Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Utunenge twibonekeza mw’itunganya ry’imirimo mu makomine ya Bubanza, Bururi, Isare, Rumonge na Rutana dukwiye gukosorwa

DSC0uuu7471Kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu 2019, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, umurwi wo mu Nama Nshingamateka wamaho ujejwe intwaro ibereye n’ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe, inyubako n’ibindi bikorwa Reta ifisemwo imitahe,  warashikirije icegeranyo c’ukugene amakomine ya Bubanza, Bururi, Isare, Rumonge na Rutana atunganya imirimo, ingene akoresha uburyo n’ayandi matungo cakozwe na sentare ijejwe gucungera amatungo ya Reta kuva ku wa 7 Mukakaro 2018  gushika ku wa 27 Mukakaro 2018. Uwurongoye umurwi wamaho ujejwe intwaro ibereye n’ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe, inyubako n’ibindi bikorwa Reta ifisemwo imitahe, Bénigne Rurahinda, yamenyesheje ko ico cegeranyo cerekana ko ukuntu amakomine ya Bubanza, Bururi, Isare, Rumonge na Rutana atunganya imirimo n’ingene akoresha uburyo n’ayandi matungo birangwa n’utunenge twinshi dukwiye gukosorwa kugira ayo makomine arangwe n’intwaro ibereye. Yabandanije amenyesha ko vyinshi muvyo ayo makomine ahurirako ari ugutunganya nabi imirimo, kutabungabunga neza ibikoresho n’inyubako z’amakomine, gukoresha nabi uburyo n’amatungo ya komine. Ngo amwe mu makosa akaba ari :

kutagira impapuro ndangatongo z’amatongo ya komine n’iziranga inyubako zayo, amadosiye y’abakozi adakwije ivyagombwa, ukudategekanya ibitabu vyerekana iyo amakomine akura uburyo n’ingene ubwo buryo buzokoreshwa no kudakurikiza ivyanditse mu gitabu gitanga intumbero y’ibikurikizwa mu vyerekeye intwaro  n’ikoreshwa ry’uburyo bw’amakomine (manuel de procédures administratives et financières des communes).Bafatiye ku vyashizwe ahabona na sentare icungera amatungo ya Reta, abashingamateka barashikirije ibibazo umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye, Jeanne d’Arc Kagayo bijanye n’utunenge twibonekeza  mw’itunganywa ry’imirimo mu makomine amwe amwe. umushikiranganji Kagayo akaba yamenyesheje ko amakosa yatowe na sentare icungera amatungo ya Reta asa n’ayo ubugenduzi bukuru bwa Reta buhora butora mu makomine muri rusangi. Yabandanije amenyesha ko igituma abarongoye amakomine  badakurikiza ibiri mu gitabu gitanga intumbero y’ibikurikizwa mu vyerekeye intwaro n’ikoreshwa ry’uburyo bw’amakomine biva rimwe na rimwe ku bumenyi buke bw’abarongoye amakomine, ngo hari n’abandi bareka kubikurikiza kugira banyegeze amakosa yabo. Umushikiranganji Jeanne d’Arc Kagayo yamenyesheje ko kugira amakosa akorwa mu makomine ahagarare, hoba guhimiriza no gukarihiriza ubwenge abarongoye amakomine mbere hakabaho no guhana abarenga amategeko.

Aline Kanyana

Ouvrir