Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza arashima ivyaranguwe n’abajejwe umutekano hamwe n’inyabune, akaba yabahaye amanota 98 kw’ijana

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashima ivyaranguwe n’abajejwe umutekano hamwe n’abahuriye mu nyabune, akaba yabahaye amanota 98 kw’ijana. Hari kuwa 23 Gutugutu 2019, mu nama yaragirishije abaserukira abandi mu nzego z’igisirikare n’igiporisi, abaserukira ubushikiranganji bw’ubutungane hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukundisha igihugu n’iterambere ry’abenegihugu bahuriye ku murwa mukuru wa komine Mubimbi, intara ya Bujumbura.Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashima ivyaranguwe n’abajejwe umutekano hamwe n’abahuriye mu nyabune, akaba yabahaye amanota 98 kw’ijana. Hari kuwa 23 Gutugutu 2019, mu nama yaragirishije abaserukira abandi mu nzego z’igisirikare n’igiporisi, abaserukira ubushikiranganji bw’ubutungane hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukundisha igihugu n’iterambere ry’abenegihugu bahuriye ku murwa mukuru wa komine Mubimbi, intara ya Bujumbura.Inyuma y’iyo nama, icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana akaba yaramenyesheje ko yari mu rukurikirane  rw’inama z’ukwirimbura mu bijanye n’umutekano .

Uwo musi rero ngo kwari ukugira bihweze aho umutekano ugeze mu gihugu  bakaba kandi ngo basanze koko wifashe neza n’ikimenyamenya ngo ni uko inkozi z’ikibi zinjiye muri komine Musigati,intara ya Bubanza, bashoboye kuzirwanya mu mwanya muto. Umukuru w’igihugu Petero Nkuruziza ngo akaba yaciye atanga amanota angana n’ibice 98 kw’ijana ku bakora mu giporisi hamwe n’inyabune. Alain Diomède Nzeyimana yamenyesheje kandi ko Umukuru w’igihugu ashimishwa n’uko abanyagihugu bose canke abanyamahanga baba mu Burundi bakamisha amahoro n’umutekano ibikorwa bibabeshejeho. Ku bijanye n’ivyabaye mu ntara ya Bubanza, Alain Diomède Nzeyimana akaba yamenyesheje ko bari abagizi ba nabi kandi baciye batuzwa. Umukuru w’Igihugu ngo akaba yahimirije inyabune kubandanya baja ku kivi  kugirango batuze inkozi z’ikibi ataco zironona. Yasavye kandi inyabune kubandanya batsimbataza umutekano aho utifashe neza cane cane aho iyo  mirwi y’inyabune idakora neza bagaheza bakayisubiramwo ku neza y’igihugu.  Ikindi ngo muri iki gihe himirije amatora ngo bogerageza bakarushirizaho kurikanura kuko hari abiyadukiza bakiyita abakozi b’Imana canke abatembereza ibintu ,muri abo rero ngo harashobora kwinyegezamwo inkozi z’ikibi. Inama iheze Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza akaba yaciye abandaniriza kuri paruwase Mubimbi aho yatanze imfashanyo  ingana n’itoni zine z’umuceri  ku miryango amajana ane  ya bantahonokora. Umuryango umwe umwe ukaba waronkejwe ibiro cumi vy’umuceri. 

Christine Manirambona

Ouvrir