Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Muri komine Muha Abanyagihugu bahamagariwe gukunda igihugu bongere bavyerekane mu bikorwa

revineUmukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo ahamagarira abarundi bose na cane cane abanyagihugu bo muri komine Muha gukunda igihugu kandi bavyerekane mu bikorwa. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo ahamagarira abarundi bose na cane cane abanyagihugu bo muri komine Muha gukunda igihugu kandi bavyerekane mu bikorwa. Ako kamo yagateye ku wa 4 Gitugutu 2019, muri zone Kanyosha, komine Muha ikukira igisagara ca Bujumbura, mu nama yamuhuje n’abatowe kuri iyo komine, muri rwarukurikirane rw’ingendo ariko agira mu makomine y’igihugu mu ntumbero yo kuvugana ivyerekeye ubuzima bw’igihugu.Révérien Ndikuriyo  yabanje gushimira muri rusangi abanyagihugu bo muri iyo komine ku bwira n’umwete baranguranye ivyo bari basezeranye igihe baheruka kugiriranira inama, yisunze icegeranyo c’ivyaranguwe muri komine Muha. Muri ico cegeranyo, ku bijanye n’umutekano, yarashimye muri rusangi ingene babumbatiriye umutekano, kuko ata nkozi z’ikibi zagiye zibonekeza muri ico gihe giheze. Mbere ngo uwo  mutekano usanzwe urangwa mu gihugu cose, eka ngo no ku mipaka  nta nkozi z’ikibi ziharangwa gushika ubu. Muri poritike naho, uwuramutswa Inama Nshingamateka yaramenyesheje ko ashima imigenderanire iri hagati y’abanyagisara ca Bujumbura eka yaranabashimiye ukuntu biyamirije amakuru y’ibinyoma atangwa n’abagomba gucafuza igihugu cacu mu maraporo ashikirizwa Ishirahamwe mpuzamakungu. Yaranibukije abarundi ko Uburundi buriko bwitegurira amatora yo mu mwaka uza w’2020, akabasaba ko boyajamwo umutima uri mu nda maze bagatora neza abazobarongora.Ku bijanye n’indero, yaragarutse ku kuntu muri iyi myaka iheze hagiye hibonekeza inda z’ibitwarire mu mashure na cane cane mu mashure yo hagati mu gihugu.

Yaratanze akarorero ku ntara ya Gitega,aho aho basanze abana bashika ku 955 bafise imyaka iri hagati ya 14 na 25 bavutse muri ubwo buryo. Muri abo, 70 kw’100 bavuka bafise umugera wa Sida.  Yarateye kandi akamo cane cane abavyeyi ko gufata umwanya wo kwicarana n’abana babo, bakaganira kandi bakareka kubatinya kuko, nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo hari abavyeyi babonye umwana wabo agiye mu mashure yisumbuye, badasubira kumukurikirana, babona ko umengo arakuze kandi atarivyo. Kubwa Réverien Ndikuriyo, nabana ntiboshobora kurengera abavyeyi mu gihe bobitaho bakiri bato nk’uko na basokuru bayamaze bati: “igiti kigororwa kikiri gito”.Nayo ku bijanye n’inkino, yarashimye muri rusangi uko abakinyi bigenza ariko akavuga ko kuba badatsinda kenshi, ngo biva ku kuntu bakina batafunguye ibikwiye. Asigura ko gukina bibatwara inguvu nyinshi. Iyo badafunguye neza rero, ngo ntibaheza ngo batsinde. Kuri ico, yarasavye abarongozi b’imirwi y’abakinyi, ko boraba uko bafungurira abakinyi babo maze barabe ko hatazoba impinduka.Ku bijanye n’akazi, yarakebuye abakozi ba Reta ko bokora amasaha akwiye maze bakareka kwica akazi bishinga amaterefone. Mu gusozera, yavuze ko gukunda igihugu ari ukugikorera. Ntawuvuga ko akunda igihugu atagikorera, atubahiriza amategeko yaco. Asaba abarundi bose ko borangura ibikorwa vyo kwiteza imbere kandi bakijukire gukorera mu makoperative, gutyo igihugu cacu kizobone gushika kw’iterambere rirama aho abantu bose bazotera imbere atawusigaye inyuma.

Irène Niyongabire

Ouvrir