Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibikorwa vyo mu buruhuko vyaranguwe n’urwaruka rwomuri komine Ntahangwa vyabaye ngirakamaro

Urwaruka rwo muri komine Ntahangwa  rwaranguye ibikorwa vy’agaciro kanini igihe rwari mu buruhuko. Urwaruka rwo muri komine Ntahangwa  rwaranguye ibikorwa vy’agaciro kanini igihe rwari mu buruhuko. Ivyo vyashikirijwe na Abel Hatungimana, umuhanuzi wa musitanteri wa komine Ntahangwa, ajejwe intwaro n’imibano mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga mu 2019 , akaba yaramenyesheje ko urwo rwaruka rwaranguye ibikorwa bitandukanye rwongera ruranaronswa inyigisho zo gukundisha igihugu.yabandanije abivuga,ngo ubwa mbere barateye  imivyaro y’ibiti 4500  muri karitiye Kiyange ya kabiri, zone Buterere, hanyuma bashira ivu mu bumwanya kugira bashigikire imivyaro y’ibiti, igikorwa kitari coroshe na gato co gutunganya amatuta, barongeye barasibura imiserege mu mazone yose agize komine Ntahangwa.Yavuze kandi ko urwaruka rwavyitavye cane ari urwo muri zone Buterere bimwe n’uko ariho hari abana benshi bo mw’ibarabara kuko bakora hanyuma bakabagaburira. Abel Hatungimana yasiguye ko muri ivyo bikorwa vy’iterambere, urwo rwaruka rutatamba rwirorera kuko hari abategetsi baja babasanga ku kivi bakabatera intege nk’umushikiranganji w’imigenderanire, Ezechiel Nibigira yabasanze bariko bashira ivu mu bumwanya mu gihe bariko baratera imivyaro y’ibiti n’abandi baserukizi b’amakomine bari mu nama mpanuzwajambo za komine. Abel Hatungimana yavuze ko hari urwaruka rwakoreye mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge  kandi rwakoze birashimwa mu gufyaturira amatafari ba ntahonikora bo muri komine Kamenge, cane cane amazone ya Cibitoke, na Buterere. Nabo nyene babikora mu gitindo hanyuma bagafungurirwa igihe c’isaha zitandatu bagakoranira hamwe bakaronswa inyigisho zitandukanye z’ingirakamaro. Mu gusozera, yaramenyesheje ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatunganije umwiherero kuri urwo rwaruka kuva ku wa  28 gushika ku wa 31 Myandagaro 2019. Uwo mwiherero wabereye muri komine Itaba  iri mu ntara ya Gitega. Muri uwo mwihero, ngo ikomine yose yaba yaserukiwe n’umuhanuzi wa musitanteri n’umwe mu rwaruka rwitavye ibikorwa vyo mu buruhuko.  Twobamenyesha ko ivyo bikorwa vyamaze ikiringo kingana n’iminsi 21. Abanyeshure bavyitavye bararonkejwe amakaye hamwe n’umuceri. Abel Hatungimana yavuze kandi ko ivyo bikorwa vyaranguwe n’urwaruka mu buruhuko  bifise agaciro kangana n’imiliyoni ijana na cumi na zitanu n’ibihumbi amajana atandatu na mirongo ibiri (115.620.000 Frs).

Irène Niyongabire

Ouvrir