Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarimyi b’ivyamwa bahamagariwe gukorera mu ma koperative

rzaaaaawIgisata c’ivyamwa  kiri mu bisata vyoshobora kwinjiza mu gihugu amafarnga y’agaciro gutyo ubutunzi bukisununura. Ni muri iyo ntumbero, kw’igenekerezo rya 23 Nyakanga 2019 ikinyamakuru UBUMWE cegereye umunyamabanga w’urunani rw’abakorera mu gisata c’ivyamwa IPFB, Alfred  ndayizeye kugira amenyeshe ico bariko barakora kugira ico gisata gitere imbere. Igisata c’ivyamwa  kiri mu bisata vyoshobora kwinjiza mu gihugu amafarnga y’agaciro gutyo ubutunzi bukisununura. Ni muri iyo ntumbero, kw’igenekerezo rya 23 Nyakanga 2019 ikinyamakuru UBUMWE cegereye umunyamabanga w’urunani rw’abakorera mu gisata c’ivyamwa IPFB, Alfred  ndayizeye kugira amenyeshe ico bariko barakora kugira ico gisata gitere imbere. Ndayizeye yamenyesheje ko  ingorane nyamukuru ziri mu gisata c’ivyamwa zihagaze kukungene bidandazwa  kuko  bigoye kuronka uruhusha rwo gushora ivyamwa hanze « certificat ».

Yabandanije amenyesha ko muri Reta hariho ingingo y’agateganyo yafashwe yo kuba barahagarika gushora ivyamwa hanze kugira barabe ukungene hoboneka umwimbu ukwiye usigara mu gihugu hanyuma uwusigaye bawushore hanze. Ngo ivyamwa ntivyunguruzwa uko bikwiye kuko ata modoka zifise ivyuma bikanyisha zihari zotuma ivyo vyamwa bigumana  akanovera. Mu gisata co guhingura ivyamwa hariho ingorane yo kuronka ivyo batekeramwo « emballage » kuko mu Burundi ata hinguriro ry’amacupa rihari. Ndayizeye yamenyesheje ko urunani IPFB  rwashinzwe kugira abakorera mu gisata c’ivyamwa baronke aho bashikiririza ivyifuzo vyabo hanyuma batorere hamwe umuti w’ingorane ziri muri ico gisata. Yabandanije amenyesha ko  hariho umugambi wo kurondera uburyo bwotuma amahinguriro y’ivyamwa aronka ivyo atekeramwo ivyo ahinguye atarinze gukoresha amacupa yavuyemwo ibindi bintu nk’amacupa avamwo inzoga yitwa  Heinecken.  Ndayizeye  asaba abarimyi b’ivyamwa gukorera hamwe mu makoperative kuko  bituma bagira inguvu kandi  n’umutahe ukongerekana, bigatuma n’abashaka kubafasha babashikira vyoroshe. Igisata c’uburimyi nico ahanini gitunze igihugu, Ndayizeye agasaba Reta ko mu migambi yayo yoshira inguvu muri co gisata kugira abakirimwo boroherwe.
      Aline Kanyana

Ouvrir