Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ifumbire imaze gutangwa kw’irima ry’agatasi igera ku matoni 26.580

Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko ifumbire ihingurirwa mu Burundi FOMI imaze guhabwa abarimyi gushika ku wa 14 Gitugutu 2019 ingana n’amatoni 19.580, ubu naho ayandi matoni anagana n’7000  akaba ariko arakwiragizwa mu ntara kugira ahabwe abarimyi gushika mu mazone. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Emmanuel Ndorimana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 22 Gitugutu 2019. Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko ifumbire ihingurirwa mu Burundi FOMI imaze guhabwa abarimyi gushika ku wa 14 Gitugutu 2019 ingana n’amatoni 19.580, ubu naho ayandi matoni anagana n’7000  akaba ariko arakwiragizwa mu ntara kugira ahabwe abarimyi gushika mu mazone. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Emmanuel Ndorimana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 22 Gitugutu 2019. Yamenyesheje ko muri kino gihe bageze ku matoni 26.580 y’ifumbire FOMI ihingurirwa mu Burundi. Yavuze ko ku wa 12 Nyakanga 2019 ubushikiranganji bujejwe bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bwari bwamenyesheje ko buzokworohereza abarimyi mu kubaronsa ifumbire FOMI ikorerwa mu Burundi, ishwagara yo mu mirima n’imbuto buhereye ku bigori kw’irima ry’agatasi. Ngo bwari bwemeye no kubaronsa imiti ivura canke yica udukoko tubangamira imirima nayo nyene yamaze gushirwa ku ntara ku ntara mu buyobozi bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi. Emmanuel Ndoricimpa  yamenyesheje kandi ko naho ubwo bushikiranganji bwari bwiteguye bubona abarimyi baguma babwitrura bafise umwitwarariko w’ifumbire. Ico kibazo ubushikiranganji butaba bugikurikirana ku munsi ku munsi bufadikanije n’ubuyobozi bw’ihinguriro rikora ifumbire FOMI.  Yarongeye amenyesha ko ibiharuro ubushikiranganji bwari bufise bwahawe n’ibiro vya posita, Viettel na FENACOBU, abarimyi basanzwe barihiramwo vyagera ku matoni 23.700 guishika ku wa 14 Gitugutu 2019, ubu bikaba vyari bigeze ku matoni 24.200.Ndoricimpa yamenyesheje ko naho ata ngorane ubushikiranganji bubona muri ico gikorwa mugabo bufise buravye umurindi w’abasaba iyo fumbire burafise amakenga ko ifumbire iriko irasabwa itoba iriko irakoreshwa yose mu mirima muri iki gihe c’irima. Bongeye bagafatira ku biharuro ubushikiranganji bwari bwategekanije ngo barabona ko yasabwe iyiruta iyo bwari bwategekanije. Ahandi naho bakabona ko abanyagihugu boba bahurumbira ifumbire ikorerwa mu Burundi.Ubushikiranganji rero ngo busaba ko ifumbire iguma yegerezwa abanyagihugu kandi igatangwa guhera ku barishe  ingwati. Ubushikiranganji kandi ngo bugiye gukurikirana neza ko ifumbire iriko iratorwa ija gukoreshwa mu mirima ubwo nyene. Yaboneyeho akaryo ko gusaba abajejwe intwaro n’umutekano gufasha mu gukurikirana no kuraba ko ata fumbire yoba iriko iradandazwa mu gihugu hagati canke hanze y’igihugu.

Epitace Nduwayo

Ouvrir