Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abavyeyi basabwa kwama bitwararika gukingira abana indwara y’ubukangwe

evelyn 2KU munsi abavyeyi basabwa kwama bakingira abana babo indwara y’ubukangwe. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana mw’ijambo yashikirije umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’ubukangwe. Ibirori vy’uyo munsi bikaba vyabereye mu kigo citaho abamugaye Saint Kizito kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2019. KU munsi abavyeyi basabwa kwama bakingira abana babo indwara y’ubukangwe. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana mw’ijambo yashikirije umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’ubukangwe. Ibirori vy’uyo munsi bikaba vyabereye mu kigo citaho abamugaye Saint Kizito kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2019. Umushikiranganji Thaddée Ndikumana, yarashimye ko mu Burundi basezereye iyo ndwara, aca amenyesha ko iyo ndwara ikiriho kera, mu kigo saint kizito ariho benshi bafashirizwa. Ngo nico gituma bari bagiye kwifatanya n’ico kigo mu guhimbaza uyo munsi kuko bashitse ku ntambwe ishimishije bivanye n’uko ata mwana agifise iyo ndwara y’ubukangwe bongera bibuka kandi n’iyo bavuye. Yarashimiye ico kigo ku kuntu camye citwararika kuva kera gufasha abana bafise indwara y’ubukangwe n’abagendana ubundi bumuga butandukanye. Yarashimye kandi ko Uburundi bwashikiriye ihangiro rya OMS aho ata mwana agifise indwara y’ubukangwe, akifuza ko iyo ntambwe igihugu cateye itosubira inyuma. Yaheraheje ahamagarira abavyeyi kwama bakingira abana babo indwara y’ubukangwe ndetse n’izindi ndwara. Uwurongoye ikigo Saint Kizito Mama Anne Marie Mushiranzigo nawe, yamenyesheje ko ubu ata bantu bacakira muri ico kigo barwaye indwara y’ubukangwe ariko ko kera bakira benshi. Yaciye amenyesha ko ubu bakira abafise indwara zitandukanye kuva ku bakiri bato gushika ku basaza. Yaheraheje ashimira umushikiranganji ku kuntu yabiyumviriye kuri uyo munsi ngo vyerekana umwitwarariko Reta ifise ku bijanye n’amagara y’abantu, aca asaba ko ubushikiranganji bwokwitaho n’izindi ndwara kugira amagara y’abantu  abandanye amera neza.Twobamenyesha ko umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA yari yagiye yitwaje agakemanyi karimwo ivyankenerwa n’imfungurwa bizofasha abana bafashirizwa muri ico kigo.

Abajejwe intwaro basabwa kuzoshigikira igikorwa co gutanga imisegetera
Abajejwe intwaro basabwa kuzoshigikira igikorwa co gutanga imisegetera, abenegihugu nabo bakazoyikoresha ico yagenewe. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ahejeje kwugurura inama yo gutegura isekeza ryo kurwanya malariya biciye mu gutanga imisegetera irimwo umuti wica imibu. Iyo nama yari yatumiwemwo abajejwe intwaro, ba buramatari, abashingamateka hamwe n’abajejwe intara z’ubuvuzi bahuriye i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2019. Nk’uko yabivuze, ngo intumbero y’iyo nama kwari ukwerekana umwe wese ico azokora kugira igikorwa co gutanga imisegetera kizogende neza. Yaciye akengurukira abajejwe intwaro ku ruhara bafise mu bikorwa barangura kugira amagara y’abanyagihugu amere neza, ari naco gituma mu gikorwa nk’ico baja hamwe kugira umwe wese abone ico yoterera. Yaciye amenyesha ko mu mpera z’umwaka w’2019 mu gihugu cose ico gikorwa kizoba cakozwe kandi ko bumvikanye ku kirangamisi c’ibikorwa, kandi ko ikindi bashimikiyeko ari uko abazorangura igikorwa co guca ku mihana baraba abantu bahaba bazotanga amatike mu minsi 12 kuva ku wa 8 gushika ku wa 19 Munyonyo 2019. Ugutanga imisegetera navyo ngo bikazoba mu minsi 5 kuva ku wa 9 gushika ku wa 13 Kigarama 2019, abantu 2 bakazoronka umusegetera 1, aho barenga 10 bakazoronka imisegetera 6. Niko guca amenyesha ko ivyo bizosaba ko haba abantu bo ku mitumba bazoja mu mihana kugira babarabire ababaho. Ngo baranavuganye ko abazorangura ico gikorwa bazoba bemejwe na ba musitanteri bakazorungika urutonde bashizeko n’ikidodo kugira ngo bikorwe mu muco kuko ihangiro ari uko ingo zose ijana kw’ijana z’abenegihugu zoronka iyo misegetera. Yaciye atera akamo abazorangura ico gikorwa gukorana n’abajejwe intwaro, abajejwe intwaro nabo bakaraba neza ko ata muntu ni umwe batazoba baharuye, abajejwe umutekano nabo kuzotuza abantu baca biyadukiza bagahenda abenegihugu kugira babagurire iyo misegetera,  abenegihugu nabo ngo bazoyikoreshe ico yagenewe.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir