Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Itandukaniro riri hagati y’umwibutsa, umugani n’igitito

paveAbarundi bamwe bamwe ntibazi itandukaniro riri hagati y’umwibutsa, umugani n’igitito. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yararekanye itandukaniro riri hagati y’ayo majambo atatu. Ku bwa Karerwa, ngo umwibutsa ni ijambo ritoyi, rigizwe n’ingingo zibiri canke zirenga gato ryibutsa umuntu ico ategerezwa gukora, uko ategerezwa kwigenza n’uko ategerezwa kwifata. Umugani ngo ni ikiyago kirerekire kivuga ivyabaye, ni harya bavuga ko umugani ugana akariho. Ngo umugani utangurwa n’ijambo “harabaye”.  Mu gusozera, ngo bakavuga bati: “sije nohahera”, bagaca bavuga ko hohera uwuba yigenjeje nabi muri uwo mugani. Karerwa yamenyesheje ko igitito gishusha cane n’umugani ariko aho bitaniye ari uko mu gitito batereza mu gahogo bakaririmba canke bagacura intimba babara inkuru ingene yagenze. Ngo umwibutsa ucibwa umwanya uwariwo wose ariko umugani canke igitito  vyama bicibwa izuba rirerenze, mw’ijoro abana bateramiye ku ziko.Abarundi bamwe bamwe ntibazi itandukaniro riri hagati y’umwibutsa, umugani n’igitito. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yararekanye itandukaniro riri hagati y’ayo majambo atatu. Ku bwa Karerwa, ngo umwibutsa ni ijambo ritoyi, rigizwe n’ingingo zibiri canke zirenga gato ryibutsa umuntu ico ategerezwa gukora, uko ategerezwa kwigenza n’uko ategerezwa kwifata.

Umugani ngo ni ikiyago kirerekire kivuga ivyabaye, ni harya bavuga ko umugani ugana akariho. Ngo umugani utangurwa n’ijambo “harabaye”.  Mu gusozera, ngo bakavuga bati: “sije nohahera”, bagaca bavuga ko hohera uwuba yigenjeje nabi muri uwo mugani. Karerwa yamenyesheje ko igitito gishusha cane n’umugani ariko aho bitaniye ari uko mu gitito batereza mu gahogo bakaririmba canke bagacura intimba babara inkuru ingene yagenze. Ngo umwibutsa ucibwa umwanya uwariwo wose ariko umugani canke igitito  vyama bicibwa izuba rirerenze, mw’ijoro abana bateramiye ku ziko.Karerwa abona ko mu bihe vya none indero y’abana bo mu Burundi yatitutse cane, ko ya ndero yo kuziko itakihari kuko ubu nta n’iziko rikihari, bamwe bateka ku mbabura, abandi bakaja no gufungura mu gahinga. Ngo abana uno munsi bariko bigishwa n’imboneshakure,  ivyo bigatuma bagira amahirwe make yo kugendera mu kirenge ca basokuru, yo kumenya imico myiza ya basokuru n’akaranga k’Uburundi. Karerwa ahamagarira abavyeyi kwikebuka bakirinda kudohoka ku mico n’akaranga k’abarundi bagaha ikibanza gikwiye indero y’urwaruka. Ngo abavyeyi bobonana n’abana babo, bakaganira bakabasubiza kuri ya myibutsa n’imigani bakabayagira ivya kera ahandi ho mu minsi iza urwaruka  ntiruzomenya akarangamutima k’Uburundi. Karerwa ahamagarira kandi  abavyeyi ko bogerageza gutembereza abana babo mu bibanza  vy’iratiro bakamenya igihugu cabo,  eka n’abarundi bari hanze ngo naho bigoye bogerageza kuza barazana abana babo mu gihugu c’amavukiro kuko ari nko kubazana kw’isoko ry’ubuzima.

Aline Kanyana

Ouvrir