Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta yaratanze amafaranga imiriyaridi 30 zirenga yo guteza imbere uburimyi n’ubworozi

rweraReta y’Uburundi yaratanze uburyo bungana n’imiriyaridi 30 zirenga  zo guteza imbere uburimyi n’ubworozi nk’uko vyibonekeza mw’itegeko nshikiranganji inomero 540/530/1825 ryo ku wa 18 nyakanga 2019 ritomora neza ingene ubwo buryo buzoshikira abanyagihugu n’ingene bazobusubiza.  Iryo tegeko ngo rikaba ryashizweko umukono n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta hamwe n’uwujejwe intwaro yo hagati mu gihugu. Reta y’Uburundi yaratanze uburyo bungana n’imiriyaridi 30 zirenga  zo guteza imbere uburimyi n’ubworozi nk’uko vyibonekeza mw’itegeko nshikiranganji inomero 540/530/1825 ryo ku wa 18 nyakanga 2019 ritomora neza ingene ubwo buryo buzoshikira abanyagihugu n’ingene bazobusubiza. 

Iryo tegeko ngo rikaba ryashizweko umukono n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta hamwe n’uwujejwe intwaro yo hagati mu gihugu. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi,  Déo Guide Rurema mu kiganiro yahaye bamenyeshamkuru kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2019 mu  ntumbero y’ukubamenyesha ibijanye n’umugambi wo kuronsa abanyagihugu  uburyo bazokoresha mu kurima n’ukworora.Umushikiranganji Déo Guide Rurema akaba yabanje kumenyesha ko Reta y’Uburundi yahimirije abarimyi-borozi  gukorera mu makoperative mu ntumbero y’ukurwiza umwimbu. Yarongeye amenyesha ko Ishirwa mu ngio ry’iyo migambi ryahuriranye n’uko mu bushikiranganji bamaze kwitegurira irima ry’agatasi  ry’umwaka w’2019 ushira uw’2020 mu kwegereza abarimyi imbuto n’ifumbire kandi ku giciro kitavuna. Yaciye amenyesha kandi ko kugirango uwu mwaka ugende neza ubushikiranganji bw’ibidukikije uburimyi n’ubworozi  bufadikanije n’ikigega kijejwe iterambere ry’amakomine FONIC  bwagirishije inama abakozi babwo kugirango baze bakurikiranire hafi  ivyo bikorwa.   Muri iyo nama ngo vyaragaragaye ko ikigega FONIC camaze kugira intambwe ishimishije mu gutegura ingene ubwo buryo buzoshikira amakoperative harimwo n’ingene azobukoresha.  Ayagera ku 3029 akaba ngo ariyo yashoboye kujaho ku mitumba ingana n’3002.  Muri ayo makoperative harimwo ayazorima ibigori, ibiharage, uburo,umuceri,  ibiyoba, isoya, imboga hamwe n’ ibizinu n’ayandi azotunganya ubworozi bw’ingurube, impene, inkoko n’ ifi.Déo Guide Rurema akaba  yamenyesheje ko ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi rizotangura muri iyi ndwi nyene.  Yarangije ashimira Reta ku mugambi wayo wo guteza imbere abarimyi.

Christine Manirambona

Ouvrir