Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abantu bahamagariwe kwirinda ivyotuma bashikirwa n’indwara ya AVC

ntiziiiIndwara  yitwa AVC ituruka kumpanuka z’imitsi itwara amaraso mu bwonko. Ibituma iyo ndwara igwira navyo ni vyinshi harimwo kuvyibuha cane, kugira ibinure vyinshi no gufata ibintu biyitera. Ivyo vyashikirijwe na muganga Jolis Nzisabira mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 24 Nyakanga 2019.Indwara  yitwa AVC ituruka kumpanuka z’imitsi itwara amaraso mu bwonko. Ibituma iyo ndwara igwira navyo ni vyinshi harimwo kuvyibuha cane, kugira ibinure vyinshi no gufata ibintu biyitera. Ivyo vyashikirijwe na muganga Jolis Nzisabira mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 24 Nyakanga 2019.Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo ibimenyetso vyayo ni ibihimba vy’umubiri vyanka gukora bikanka ko umuntu abitegeka. Hakaba hari ubwoko bubiri bw’izo ndwara. Hari aho usanga agatsi kazivye canke agatsi kavuye amaraso. Ni ukuvuga rero iyo kazivye canke kakava amaraso, haca haba igihimba c’ubwonko kidasubira gukora. Nayo ubwonko uko bumeze, agahimba kose kabwo karafise aho gategeka ku mubiri. 

Ni kuvuga agahimba karwaye,  gategeka ntigisubira gukora. Nico gituma ushobora gusanga hariho abafise ukuboko canke ukuguru bidashobora gukora mbere ugasanga ukuguru n’ukuboko biri ku ruhande rumwe ntibikora, umuntu atakibitegeka ngo vyemere kuko igihimba co mu bwonko cabitegeka kiba kitariko kirakora. Iyo  agatsi kava amaraso rero ngo bitumwa n’uko urugero rw’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso rwaduze maze umuntu akagira ibimenyetso nko kumeneka umutwe, kuzungurirwa, rimwe na rimwe no kudahwa. Kwikingira indwara ya AVC rero ngo bisaba ko umuntu aza araja kwa muganga na cane cane ku bantu bamaze kurenza imyaka 45 n’iyirenga kuko ariho izo ndwara zikunda kurwira  nazo ni nk’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso ; indwara z’igisukari. Bakirinda no kugira ibiro vyinshi mu mitsi itwara amaraso canke ibinure vyinshi mu maraso. Ahanini ngo iyo ndwara iterwa n’indwara zo mu mitsi, aho rero ngo umuntu yo kwirinda imfungurwa, zituma umuntu avyibuha cane ; kurya umunyu mwinshi, kunywa inzoga nyinshi kandi akagira n’imyimenyerezo kuko kuguma hamwe navyo biri mu bituma iyo ndwara yiyadukiza. Ku bijanye n’uko iyo ndwara yoba  ivurwa canke itavurwa, muganga Jolis Nzisabira yamenyesheje ko kenshi iyo agahimba k’ubwonko kapfuye kadasubira gukora. Umuntu rero arashobora kugumana ubumuga ubuzima bwiwe bwose, ariko kandi bivanye n’icayitumye, hari igihe ako gahimba kabaye nabi, iyo ari nk’umutsi wazivye, iyo ushoboye kuzibuka canke ubwonko bukagerageza kwirwanira kugira bushobore kuronka amaraso hirya no hino maze umuntu rero akagenda buke buke asubira gukoresha ibihimba vyiwe. Vyumvikana ko hari abakira n’abandi bagumana ubumuga ubuzima bwabo bwose. Muganga Jolis Nzisabira atera akamo rero abamaze gushikirwa n’impanuka z’imitsi itwara amaraso mubwonko AVC ko bogendera impanuro baba bahawe n’abaganga kandi bagafata neza imiti. Ku batarayirwara nabo abahamagarira kwegera abaganga kandi bakisuzumisha kugira iyo ndwara ntibashikire. 

Gloriose Nshimirimana                                                                         

Ouvrir