Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama zitunganywa hagati y’abanyamigambwe n’abajejwe umutekano zarazanye akarusho ku rubuga rwa poritike

Kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu 2019, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati inyigisho zo gukunda igihugu bwaratunganije ku rwego rw’igihugu  inama igira gatanu y’abanyamigambwe n’ababuramatari. Iyo nama yabereye mu gisagara ca Bujumbura. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye yamenyesheje ko amatora ari urugendo rurerure ari naco gituma kuva muri Ruheshi 2019, hama hatunganijwe inama zihuza abanyamigambwe n’abajejwe intwaro kugira baze baririmbura, ibitagenda neza babikosore. Ngo izo nama zirategekanijwe kandi ku rwego rw’intara n’urwa amakomine, ivyegeranyo bikarungikwa mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati. Umushikiranganji Barandagiye yamenyesheje ko abarongoye intara 11 aribo bamaze kurungika ivyegeranyo vy’inama  mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, aca ahamagara abatarabikora kwikubita agashi bakabirungika. Barandagiye  yahamagariye abanyamigambwe kuza barimenyekanisha ku bajejwe intwaro iyo bagiye gukorera mu burere barongoye kandi bagahimiriza abo barongoye kwigenza neza mu kwirinda imvugo zikomeretsa abandi. 

Aba nyamigambwe ngo bokw’ukubahiriza amasaha, bakamenya ko ibikorwa vy’umugambwe bihera igihe c’isara 12 z’umugoroba. Ngo urwaruka rwo mu migambwe rwokwinjira mu makomite y’umutekano kandi rukitaba ibikorwa vy’iterambere. Barandagiye yamenyesheje ko bene izo nama zigiye kwugururirwa abajejwe amadini kuko biboneka ko bashobora kuzimiza abo barongoye kuko baba batazi ibintu aho bigeze. Kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu 2019, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati inyigisho zo gukunda igihugu bwaratunganije ku rwego rw’igihugu  inama igira gatanu y’abanyamigambwe n’ababuramatari. Iyo nama yabereye mu gisagara ca Bujumbura. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye yamenyesheje ko amatora ari urugendo rurerure ari naco gituma kuva muri Ruheshi 2019, hama hatunganijwe inama zihuza abanyamigambwe n’abajejwe intwaro kugira baze baririmbura, ibitagenda neza babikosore. Ngo izo nama zirategekanijwe kandi ku rwego rw’intara n’urwa amakomine, ivyegeranyo bikarungikwa mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati. Umushikiranganji Barandagiye yamenyesheje ko abarongoye intara 11 aribo bamaze kurungika ivyegeranyo vy’inama  mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, aca ahamagara abatarabikora kwikubita agashi bakabirungika. Barandagiye  yahamagariye abanyamigambwe kuza barimenyekanisha ku bajejwe intwaro iyo bagiye gukorera mu burere barongoye kandi bagahimiriza abo barongoye kwigenza neza mu kwirinda imvugo zikomeretsa abandi.  Aba nyamigambwe ngo bokw’ukubahiriza amasaha, bakamenya ko ibikorwa vy’umugambwe bihera igihe c’isara 12 z’umugoroba. Ngo urwaruka rwo mu migambwe rwokwinjira mu makomite y’umutekano kandi rukitaba ibikorwa vy’iterambere. Barandagiye yamenyesheje ko bene izo nama zigiye kwugururirwa abajejwe amadini kuko biboneka ko bashobora kuzimiza abo barongoye kuko baba batazi ibintu aho bigeze. Abari bayitavye  iyo nama barashikirije ivyo bishimira bimaze guhinduka kuva izo nama zitanguye gutunganywa n’akagihaze.Uwaserukiye umugambwe CNDD-FDD, Joseph Ntakarutimana yamenyesheje ko muri rusangi,  hari akarusho mu bijanye n’ukungene abanyamigambwe babanye. Yabandanije amanyesha ko naho biri uko, ngo mu bagize imirwi yigenga ijejwe gutunganya amatora hari abashaka guhengamira  ku migambwe baserukiye kandi bategerezwa gutunganiriza bose. Ntakarutimana akabona ko uwo vyonanira kwigenza neza yokurwa mu murwi yashizwemwo wo gutunganya amatora. Uwurongoye umugambwe CNL, Agathon Rwasa nawe arashima akarusho kari mu kubana kw’imigambwe ku rubuga ariko ngo hariho uburere umugambwe arongoye utoroherezwamwo. Ngo hari aho babankira kwugurura ingoro z’umugambwe, mbere rimwe na rimwe zikabomorwa. Uwurongoye umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi arashima ingene imigambwe ibanye ku rubuga ariko ngo arafise amakenga y’abatanguye gushinga inani z’imigambwe hataragera aho yatanze akarorero ku bahora mu mizero y’abarundi batanguye ibikorwa vyo kwiyamamaza.

Aline Kanyana

Ouvrir