, indirimbo yatanga inyigisho ku kibazo kijanye n’ubugumba mu ntumbero yo gutera intege imiryango itararonka amahirwe yo kuronka ikibondo. Abaririmvyi ntibabone amafaranga igihe cose bariko barasohora indirimbo zabo, abayumviriza igire ico ibafashije. Ivyo umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yabishikirije ku wa mbere Munyonyo 2019, aho yari aganutse avuye mu gihugu ca Ghana, mu bikorwa vy’inama igira gatandatu y’abatambukanyi babakuru b’ibihugu vyo muri Afrika na Aziya, aho bariko barabira hamwe ikibazo kijanye n’ubugumba, indwara y’igisukari hamwe na kanseri.Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza ahamagarire  abarundi gukora, ingabire y’umwe wese ayikoreshe ku neza y’abarundi bose. o Ako kamo yagatewe inyuma y’aho atahukaniye agashimwe ku ndirimbo yakoze mu ndimi zitatu, indirimbo yatanga inyigisho ku kibazo kijanye n’ubugumba mu ntumbero yo gutera intege imiryango itararonka amahirwe yo kuronka ikibondo. Abaririmvyi ntibabone amafaranga igihe cose bariko barasohora indirimbo zabo, abayumviriza igire ico ibafashije. Ivyo umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yabishikirije ku wa mbere Munyonyo 2019, aho yari aganutse avuye mu gihugu ca Ghana, mu bikorwa vy’inama igira gatandatu y’abatambukanyi babakuru b’ibihugu vyo muri Afrika na Aziya, aho bariko barabira hamwe ikibazo kijanye n’ubugumba, indwara y’igisukari hamwe na kanseri.Nk’uko umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza yabandanije abishikiriza, ngo yari yitavye ubutumire bw’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ca Ghana afatanije n’ishirahamwe « Fondation Merck ». Ubwo butumire bwari ubwo kwitaba ibikorwa vy’inama igira gatandatu y’abatambukanyi babakuru b’ibihugu vyo muri Afrika na Aziya, ibikorwa vyari bijanye no kurabira hamwe ikibazo c’ubugumba, indwara y’igisukari na kanseri.  Muri iyo nama, yararonse akaryo ko gushikiriza ibikorwa yari amaze iminsi arangura mu Burundi ku bijanye n’ubugumba na cane cane ingendo yari amaze iminsi agira mu gihugu hagati, aho yahuye n’indongozi, abaserukira amadini ku bijanye n’ico kibazo c’ubugumba. Muri iyo nama kandi, ngo bararonkeje ubushimwe abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu bose bemeye kuba abaserukizi mw’isekeza bari bamazemwo iminsi rivuga ngo « Umuvyeyi si ukuvyara gusa ». Haruhande yako gashimwe k’abandi batambukanyi babakuru b’ibihugu, ngo yararonkejwe n’akandi gashimwe ko kumutera intege ku gikorwa yakoze co gutunganya indirimbo, mu ndimi zitatu, ikirundi, igifaransa n’icongereza.

Iyo ndirimbo ngo yarashitse kure, aho yashitse mu bihugu biguva izo ndimi zose. Ishirahamwe « Fondation Merck » rigiye gufasha gukarihiriza ubwenge abaganga baravura indwara y’igisukari Ku munsi ugira kabiri, ngo baragize iyindi nama, aho bashimiye ishirahamwe « Fondation Merck » ku kuntu ryitanze  kugira rikorane n’abatambukanyi babakuru b’ibihugu ku kibazo kijanye n’ubugumba. Iryo shirahamwe rikaba ryarafashije kurungika abaganga hanze y’igihugu bagiye gukarisha ubwenge ku bijanye n’ikibazo c’ubugumba mu ntumbero yo gufasha imiryango itagira ikibondo. Iryo shirahamwe nyene, ngo ririmirije gufasha gukarisha ubwenge bw’abaganga kugira bashobore kuvura indwara y’igisukari, ivyo barabishimye ndetse banasaba ko ryobandanya kubaba hafi. Muri iyo nama nyene,kabaye n’akaryo ko kwiyemeza ivyo bagiye kubandanya bakora kuri ico kibazo kijanye n’ubugumba, kurwanya kanseri n’indwara y’igisukari. Muri urwo rugendo nyene, ngo yararonse akaryo ko kugendera irerero ry’impfuvyi ryitwa « light house », iryo rerero ni iry’umuryango w’umukozi w’Imana yigeze kuza kuremesha  igikorane mu Burundi, mu ntara ya Muyinga, aho n’ubu yimirije kugaruka mu Burundi, mu kwezi kwa Ruhuhuma 2019. Muri iryo rerero ngo yaraharahuye ubumenyi nk’uwatanguje irerero ry’impfuvyi mu Burundi, rifise umugambi wagutse. Vyongeye, muri urwo rugendo nyene, ngo kabaye akaryo ko kuganira n’abarundi baba mu gihugu ca Ghana, aho yabateye akamo ko kubandanya bakunda igihugu cabo, mu kukivuga neza, banarungike abagwizatunga bashobora kuza gukorera mu Burundi. Nk’abarundi yarabasavye gutera amatora yo mu mwaka w’2020, nabo bakaba barayaterereye n’ubu ngo bakaba bariko begeranya amafaranga. Mu gusozera urugendo, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ca Ghana yaramwakiriye ku kirimba, aho baganiriye ndetse banasezerana.Tubamenyeshe ko umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yaboneyeho akaryo ko  atera akamo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ngo bushire ikibazo c’ubugumba mu migambi yihuta bugiye kurangura muri uno mwaka. Ico kibazo ngo  carasambuye imiryango, aho abarundi bakwiye kumenya ko umukenyezi atari ukuvyara gusa, ariko hariho n’ibindi ashoboye.
Déo Misigaro
                                                                                                   

Ouvrir