Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Gitega Abarimyi basabwa gusengera imbuto no kwiyeza imbere yo guteragira

coiuUmukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza asaba abarundi bose cane cane abarimyi ko imbere yo guteragira bobanza gusenga bakiyeza kugira bateragire ikiganza c’Imana n’amavuta yayo biri kuribo. Ivyo yabimenyesheje mu gisabisho ciwe co gusengera imbuto z’ibigori n’isoya bagire bateragire mu murima wiwe uri mu ntara ya Gitega, komine Nyarusange ku mutumba Gasenyi. Hari kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2019.Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza asaba abarundi bose cane cane abarimyi ko imbere yo guteragira bobanza gusenga bakiyeza kugira bateragire ikiganza c’Imana n’amavuta yayo biri kuribo. Ivyo yabimenyesheje mu gisabisho ciwe co gusengera imbuto z’ibigori n’isoya bagire bateragire mu murima wiwe uri mu ntara ya Gitega, komine Nyarusange ku mutumba Gasenyi. Hari kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2019. Prezida Nkurunziza mu gisabisho ciwe, yarashize mu biganza vy’Imana imbuto zateragiwe, acamenyesha ko hari amateka adasanzwe, y’ububasha n’ubushobozi mu bijanye n’imbuto, ikirere n’indimiro.  Yarahezagiye imbuto zigiye guterwa mugihe c’agatasi mu gihugu cose kuko ububasha bwazo buri ku mana kandi ko bobo bateragira mu kwizera nk’abana b’abantu. Yarongeye ashima ko igihe cose bahezagira imbuto ziheza zikamezwa n’Imana zikongera zikamishwa nayo, acakenguruka ku gishingo c’abarundi bose ku mwimbu Imana yatanze mu mpeshi no mu gatasi kaheze kuko yatanze umwimbu mwiza, akayaga ikirere n’akazuba keza. Yarongeye asaba ko ibiganza vyose bigiye guteragira imbuto mu gihugu c’Uburundi yobihezagira ikabaha kwihana no kwiyeza imbere yuko baja guteragira imbuto kuko ububasha buca mu biganza vyeze kandi biyihimbara. Niko guca asaba abarundi bose ko imbere yo guteragira bobanza gusenga bakiyeza kugira bateragire ikiganza c’Imana n’amavuta yayo biri kuribo. Yaciye asaba Imana ko izo mbuto zomezwa, zikamishwa nayo gutyo ikazotanga umwimbu urwijwe incuro 3 gusumba uwo baronse mu mwaka uheze. Yaheraheje asabira ku mana umugisha Uburundi n’abarundi ngo ibazigame, ibagirire neza itange n’amahoro yayo kuribo.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir