Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uguherekeza umukobwa muri iki gihe biratandukanye n’uko vyaba kera

Aho hambere hahise abavyeyi ntibaherekeza abana babo b’abigeme bagiye kwubaka izabo. Ngo carazira kikaziririzwa. Nta muvyeyi yubahuka kubirengako. Se w’umukobwa yaheruka kumuvugira ijambo umunsi baje kumukwa. Vyahavuye bija birahinduka. Muri ino myaka, abavyeyi b’umukobwa baramuherekeza, kandi se akaba ari we amuvugira ijambo mu gihe ashoboye kurivuga neza. Ariko ivyo tubisanga mu bisagara gusa, nayo mu misozi nta muvyeyi ataha ubugeni bw’umukobwa wiwe.Aho hambere hahise abavyeyi ntibaherekeza abana babo b’abigeme bagiye kwubaka izabo. Ngo carazira kikaziririzwa. Nta muvyeyi yubahuka kubirengako. Se w’umukobwa yaheruka kumuvugira ijambo umunsi baje kumukwa. Vyahavuye bija birahinduka. Muri ino myaka, abavyeyi b’umukobwa baramuherekeza, kandi se akaba ari we amuvugira ijambo mu gihe ashoboye kurivuga neza. Ariko ivyo tubisanga mu bisagara gusa, nayo mu misozi nta muvyeyi ataha ubugeni bw’umukobwa wiwe.Twaraganiriye n’abavyeyi bakuze baratubwira ingene barungitswe kwubaka izabo ata muvyeyi abaherekeje, mugabo bobo bakaba bahora baherekeza abana babo kuko batakiba mu gihugu hagati basigaye baba mu gisagara ca Bujumbura. Barabona ko imigenzo iguma ihinduka ariko ngo bivana n’aho abantu basanzwe baba. Vyongeye, bavuga ko n’aho bataha ubugeni bw’abana babo hariho ivyo batarenga kuko nko gushika mu rugo ari vyo bita ngo ni uguca mu marembo ari urubanza rutunganywa ukwarwo, abavyeyi bakabona kwinjira mu rugo umukobwa wabo yagiyemwo.
Ubukwe n’ubugeni vyo hambere buratandukanye n’ubwo muri ino myaka
Ubukwe kera bwabera iwabo w’umukobwa, kandi n’ubu mu misozi ni ko bigenda. N’ubugeni bwabera iwabo w’umuhungu. Ariko mu bisagara si benshi bagirira izo manza iwabo kubera hataba hagutse bikwiye. Baraheza bagakotesha ibibanza vyabigenewe kugira baronke aho bicarika abashitsi n’abasangwa.Nk’uko Stefaniya Murondo abivuga, ngo mu migenzo y’ikirundi, umukobwa bamukwera muhira iwabo. Ati n’ubu iyo bakodesheje ikibanza ubwo bukwe buberamwo bacitirira umuryango wakiriye abakwe. Se amuvyara canke uwundi aserukira umuryango ni we aheza akavuga ijambo ryo kumukosha, akishurana n’uwaje gukwera umuhungu. Hari n’umugani bahora baca ngo «ubukwe bwiza ni ubukwira mu nzu». Ntibaheza ngo batumire abantu benshi bataronka aho babakwiza. Kera, umukobwa n’umuhungu ngo ntibaseruka kuri uwo munsi kuko rwari urubanza rw’abavyeyi gusa, imisore n’inkumi bakaramukirwa ku munsi wo gusasirwa ibirago kuko wari wo munsi wabo wo guterekerwa amayoga no gufungurirwa. N’ubu hariho ababigenza uko nyene, mugabo bivana n’intara. Ivyo biheze haba hasigaye ko bitegurira kuzogira ubugeni kuko imiryango iba yavyemeje, bakabona kwandikwa hanyuma bakaragana imbere y’abaserukira Reta n’imbere y’abarongoye amadini.Ariko uko imyaka igenda irabisikanya ni ko n’imigirwa igenda irahinduka. Muri kino gihe, ahatari hake usanga ab’iwabo n’umuhungu babanza gusaba irembo imbere yo kwemererwa gukwa umugeni. Uwo musi wo gusaba irembo uhuza abantu bakeyi, iwabo w’umukobwa bakitegurira gufungurira no guterekera ibinyobwa abashitsi n’abasangwa. Hari igihe umuhungu aza kuri uwo musi canke ntaze, bivanye n’intara bakuriyemwo. Iyo ataje, n’umukobwa ntaheza ngo aseruke ahabona. Iyo umuhungu yaje naho, umukobwa aseruka hageze ko baherekeza abashitsi. Umunsi wo gukwa ni ho hiyongerako abandi bantu, bakaza baruta abaserutse mu gusaba irembo. Kuri uwo munsi w’ubukwe barabaterekera ibinyobwa vyinshi kuko abakwe baba bavyizaniye bikaza bisanga ivyo babateze. Hamwe hamwe baranabafungurira. Ariko si henshi bakibigenza uko kuko gufungurira abantu benshi bisaba uburyo bw’umurengera kandi bataburonka bose.Amajambo y’iyo minsi ibiri avugwa na se w’umukobwa canke uwundi aserukira umuryango, akaba ari we yakira abashitsi, bakayaga ku catumye batumbera iryo rembo, agaheza akabagabira mu gihe yabagomwe. Haba kera canke mu gihe ca none, ni gake abakwe basubira inyuma batagabanye, kiretse iyo habaye intambamyi ikomeye canke habaye ukutumvikana.Ikitari coroshe ku bavyeyi b’umukobwa, ni uko ku munsi w’ubugeni, kera baherekeza umugeni se atahari, akaja nko ku musozi wo hakurya aho atabona ingene umukobwa wiwe ava mu rugo; ntiyaja no hafi y’inzira bacamwo mu kumujana. Nyina w’umukobwa ni we yaba ari muhira ariko ntiyamuja inyuma.Ariko hari vyinshi bija birahinduka, na cane cane mu bisagara, aho usanga abavyeyi b’umukobwa bataha ubugeni bwiwe. Mugabo n’aho biri uko, mu misozi n’ubu nta muvyeyi aherekeza umukobwa wiwe agiye kwubaka urwiwe. Mu bisagara bavuga ko bemera kuja muri izo manza kuko bataja kwinjira mu rugo rw’umukobwa wabo kuko urubanza usanga rubera mu bibanza bakodesheje, abageni bagataha iwabo urubanza ruheze.

Ukudataha ubugeni bw’umwana w’umukobwa bifise imizi kure
Ivy’uko abavyeyi bataherekeza abakobwa bagiye kwabirwa bifise imizi kure. Nk’uko bivugwa na Mariya Roza Bukobwa, ngo aho hambere umugeni bamujana bugorovye, musazawe canke uwundi yatumwe n’umuryango akaba ari we avuga ijambo, akarishikiriza se w’umuhungu. N’aho atari vyo yaciyemwo ngo yaravyumvise uko vyagenda. Wewe ngo yagiye habona, ariko ngo nta muvyeyi yashobora guherekeza umwana wiwe w’umwigeme. Abajana umugeni muri ico gihe ngo baba ari abakiri bato gusa, bakarara baravyina. Vyongeye, umukobwa yarinda aja kwubaka urwiwe umengo ntazi ibimurindiriye. Ku munsi w’ubugeni rero, umuhungu yaranyinyurana n’umukobwa kugira amukure impuzu, yamara kuzimukura akazirenza umukingo, akaziterera bamwe bariko baravyina. Ico rero ngo cari ikimenyetso c’uko umusore anesheje umugeni. Vyaterwa ahanini n’uko umugeni ataba yasiguriwe bikwiye ingene bigenda, umugabo akarinda kumwambura impuzu ku nguvu. Ivyo rero ngo vyatuma ata muvyeyi ataha ubugeni bw’umukobwa wiwe. Ariko muri iki gihe abageni basa n’abagenda bazi uko bavyifatamwo kuko ba inasenge canke abandi bizigirwa barabategura bakababwira ibibarindiriye. Vyongeye, mu bisagara imanza z’ubugeni zikunda kubera mu bibanza bakodesha atari aho abageni bazoba, ivyo kwurizwa uburiri bija kuba abatumire bose batashe iwabo. Abo twayaze bavuga ko muri iyi myaka uwuvyipfuza wese yoherekeza umwana wiwe, kuko uwo muziro utagifashe na gato. Kanatsinda ngo hari vyinshi bitagikorwa mu migirwa y’aho hambere ijanye n’urwo rubanza. Ivyo rero ngo birasanzwe kuko uko ibihe bibisa ibindi, no mu mico hari ibihinduka, icazira kikaba igisanzwe.Hari n’abavuga ko guherekeza umwana wabo w’umwigeme canke kwinjira mu rugo iwe ata ngorane babibonamwo. Ngo iyo haba ikizira cari kuba hagati y’umukazana na sebukwe na inabukwe kuko ari bo bakunda kugiranira ingorane aho mu ntara zimwe zimwe hakivugwa ivyo gutera intobo, ahenshi hakanavugwa urwanko hagati ya inabukwe n’umukazana. Abo rero babona ko guherekeza umwigeme wabo bagataha ubugeni bwiwe ari ibisanzwe. Ngo ni co kimwe n’abashingira umuhungu wabo kuko bose ari abana kandi bose baba biteye iteka bakanaritera imiryango ibiri. Ngo abo bana baba bunze ikiraro gihuza iyo miryango, ku buryo hatoshigikirwa umuhungu umukobwa nawe bamurungike nk’abamwikura.

Emérentienne Ndaruzaniye  Documentation

Ouvrir