Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Hagiye gutezwa imbere ubumenyi mu mashure nshingiro ku mfashanyo y’Ibanki y’isi yose

Ibanki y’isi yose  ifadikanije n’ubushikiranganji bujejwe indero igiye guteza imbere ubumenyi mu mashure y’intango mu gihugu cose c’Uburundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwujejwe gutunganya ibikorwa mu mugambi ujejwe guteza imbere ubumenyi mu mashure nshingiro « PAADESCO », Béatrice Samandari mu nama yari yatunganijwe n’Ibanki y’isi yose ku wa 17 Gitugutu 2019.Ibanki y’isi yose  ifadikanije n’ubushikiranganji bujejwe indero igiye guteza imbere ubumenyi mu mashure y’intango mu gihugu cose c’Uburundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwujejwe gutunganya ibikorwa mu mugambi ujejwe guteza imbere ubumenyi mu mashure nshingiro « PAADESCO », Béatrice Samandari mu nama yari yatunganijwe n’Ibanki y’isi yose ku wa 17 Gitugutu 2019.Uwuserukira vy’agateganyo ibanki y’isi yose mu Burundi, Nancy Visavilua yamenyesheje ko mu cigwa cagizwe n’ibanki y’isi yose, mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere  n’Uburundi burimwo abanyeshure bafise gushika ku myaka 10 batazi gusoma no gutahura igisomwa ngo bashika ku bice 42%. Uwo mugambi PAADESCO ngo ukaba uzogirira akamaro kanini abo banyeshure kuko uje gutuma bungura ubumenyi mu bijanye no gusoma canke gutahura igisomwa.   Béatrice Samandari yamenyesheje ko mu gihugu c’Uburundi basanze benshi mu banyeshure biga kuva mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka wa 4, bafise imyaka iri munsi canke 10 batazi gusoma no gutahura neza igisomwa. uwo mugambi ngo ukaba uje kurwanya ubukene mu mashure kugirango abana baheba kwiga kubera babuze ibikoresho vy’ishure, canke babuze ico bafungura ubibaronse. Muri uwo mugambi ngo hazobamwo gutanga ibikoresho vy’ishure nk’amakaye, ikaramu hamwe n’ibindi bikoresho umunyeshure akenera hamwe n’ibitabu umwigisha canke umunyeshure bakenera, gukarihiriza  ubwenge abigisha n’abayobozi b’amashure, gutanga imfungurwa z’abanyeshure ku mashure n’ibindi. Uwo mugambi ukaba uzotwara imiriyoni 40 z’amadorari y’abanyamerika mu kiringo c’imyaka ine. Uwo mugambi kandi ngo uje kwishura ku vyo Reta y’Uburundi ishira imbere mu gisata c’indero biri muri wa mugambi w’igihugu ujejwe iterambere « PND ».  

Estella Niyongere

Ouvrir