Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bose bahamagariwe kumenya ururirimbo ruhayagiza iguhugu cabo

Mu nomero 2029 yo ku wa 14 Gitugutu  2019, ikinyamakuru UBUMWE carabashikirije insiguro y’amajambo ari mu ruririmbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi. Kirabandanya kubashikiriza insiguro y’amajambo akurikira nk’uko tubikura mu gatabu k’insiguro y’amajambo agize uruvyino ndangabuhizi rw’Uburundi .Mu nomero 2029 yo ku wa 14 Gitugutu  2019, ikinyamakuru UBUMWE carabashikirije insiguro y’amajambo ari mu ruririmbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi. Kirabandanya kubashikiriza insiguro y’amajambo akurikira nk’uko tubikura mu gatabu k’insiguro y’amajambo agize uruvyino ndangabuhizi rw’Uburundi .Imana yakuduhaye ikudutungire : Ni uguhaya n’ugushimira Imana, tuyisaba ko Uburundi yahaye ba sokuru bwogumana iteka. Ni co gituma Imana, Umwami n’Uburundi vyari mu civugo c’Uburundi kugira ngo Umwami ahamagariye abanyagihugu kwambaza Imana ntibahigitanye. Ni kwemeza ko Uburundi ari ingabire twahawe n’Imana.

Ni ukuvuga ko Uburundi ari intabonwa twiherewe n’Imana tutarinze kugura. Uwugabiwe nawe arangwa n’ugutazira amasabo yiwe. Amasabo ya twese Abarundi rero n’Imana. Tuguma tuyisaba ngo iduhe umusesekara. Bisa n’ukuyitaka iteka twigina ngo « warampaye inka nkira inyota n’ukurumanga. Uri biganza bigaba inyambo ». Dusaba iyo Mana ngo idutungire Uburundi nabwo budutunge buduhe ivyiza vyinshi. Erega nyene, « ntawubwira Imana ngo mpa bike »Kudutungira igihugu ni ukukirinda impanuka. Ni ukugikingira amazimwe yohava akizingamika. Ni ukuciganzira ngo ntikirwe mu minwe y’abansi. Uburundi rero tuba tuburagije Imana.Horana (umwami) ubumwe n’abagabo n’itekane : Horana ubumwe :Ubumwe ni akagozi kunga ubucuti hagati y’abantu, maze abari barahuranye, badacana uwaka, bakarahuriranira, bagatizanya isuka, bagahana imbuto, bagatererana. Uburundi ni buhorane ubumwe, maze Abarundi basabikanye utwo bafise, nakare « ibisangiye imizi bisangira no kwuma » kandi « Ahari ubumwe, urusato rw’imbaragasa rwifuka batanu uwa gatandatu akagwiyorosa ». Abarundi bashigikirane nyene. Bararirane, ntihagire uwuhishira uwugabirije kurara umubanyi ku mugono.Ubumwe buvugwa ngaha kuko bwari bwahungabanye mu gihe c’imigambwe myinshi yari mw’ihiganwa kuva mu 1958 gushika mu 1965. Abarundi baracanishwamwo nyene na kavamahanga, bakivangura bafatiye ku moko n’ivyiyumviro baharanira. Iri jambo Ubumwe ryasubiriye ijambo Umwami mu 1966. Aho intwaro ya cami yahava, igasubirirwa n’intwaro ya Repubirika ya mbere.Horana abagabo : Ni icipfuzo c’uko Uburundi bwoguma burangwamwo abantu bafise imigabo ironderera ineza abanyagihugu. Uburundi bugume bufise indongozi ata kindi zirota atari ineza y’abo ziragijwe.Horana itekane : Uburundi buhorane itekane, ni ukuvuga ugutekanirwa muri vyose. Gutyo, imitima y’Abarundi ntije i mutwe na rimwe, igume mu nda. Itekane ryame mu mitima, ntihagire uwuhahamuka, ntihagire uwicwa n’irungu, intimba, akabonge canke intuntu. Ntihagire uwucika ivutu. Itekane nyene, ritangwa n’ububasha bw’Imana, yo ikingira abantu ibihomoka, uruzuba, ibihuhusi,urubura n’ibirunga bitikiza inganda. Itekane nyene rimwe rituma abantu kuticura ibicumito, ukutikekana, ukutinubana. Aho bari hakiganza ibakwe, aho kurangwa iceyi.Sagwa n’urwezeEgo cane ,ibi vyose birangutse, Uburundi busagwe n’urweze. Gusaga ni ugukwira ikibanza cose, nka kurya ku mwambaro mwiza usaga umubiri,nka kurya ivyo umuntu yipfuka mu gihe aryamye bimusaga, ntihagire umwanya usigara, ngo uhave wikikamwo imbeho, nk’igikonyozi.Uburundi busagwe rero n’urweze, ntihagire n’akanyuro gasigara, ngo kikivemwo ibizana imyidogo, induru  n’amarira mu bantu. vyose  bitungane, bitahe aho bitegerezwa gutaha.Sagwa n’amahoro meza Ni amahoro atari amahorerane, ni ukuvuga amahoro atari yo, umuntu yerekana mu bandi kandi we atayo afise mu mutima. Ego cane Uburundi busagwe n’amahoro mazima, amahoro arama. Amahoro meza niayatuma abandi basomera ntibarumange Ni kandi amahoro baguma bavomera, bongera bayashigikiza ubumwe,  urukundo , ibikorwa,misi yose. Ni co gituma indamutso y’Abarundi itangurwa n’icipfuzo « Tugire amahoro ...»Eka si amahoro yotuma bashira agati mu ryinyo.Ihibambewe ntiboja n’arwo ngo « Uwukize isemu yibagira icamwirukana». Ni amahoro ameze nk’ayo bipfuriza uwugiye gukika umusaya ngo « Uraranre aharyana « ntuheremw’itiro ,k kandi nturyame umukondorazosi.  

Vyatororokanijwe na Gloriose Nshimirimana

Ouvrir